Ibibazo vyabajijwe kw’Ihiganwa ry’Umuziki « GOLDEN PIANO DU BURUNDI »

Hari ibibazo vyatanguye kudushikira ku vyerekeye rya HIGANWA RY’UMUZIKI « GOLDEN PIANO DU BURUNDI ». Twagira tuvyishure, kandi dusabe n’aboba bafise ibindi babitwandikire.

IKIBAZO CA 1 : Mbega IHIGANWA RY’UMUZIKI « GOLDEN PIANO DU BURUNDI » rizoba ku matariki ayahe, kandi rizobera hehe ?

INYISHU 1: IHIGANWA RY’UMUZIKI « GOLDEN PIANO DU BURUNDI » rizobera i Gitega, ku magenerekerezo ya 29 na 30 y’ukwezi kwa mbere (Nzero) 2016. Ku musi wa gatanu itariki 29 Nzero, hazobanza kuba « DEMI-FINALE », izoca ikurikirwa na « FINALE » ku musi wa gatandatu itariki 30 Nzero 2016.

Ariko imbere y’ivyo vyose, twasavye abaririmvyi n’abacuraranzi bifuza kuzorijamwo, ko boturungikira indirimbo zabo zibiri (2) bihinguriye, zanditse ku manota y’umuziki, bagatako bakaturungikira na CD ziriko IMBERE Y’ITARIKI 15 KIGARAMA (ukwezi kwa cumi na kabiri).

IKIBAZO CA 2: Mbega Ihiganwa ritunganijwe gute ?

INYISHU 2: Twari twabisobanuye neza mu rwandiko twashize kuri uru rubuga rwa INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA. Ariko, hinge tubibasubiriremwo:
– Ihiganwa GOLDEN PIANO DU BURUNDI rizoba ku nzego zitatu: Urwego rwa mbere ruzobamwo abaririmvyi bazoririmba umwe umwe ukwiwe, indirimbo ziwe 2 yihinguriye (amajambo n’ijwi), agatako akivugiriza PIANO.
– Urwego rwa kabiri ruzobamwo Abacuraranzi ba PIANO bavuza gusa bataririmba (musique instrumentale), umwe umwe akazovuza indirimbo 2 yihinguriye.
– Urwego rwa gatatu ruzohiganisha abaririmba ari benshi mu mirwi, nka chorale, canke abaririmba ari bane (quartet), canke batatu (trio) canke babiri (duo).
IKIBAZO 3 : Mbega abahiganwa bazotanga indirimbo zanditse mu majwi menshi canke mw’ijwi rimwe gusa ? Mbega zitegerezwa kuba ari rwabo biyandikiye canke baremererwa gukoresha iz’abandi?

INYISHU 3: Abaririmvyi bazoba bahiganwa mu rwego rw’abaririmba ari bonyene, bazotanga indirimbo zanditse mw’ijwi rimwe gusa. Ariko abazoba bahiganwa mu rwego rw’imirwi twavuze iririmbira hamwe, birumvikana ko bazotanga indirimbo zanditse mu majwi yaba abiri, canke atatu, canke ane, canke arenga. Bivana n’uko bazoba bifuza kuziririmba. Nta wemerewe gukoresha indirimbo atari rwiwe yiyandikiye kandi yihinguriye.

IKIBAZO 4 : Iri Higanwa « GOLDEN PIANO DU BURUNDI » ko umengo rizanye ibintu vy’ubuhinga bigoye, tutahora tubona mu yandi mahiganwa y’umuziki, nk’ibi vyo kwandika indirimbo mu manota, no kuziririmba ku manota yazo, ubwo bizoshoborwa na benshi ?

INYISHU 5 : Ikintu cose kigira intango. Nta higanwa na rimwe ry’Umuziki mu Burundi ryari bwigere rikora bene uko. Ibi ni ubwa mbere bibaye. Twagira rero tubonereho kumenyesha abanyamuziki bacu b’Abarundi, ko ugukora umuziki bifise ametegeko vyisunga. Si kurya gupfa kuririmba umuntu yiyumvira ko ariko arakora umuziki kandi ata mategeko akurikiza. Iri ni ryo terambere ry’umuziki wa kino gihe. Twifuza kuronka abaririmvyi n’abacuraranzi bafise ubumenyi n’ubuhinga bw’umuziki bugezweho mu makungu. Bene aba bakorera ku manota y’umuziki ni bo bazoshobora guserukira Uburundi mu mahiganwa akomakomeye y’i Bulaya na Amerika n’ahandi, aho bama bahiganisha abafise ubumenyi nk’ubwo bw’amanota.

IKIBAZO 6 : None, Ihiganwa « GOLDEN PIANO DU BURUNDI » rizohagarikirwa na bande (JURY), ko tuzi ko mu Burundi tutagira abize umuziki ku rwego rwo hejuru, bashobora gusuzuma neza ibikorwa nk’ivyo vyo kuririmba ku manota y’umuziki ? Muzotumako abo mu bindi bihugu ?

INYISHU 6 : Mbe mwibagiye ko INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA imaze gusohora abahinga karuhariwe ba mbere banonosoye ivy’ubwo bumenyi bwo kwandika amanota y’umuziki, no kuyasoma, no kuyaririmba, hamwe n’ubuhinga bwo kwandika indirimbo mu majwi? Abatowe kuzoja muri JURY hafi bose ni abasohotse muri INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA, babizi neza kandi babifitiye impamyabushobozi. Mwumva Uburundi butatanguye gutera imbere mu buhinga bw’umuziki ?

IKIBAZO 7 : Umuririmvyi atazi kuvuza PIANO, ntazoja muri iryo higanwa ?

INYISHU 8 : Uwutazi gucuraranga PIANO, ariko yifuza kuzoja mw’Ihiganwa « GOLDEN PIANO DU BURUNDI » arashobora kurondera uwuzomuvugiriza bagategurira hamwe. Ariko rero muri ico gihe, amanota JURY izofatirako azoca agabanuka kuko wa muririmvyi atazoba yakoze wenyene.

IKIBAZO 9 : Hari n’abandi baririmvyi n’abacuraranzi ba PIANO batazi ivy’amanota y’umuziki, ariko baririmba neza kandi bakavuza neza. Bobo mubavugako iki ?

INYISHU 9 : Nibagire intambuko barondere ababizi babibafashemwo, hanyuma mu wundi mwaka, baje muri INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA, bavyige neza, bazobone gutsinda. Ihiganwa ry’Umuziki « GOLDEN PIANO DU BURUNDI » ryaje kugira ricishe ubwenge abanyamuziki, batangure gukorera ku mategeko yawo.

IKIBAZO 10 : Mbega nk’abadafise uburyo bwo gufatisha indirimbo zabo kuri CD, bizogenda gute ?

INYISHU 10 : Nibageregeze biyungunganye na bagenzi babo canke mu miryango yabo babafashe.

IKIBAZO 11 : Mbe iryo higanwa ni iry’abanya Gitega gusa ?

INYISHU 11 : Oya. Twarabivuze neza, kandi turabisubiyemwo, ni IHIGANWA KU RWEGO RW’IGIHUGU COSE.

IKIBAZO 12 : None PIANO bazokoresha mw’ihiganwa, bazoyizanira ?

INYISHU 12 : Oya, PIANO zizokoreshwa bazozisangaho, zarategekanijwe.

Nous contacter :
INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA
B.P. 197 Gitega, Burundi
Tel : +257 79 877 097 ou +257 77 758 123
E-mail : baransajust@gmail.com
https://musicologygitega.wordpress.com

Publicités

Publié par

MUSICOLOGY GITEGA

Ancien professeur de Musique, Justin BARANSANANIKIYE fut l’un des fondateurs de l’Orchestre national du Burundi en 1977. Il a participé à différents programmes inter-africains pour la promotion de la Musique tenus au Niger, au Bénin et au Togo. En 1991, il reçoit son « Doctor of Divinity », et en 1993, son « Doctor of Ministry » de Asia Graduate University and Theological Seminary, ainsi que l’« International Culture Prize in Religion ». Evêque depuis 1999, il est le fondateur de L’INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA en 2013. Il est aussi auteur du livre "THE SWEEPING WAVE", (ISBN : 978-1-4567-8172-9) publié en 2011 aux éditions Authorhouse, Indiana, USA, et aussi "DE L'INANGA A LA GUITARE CLASSIQUE-L'HISTOIRE DE LA NAISSANCE DE LA MUSIQUE BURUNDAISE MODERNE" en 2014.

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s