UGUKUNDISHA URWARUKA UMUZIKI KAVUKIRE W’UBURUNDI

Kuba Urwaruka rwa kino gihe rudaha agaciro akaranga kacu ni ikibazo nkoramutima gihanze Abarundi. Si ivy’imbeshere, Urwaruka nta nyota rugirira ikintu cose kiranga imico yacu kama, rwaba ururimi rw’Ikirundi, canke umuziki n’imvyino kavukire, intambo n’imico myiza itandukanye dufise, tutibagiye inyambaro n’imfungurwa z’iwacu. Biragaragara ko iterambere rya kino gihe risa n’iryanigiye mu menshi iragi ba Sokuru badusigiye ry’akaranga n’ubuhinga. Ikibazo twokwibaza ni iki : « Twokora iki kugira dusubize ibintu mu buryo, kandi dukangurire Urwaruka kwongera gutahura no gukunda ivyiza ntangere vyo kuba dufise ibituranga bwite nk’Abarundi, ari na vyo vyaduhaye izina n’icicaro c’iteka mu makungu? Reka dufatire ku muziki.

Kera, aho hambere mu Burundi, wasanga Serugo wese afise kandi azi gucuraranga yaba inanga canke ikembe canke umuduli, canke ibindi. Imisi yose bugorovye, yaravuza igicurarangisho abana bakoranye, bakumviriza. Abana b’abahungu canecane, ni bo baba aba mbere mu kwabura ubwo buhinga bwa Se, hanyuma bukebuke, mu kwimenyereza, na bo bagateba bakazoba abacuraranzi nka we. Ba Inarugo na bo nyene, ntibatangwa mu gikorwa co guha abigeme ubumenyi ntangere bw’ubuhinga bwo kuvyina no gutamba n’ibindi. Ivyo babikora bari kurima canke bariko barakinjika, canke bariko baragana urwarwa canke benga inzoga y’impeke, basekura canke basya, canke bari mu nzira baja kuvoma, canke mu misi mikuru (nk’ubukwe, ukwibarutsa, ukuramukanya n’iyindi), canke mu gihe baba bariko barajisha. Aho hose ni ho abana b’abigeme na bo baburira ubuhinga bwo kuvyina no guhibongoza, no gutamba nk’uko ba nyina bakuze babigira. Rero, Umuryango wonyene, ni wo wari ishure ryemewe mu Burundi bw’aho hambere, mu gutanga ubumenyi mu vy’imico kama n’akaranga mbere no mu bindi vyose.

Ariko rero, si ko bikimeze muri kino gihe. Kukaba nka ko, Imiziki itandukanye y’imvamahanga ni yo yiganje hose, ikaba yarafuse rwose, mbere iranasubirira Umuziki wacu kavukire. Ivyo ntidushobora kubitorera umuti ukundi, tutemeye kwongera kugarukana mu ngo zacu no mu miryango vya bicurarangisho kama vya ba Sokuru. Atari uko, Urwaruka rwacu ruzokomeza n’ubu kwabura ubuhinga bwo kuririmba muri irya miziki ruguma rwumviriza ijoro n’umutaga ku ma CD, ku maradiyo no ku mboneshakure. Ivyo na vyo bikazorushirizaho gutuma akaranga kacu mu muziki kabandanya gutituka no kugenda akagirire. Kugira abana b’Abarundi bakure bakunda Umuziki wabo kavukire, ni ngombwa ko twese twogira umugambi wo kwongera gushira ibicurarangisho vy’ikirundi mu ngo zacu, maze abo bana bagakura babibona, babikorakora, bakanabikinisha mbere, nka kurya abana b’i Bulaya bakura babona kandi bakorakora « Piano » mu nzu iwabo. Ubwenge ndemanwa abana basanzwe bafise, buzotuma bagenda barabura ubumenyi ku majwi kama y’inanga n’umuduli n’ikembe n’ibindi, baheze mbere batangure kuza barahingura uturirimbo bisunze akaranga k’umuziki kavukire, kuko bazoba bakuriye iruhande y’ibicurarangisho kavukire nyene, bakabikunda.

Kubera ko muri kino gihe turiko twubakira ku ruvange rw’imiziki mvamahanga yamaze gushinga imizi mu mitima y’Urwaruka rwacu, biragoye ko n’integuro zigirwa zo kwigisha imvyino n’umuziki kavukire mu mashure zogira ico zihindura. Ariko nitwemera tugasubira guhera ku ntango, tukabiba imbuto z’umuziki kama w’ikirundi mu mitima no mu bwenge bw’abana bacu kuva mu buto bwabo, nta nkeka ko tuzoheza tukimbura muri kazoza abahinga bakunda umuziki w’ikirundi, kandi bazowuteza imbere bawiyumvamwo, batabanje kuwutitura no kwica akaranga kawo. Kuko, naho twokwigisha abahinga b’ibihangange baminuje mu vy’ubumenyi bw’umuziki, nta co vyofasha mu kugarukana Urwaruka ku murongo, tutabanje kwongera guha icicaro Umuziki kavukire wacu mu ngo zacu, ari na ho uguteza imbere Umuziki w’Uburundi kuzohera.

Publicités

Publié par

MUSICOLOGY GITEGA

Ancien professeur de Musique, Justin BARANSANANIKIYE fut l’un des fondateurs de l’Orchestre national du Burundi en 1977. Il a participé à différents programmes inter-africains pour la promotion de la Musique tenus au Niger, au Bénin et au Togo. En 1991, il reçoit son « Doctor of Divinity », et en 1993, son « Doctor of Ministry » de Asia Graduate University and Theological Seminary, ainsi que l’« International Culture Prize in Religion ». Evêque depuis 1999, il est le fondateur de L’INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA en 2013. Il est aussi auteur du livre "THE SWEEPING WAVE", (ISBN : 978-1-4567-8172-9) publié en 2011 aux éditions Authorhouse, Indiana, USA, et aussi "DE L'INANGA A LA GUITARE CLASSIQUE-L'HISTOIRE DE LA NAISSANCE DE LA MUSIQUE BURUNDAISE MODERNE" en 2014.

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s