Ihiganwa rya mbere ry’Umuziki « GOLDEN PIANO DU BURUNDI » (Ibikurikira)

Ishure ry’Ubuhinga bw’Umuziki, INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA, rirateguye Ihiganwa rya mbere ry’Umuziki ku rwego rw’Igihugu ryitwa « GOLDEN PIANO DU BURUNDI », rizohuza abahinga b’Abarundi baririmba bacuraranga PIANO.

INTUMBERO ZARYO :

  • Guteza imbere ubuhinga bwo kwandika, guhingura no kwandika no kuririmba mu manota y’umuziki (Solfège)  indirimbo kama z’Ikirundi.
  • Guteza imbere ubuhinga bwo gucuraranga PIANO mu baririmvyi b’Abarundi.
  • Gushigikira no gufata mu mugongo urunganwe rushasha rw’abaririmvyi n’abacuraranzi b’Abarundi bakorera ku mategeko mpuzamakungu agenga Umuziki.

RIZOBA RYARI ? : Mu kwezi kwa mbere (Nzero 2016). Amatariki azomenyeshwa vuba.

AHO RIZOBERA :  I Gitega.

ABAZORIJAMWO : Ihiganwa ry’Umuziki « GOLDEN PIANO DU BURUNDI » rizojamwo abaririmvyi n’abacuraranzi b’Abarundi bakoresha ubuhinga bwo kwandika no kuririmba, no kuvuza umuziki wanditse mu manota (Solfège) bakoresheje na PIANO. Abo rero bashobora kuba ari :

  • Abaririmvyi bihingurira indirimbo zabo ubwabo (Chanteurs-compositeurs), bazanditse mu manota y’Umuziki (Solfège), bagaheza bakaziririmba bakoresheje PIANO.
  • Imirwi iririmba mu majwi menshi (nka Chorales, Quartets, Trios, Duos,…) yifuza guhiganwa mu buhinga bwo kuririmba indirimbo zabo bwite mu majwi yanditse mu manota y’Umuziki (Solfège)  kandi ikoresheje PIANO gusa.
  • Abahinga b’abacuraranzi ba PIANO (bitwa PIANISTES) bavuza Umuziki biyandikiye ubwabo mu manota.

ICITONDERWA : Imirwi isanzwe yitwa ama « Orchestres » ntiyemerewe kuja mw’Ihiganwa « GOLDEN PIANO ».

UKO BITEGUWE :

Igice ca mbere (éliminatoires)

  1. Abifuza kuja muri iryo Higanwa bose, basabwa kurungikira Umurwi uzorihagarikira (JURY) washizweho na INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA, amanota y’umuziki yanditse y’indirimbo zabo zibiri (2) hamwe na CD iriko izo ndirimbo zicuraranzwe hakoreshejwe PIANO, BITARENZE ITARIKI 15 KIGARAMA (ukwezi kwa cumi na kabiri 2015).
  2. Birungike kuri  INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA, B.P. 197 Gitega, Email: baransajust@gmail.com.

ICITONDERWA : Izo ndirimbo zirashobora kuzokoreshwa mu gice ca nyuma (Finale) hamwe zoshimwa na JURY.

3. Amazina y’abazoba bemerewe kuja mu gice ca nyuma ca « GOLDEN PIANO DU BURUNDI » azotangazwa biciye ku maradiyo no ku mboneshakure itariki 30 Kigarama (ukwezi kwa cumi na kabiri 2015).

IGICE CA NYUMA (Finale)

  1. Ihiganwa bwite rya nyuma (Finale) rizobera i Gitega rimare umusi umwe.
  2. Abazohiganwa bose bazoririmba kandi bacurarange indirimbo zabo zibiri (2) bisunze amanota yazo y’Umuziki (Solfège) bazoba barungikiye Jury. Bazokoresha PIANO gusa.
  3. Umuririmvyi canke Umucuraranzi, canke Umurwi uzotsindira ikibanza ca mbere, utegerezwa kuzobanza no gutsinda kandi mu gace ka nyuma ko kuririmba canke gucuraranga ururirimbo batazi rwanditse mu manota y’Umuziki (Solfège) rutowe mu zindi nyinshi mu buryo bwa TOMBOLA.

IBIZOFATIRWAKO MU GUTANGA AMANOTA

Umurwi utanga amanota (JURY), uzokwisunga ibi bikurikira :

  1. Kuba indirimbo zihiganishwa zanditse neza mu manota y’Umuziki (solfège) zikurikije amategeko.
  2. Ubuhinga zihinguwemwo (Arrangement) mu kuziririmba mu majwi no kuzicuraranga kuri PIANO.
  3. Ukuziririmba canke kuzivuza neza nk’uko zanditse mu manota y’Umuziki (Solfège).

TUBIFURIJE MWESE IHIGANWA RYIZA !

Mgr. Justin BARANSANANIKIYE

Président wa JURY, akaba n’Umuyobozi wa :

INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA

Publicités

Publié par

MUSICOLOGY GITEGA

Ancien professeur de Musique, Justin BARANSANANIKIYE fut l’un des fondateurs de l’Orchestre national du Burundi en 1977. Il a participé à différents programmes inter-africains pour la promotion de la Musique tenus au Niger, au Bénin et au Togo. En 1991, il reçoit son « Doctor of Divinity », et en 1993, son « Doctor of Ministry » de Asia Graduate University and Theological Seminary, ainsi que l’« International Culture Prize in Religion ». Evêque depuis 1999, il est le fondateur de L’INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA en 2013. Il est aussi auteur du livre "THE SWEEPING WAVE", (ISBN : 978-1-4567-8172-9) publié en 2011 aux éditions Authorhouse, Indiana, USA, et aussi "DE L'INANGA A LA GUITARE CLASSIQUE-L'HISTOIRE DE LA NAISSANCE DE LA MUSIQUE BURUNDAISE MODERNE" en 2014.

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s