Ingorane ziri mu cigwa c’umuziki mu Burundi n’icokorwa kugira gitangwe neza

Muscgtg

Kw’itariki 19 /09 /2015,ni ho haba inyigisho zo gukarihiriza ubwenge abigisha bo mu mashure Nshingiro bo mu Burundi bwose. I Gitega kw’ishure ryisumbuye rya ECOSO ahari hakoraniye abigisha bo muri Komine GITEGA, ni ho honyene habonetse umwigisha yize umuziki araheza arigisha abandi uko bazobigenza mu gutanga icigwa c’umuziki. Ezéchiel NDUWIMANA umwigisha akaba n’umuhinga umwe muri cumi baherutse kuronswa impamyabushobozi z’ubuhinga mu muziki kw’ishure kaminuza ry’umuziki « INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA »,akaba ari na we yaciye asabwa kwigisha abandi muri izo nyigisho mu cigwa c’umuziki, aratwiganira ingene vyagenze, ati:

« Nari ngiye gukurikirana nanje ivyo vyigwa nk’abandi bose, nshitse mw’ishure ryigishirizwamo abo mu gisata ca ART na ENTREPRENEURIAT ndicara nk’abandi bose. Abigisha batwigisha bamaze kwidondora numva nta mwigisha w’icigwa c’umuziki arimwo, nca ndabaza ikibazo, nti:<<Ko mwatubwiye abaduha ibindi vyigwa vyose, nkaba ntigeze numva icigwa c’umuziki kivugwa, nta mwigisha waco ahari?>> Umuyobozi w’iryo shure vyabereyemwo ari na we yari arongoye ivyo vyigwa muri iyo shure yaciye anyishura ati:<<Mutubabarire nta mwigisha w’umuziki twaronse kuko mu Burundi nta bize umuziki dufise, no muri mwebwe iyo aba yari arimwo yari guca abitwereka;>>Haciye havamwo umwe avuga ko yabonye uwize mw’Ishure INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA, ashobora gufasha. Ahejeje kundomako urutoke nca ndahaguruka ndivuga. Bose bati :<<Noneho duhiriwe duhishije duciye tumuronka aca adufasha mu muziki.>>Umuyobozi w’inyigisho muri komine GITEGA yaciye ansaba ko nofasha kwereka abigisha uko bazobigenza mu kwigisha umuziki mu mwaka w’icenda. Bampaye urutonde rw’ivyirwa vyo mu mwaka w’icenda nsanga ni ivyigwa bitoroshe gutahura ku mwigisha atigeze yigishwa n’ivyigwa vya mbere. Mpejeje kubereka ingene bazotanga icigwa ca mbere n’ica kabiri mu mwaka w’icenda, abari aho bose baratangaye kubona mu Burundi hari umuntu ashoboye gukora nk’ivyo nari mpejeje gukora, baca basaba umuyobozi w’indero mw’i komine ko yondonderera umwanya nkaza ndaca ku mashure ndabereka ingene bobigenza kuko batabona uko bigenda.« 

Inyuma yo kutwiganira ingene vyagenze, Ezéchiel aratwiganira kandi ingorane yabonye muri ivyo vyigwa:

ati, ingorane twahuye ni nyinshi:

-kwigisha ivyigwa vyo mu mwaka w’icenda, abatabonye ivyo mu mwaka w’indwi n’uw’umunani.

-kwigisha ivyigwa vyo mu mwaka wose, ku musi umwe,

-kwigisha indirimbo ziri ku manota y’umuziki abantu batize amategeko y’umuziki,

-ivyigwa vyo mu mwaka w’icenda bisaba, igicurarangisho citwa  piano, kwigisha uko umwigisha azovuza iyo piano ku musi umwe, kandi n’iyo piano ata yo afise mw’ishure,

Izongorane zose umunyamuziki Ezéchiel ahejeje kudondagura zikaba zigwa ku mwigisha ahabwa kwigisha ivyo atize, mu nyuma bikagaruka ku munyeshure na we.

Twobamenyesha ko mu Burundi bwose abo bigisha bo muri komine Gitega ari bo bonyene bagiriwe ibakwe ryo kuronka ivyigwa na bikeya vy’umuziki bashobora kwireguza imbere y’abana.

Inyishu y’ikibazo co kwigisha neza icigwa c’umuziki mu Burundi akaba ari uko Leta yoza iratunganya buri kwezi ivyigwa vyo gukarihiriza ubwenge abigisha bazotanga ico cigwa, kuko abahinga 10 banonosoye ivy’ubwo bumenyi  bamaze kuboneka mu Burundi, bakaba basohowe n’ishure kaminuza ryigisha umuziki ry’I Gitega « INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA ».

Publicités

Publié par

MUSICOLOGY GITEGA

Ancien professeur de Musique, Justin BARANSANANIKIYE fut l’un des fondateurs de l’Orchestre national du Burundi en 1977. Il a participé à différents programmes inter-africains pour la promotion de la Musique tenus au Niger, au Bénin et au Togo. En 1991, il reçoit son « Doctor of Divinity », et en 1993, son « Doctor of Ministry » de Asia Graduate University and Theological Seminary, ainsi que l’« International Culture Prize in Religion ». Evêque depuis 1999, il est le fondateur de L’INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA en 2013. Il est aussi auteur du livre "THE SWEEPING WAVE", (ISBN : 978-1-4567-8172-9) publié en 2011 aux éditions Authorhouse, Indiana, USA, et aussi "DE L'INANGA A LA GUITARE CLASSIQUE-L'HISTOIRE DE LA NAISSANCE DE LA MUSIQUE BURUNDAISE MODERNE" en 2014.

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s