Abigeme ba mbere batanguye kuririmba muri ORCHESTRE NATIONAL y’Uburundi ni bande?

Abakunzi b’Umuziki w’Uburundi baratubajije iki kibazo c’ukugomba kumenya « Abigeme ba mbere batanguye kuririmba mu Murwi Nserukiragihugu « ORCHESTRE NATIONAL » ugishingwa mu 1977, abo ari bo, hamwe n’ico abigeme b’abaririmvyi ba kino gihe bobigirako muri uwo mwuga ». Twagira rero tubishure mu ncamake, hanyuma tuzoheze twagure iki kiganiro. Kugira turonke inyishu nyayo kuri ico kibazo, twarondeye Musenyeri Justin BARANSANANIKIYE, ari mu ba mbere batanguje « ORCHESTRE NATIONAL Y’UBURUNDI » mu mwaka w’1977, akaba ari na we yashinze kandi arongoye INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA.
URUGANDA RWACU : Musenyeri Justin BARANSANANIKIYE, uri umwe mu bantu batarenga batatu bakiriho, babaye mu ntango z’ishingwa ry’umurwi wa mbere nserukiragihugu mu muziki, ari wo « Orchestre national y’Uburundi » mu mwaka w’1977. Ikibazo cabajijwe n’abakunzi benshi b’akahise k’umuziki w’Uburundi, mwacumvise, none inyishu mubahaye ni iyihe?
Mgr. JUSTIN : Ni vyo, ndi umwe mu batanguje « Orchestre national y’Uburundi » mu mwaka w’1977. Ico gihe nari nsanzwe ndi umwigisha ajejwe Icigwa c’Umuziki muri École Normale yo mu Kibimba, iryo Shure rikaba ari na ryo nizemwo, ndaharonkera ubumenyi bwa mbere muvy’Umuziki, ntaraja kubinonosora mu bihugu vyo hanze. Mu ncamake, hinge gato nibutse uko ibintu vyari bimeze kugira abasoma izi nkuru babitahure neza: Ubushikirangaji bw’Urwaruka, Inkino n’Imico Kama bwari bumaze amezi make gusa bushinzwe kuri Republika ya kabiri (mu kwezi kwa Munyonyo 1976). Imbere yaho nta bwariho. Igisata c’Imico kama cari gifatanye n’Ubushikiranganji bw’Indero. Abategetsi b’ico gihe rero bamaze kubona ingene nakora mu vyo kuririmbisha Chorale y’Ishure, baciye bankura mu gikorwa c’ubwigisha, baraheza banyimurira mu Bushikiranganji bw’Imico kama, ahari umugambi ukomeye kandi mwiza cane wo gushinga Umurwi nserukiragtihugu mu Muziki. Nashitseyo mu kwezi kwa gatanu 1977, tuhahurira n’abandi baririmvyi Ubwo bushikiranganji bwariko buragerageza gukoraniriza hamwe kugira « Orchestre National » ivuke. Abo na bo, yari Kirundo Gérard, Adolphe Bigirimana, Evariste Niyonkuru, Magloire Nibigirwe, bari basanzwe bari mu Murwi rurangiranwa witwa « Akezamutima » wari washinzwe mu Bwiza na Augustin Ndirabika yari Commissaire ajejwe aba Pionniers ba J.R.R mu Biro bikuru vy’Umugambwe Uprona. Uwundi yari Aloys Ndahigeze yaje ava mu mirwi y’abaririmvyi y’i Gitega.
Ubuyobozi bw’akaranga n’imico Kama bwari burongowe n’Umushingantahe Ntambutso Sylvestre, ari na we yakoze vyinshi cane kugira tube « Orchestre National » kandi dutangure gukora bishimishije. Ni na we nyene yafashe ingingo yo kuzana Abigeme boja muri « Orchestre National ». Abo bigeme na bo nyene, bari mu murwi wa mbere Ubushikiranganji bw’Imico Kama bwariko burashiraho ngo uteze imbere imvyino n’intambo z’Ikirundi. Amazina y’abo bigeme BA MBERE baciye binjizwa muri « Orchestre National » ni : Rose TWAGIRAYEZU, Chantal NIYIBIZI, Béatrice MANIRAMBONA, Sidonie NZEYIMANA na Goreth HABONIMANA. Twese rero twari abakozi bwegu bahembwa n’Ubushikirangaji bw’Urwaruka, Inkino n’Imico Kama. Abandi bigeme , baje mu nyuma haciye nk’umwaka.
URUGANDA : Ariko none, ko mutavuze NGABO Léonce na CANJO Amissi, kandi abantu benshi bazi ko abo baririmvyi babiri rurangiranwa bari mu batanguje « Orchestre National y’Uburundi »
Mgr. JUSTIN : Egome, reka ndabibasobanurire neza n’abandi bavyumvireho. NGABO Léonce ntiyigeze aba muri « Orchestre National » nk’umukozi agengwa n’Ubushikiranganji bw’Imico Kama. Yari umunyeshure muri Kaminuza y’Uburundi, ariko abategetsi b’Ubushikiranganji (cane-cane Umwigisha Émile MWOROHA yari aburongoye) bari basanzwe bamuzi kuva aho atsindiye rya Higanwa rya mbere ry’Umuziki ryitwa « Pirogue d’Or de la Chanson » mu 1973. Bama rero bamusaba kuza gufatanya natwe nk’umuririmvyi w’iteka afise ico yotwungura. Ivyo yarabikoze neza cane, ndabimushimira. Ni co gituma NGABO Léonce aboneka turi kumwe twese nka « Orchestre national » kw’ifoto twafotowe umusi tuja kuvugiriza ahabona ubwa mbere, kw’itariki ya mbere Mukakaro 1977, wari umusi wo kwibuka ukwikukira kw’Uburundi. CANJO Amissi na we, mu kwezi kwa gatandatu kw’uyo mwaka w’1977, ni ho yari agiheza Ishure ryisumbuye rya École Normale DON BOSCO i Ngozi. Mu mpera z’ndwi igira kabiri y’ukwezi kwa Mukakaro, ni ho Ubushikiranganji bw’Imico Kama bwatungana na bwo Ihiganwa ryitwa « Concours National de la Chanson », aho CANJO Amissi yaca atsinda avugije rwa ruririmbo « Ntacica nk’irungu ». Narimwo mu bahagarikiye iryo higanwa (Jury). Ubushikiranganji bumaze kubona uwo musore yavuza guitare mu buryo bw’igitangaza, kandi akagira n’ijwi riteye igomwe, bwaciye bumugomwa. Mu kwezi kw’icenda 1977 rero, ni ho CANJO yaduhamvya muri « Orchestre National ». Ibi vyose naravyanditse muri ca gitabo nasohoye mu 2014 citwa « De l’Inanga à la Guitare Classique, l’Histoire de la Naissance de la Musique Burundaise Moderne ».
URUGANDA : Mu kiganiro kizokurikira, Musenyeri Justin BARANSANANIKIYE azotubwira ico abo bigeme ba mbere b’abaririmvyi b’Abarundikazi bamaze, hamwe n’ico abigeme b’abaririmvyi ba kino gihe bobigirako muri uwo mwuga.

Publicités

Publié par

MUSICOLOGY GITEGA

Ancien professeur de Musique, Justin BARANSANANIKIYE fut l’un des fondateurs de l’Orchestre national du Burundi en 1977. Il a participé à différents programmes inter-africains pour la promotion de la Musique tenus au Niger, au Bénin et au Togo. En 1991, il reçoit son « Doctor of Divinity », et en 1993, son « Doctor of Ministry » de Asia Graduate University and Theological Seminary, ainsi que l’« International Culture Prize in Religion ». Evêque depuis 1999, il est le fondateur de L’INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA en 2013. Il est aussi auteur du livre "THE SWEEPING WAVE", (ISBN : 978-1-4567-8172-9) publié en 2011 aux éditions Authorhouse, Indiana, USA, et aussi "DE L'INANGA A LA GUITARE CLASSIQUE-L'HISTOIRE DE LA NAISSANCE DE LA MUSIQUE BURUNDAISE MODERNE" en 2014.

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s