Ubushakashatsi ku vyokorwa kugira Umuziki w’Uburundi usubizwe akanovera

Ikibazo co gusubiza akanovera Umuziki w’Uburundi carabajijwe kenshi n’Abarundi atari bake bo mu nzego zitandukanye, biraheza biragaragara ko kiraje ishinga abatari bake. None, hari ikirakorwa gushika ubu kugira bumve ko inyishu yoba iriko iraboneka ?

Musenyeri Justin BARANSANANIKIYE, Umwe mu Nararibonye z’Umuziki w’Uburundi yanarongoye mbere Umurwi wa mbere nserukiragihugu mu Muziki (Orchestre national) mu 1977, akaba ari na we yashinze rya Shure ry’ubuhinga bw’Umuziki (Institut de Musicologie de Gitega) asanzwe anarongoye n’ubu, ni we yakoze « Ubushakashatsi ku Vyokorwa kugira Umuziki w’Uburundi usubizwe akanovera ». Ivyo yabishize ahabona mu gitabo kigira kabiri yanditse mu rurimi rw’igifaransa citwa « PRINCIPES D’APPUI A LA RECHERCHE POUR LA PROMOTION DE LA MUSIQUE BURUNDAISE MODERNE ». Muri ico gitabo, arerekana ukuntu bobo bakoze kera bagishinga Orchestre national mu 1977, akavuga kandi n’ukuntu bakora bisunze ubuhinga bw’imvyino n’umuziki kama vy’Uburundi babanje kuja kubirondera mu misozi hagati mu gihugu.

Musenyeri Justin arashimikira cane ku kuntu n’amajambo bobo baririmba mu ndirimbo bahingura ico gihe, yari amajambo yanditse mu Kirundi ciza gihinguye mu mvugo kama ya ba Sokuru, ku buryo n’uwayumviriza aririmbwa wese yumva koko ko abwiwe ijambo ryuzuye kandi rimunyura. Aravuga kandi ko ugufatira ku buhinga kama bwo gucuraranga no kuvyina kw’Abarundi, ari vyo vyari ishimikiro ry’ibindi vyose bongereza mu ndirimbo bahingura, bakazishiramwo n’ibicurarangisho mvamahanga, ariko ntivyice akanovera kama k’ubuhinga kavukire bw’Abarundi. Ati, Ni nde atakozweko n’indirmbo twahinguye ico gihe, nka « Indege irahinda » (twabuye mu murya w’ikembe ryavuzwa mu kiyaya c’Imbo), canke  « Imvumero yawe ni yo ngomagoma » (twabuye ku nanga y’ibihweba twasanze ivuzwa mu bice vya Kiganda, muri Muramvya)?

Musenyeri Justin BARANSANANIKIYE ati « N’ubu birashobora gukorwa neza nka kiriya gihe, ariko rero, Igihugu gikwiye kubanza kwongera kuronka abahinga b’abaririmvyi n’abacuraranzi b’umutima bakunda igihugu cabo, kandi batahura ico ari co kugira ubushakashatsi, bakiha n’ihangiro rirashe ry’ivyo bifuza gushikako, bagaheza bagakorera ku ngingo z’ubuhinga nk’uko abwerekana muri ico gitabo yanditse. Aravuga atomoye, ati, We na Canjo Amissi, na Nikiza David, na Africanova, na Ndirabika Augustin, mbere na Ngabo Leonce, n’abandi, bari bagize umutwe umwe wakora ivyo wumva kandi utahura, ukanasenyera ku mugozi umwe.

Musenyeri Justin BARANSANANIKIYE akarangiza agira, ati: « Ishure ry’Ubuhinga bw’Umuziki, INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA, narishinze mu ntumbero cane-cane yo kwongera guha Igihugu cacu imisore n’inkumi banonosoye neza ivy’ubuhinga bw’umuziki, bazi kuwandika no kuwuririmba ku mategeko, bagatako bakamenya n’ingingo zigenga ubuhinga bw’ubushakashatsi mu gisata c’umuziki. Uko ni ko na barya ba rurangiranwa twumva bo mu bindi bihugu vya Afrika, nka Manu Dibango wo muri Cameroun, canke Youssou N’dour wo muri Sénégal canke ba Mori Kante n’abandi bakoze gushika aho baha agateka gakomeye umuziki w’ibihugu vyabo, bakanawukundisha mu makungu.

Publicités

Publié par

MUSICOLOGY GITEGA

Ancien professeur de Musique, Justin BARANSANANIKIYE fut l’un des fondateurs de l’Orchestre national du Burundi en 1977. Il a participé à différents programmes inter-africains pour la promotion de la Musique tenus au Niger, au Bénin et au Togo. En 1991, il reçoit son « Doctor of Divinity », et en 1993, son « Doctor of Ministry » de Asia Graduate University and Theological Seminary, ainsi que l’« International Culture Prize in Religion ». Evêque depuis 1999, il est le fondateur de L’INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA en 2013. Il est aussi auteur du livre "THE SWEEPING WAVE", (ISBN : 978-1-4567-8172-9) publié en 2011 aux éditions Authorhouse, Indiana, USA, et aussi "DE L'INANGA A LA GUITARE CLASSIQUE-L'HISTOIRE DE LA NAISSANCE DE LA MUSIQUE BURUNDAISE MODERNE" en 2014.

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s