Umuziki mu Buzima bw’Abana bato

Iyo tuvuze ijambo UMUZIKI, abantu benshi baca bishiramwo urya muziki canke indirimbo dukunda kwumviriza ku maradiyo canke tubona ucurarangwa ku mboneshakure, canke urya uririmbwa mu Masengero, n’ahandi hose uvugirizwa nko mu bunywero, mu miduga itwara abantu, n’ahandi henshi. Bene uwo muziki, ukundwa cane-cane n’urwaruka rw’imiyabaga hamwe n’abantu bakuze. None abana bato bobo, umuziki ubamariye iki ?

1. Uruyoya na rwo nyene rurumviriza umuziki kandi rukawukunda

Umuziki wa mbere uruyoya rwumva rukivuka kandi rukigirako amajwi twebwe abakuze tudatahura, ni rirya jwi rya nyina. Iryo jwi, umwana muto ararifata neza akarimenya mu mice yose irigize, agahava mbere anarimenyera gushika aho ashobora kuritandukanya n’amajwi y’abandi bantu bose. Ubwo buhinga, umwana arabuvukana, nta ubumwigisha. Iryo ni ishure ry’igitangaza ry’umuziki Imana yashiriyeho inzoya kugira ngo na zo zinjire mw’isi zihimbawe.
Abana b’Abarundi baragiriwe ibakwe ryo gukura bafise ba nyina babavyinira uturirimbo twiza cane twitwa « IBIHOZO ». Utwo tuvyino ba nyina badutera iyo umwana ariko ararira. Uko nyina agenda arabigira ni n’umwana na we ateba agatahura kandi akandika mu bwonko bwiwe ko igihe cose yumvise bene ako kavyino gatewe n’umuvyeyi wiwe, akwiye guca ahora. Mbega si igitangaza kuba umwana w’uruyoya atahura insobanuro y’aya majambo nyina aririmba ngo : « Hora ihorere, mama, hora nkwime mukaso, mukaso ni igikoko, yokuramiza amazi inka za so zitashe », kandi ataranamenya no kuvuga ?

2. Uko umwana akura, ni ko agenda yigishwa amajwi y’umuziki n’ibimukikije.
Ntibidutangaze kuba twama tubona abana bato bakunda kuja gukinira musi y’ibiti, canke mu mirima no mu dufuruka tw’ahantu hatandukanye. Akenshi, kimwe mu bibatuma batora ahantu nk’aho, usanga baba bakwezwe n’utujwi tw’umuziki uririmbwa n’utunyoni, canke n’utundi dukoko dutoduto nk’utujogori n’uduhori. Ayo majwi arakora cane ku mutima w’umwana, na we agaheza akayigirako ingene atandukanya ayaryoshe n’ayamubihira, ayamutera ubwoba n’ayamuhumuriza, gurtyo-gurtyo.

Abana bato barakunda guhagarara iruhande y’amabarabara, atari kuko bakunda kwitegereza ukuntu imiduga irengana yiruka gusa. Hariho n’ukwumva arya majwi y’ukuntu imoteri z’imiduga zihinda, kugira nibataha i muhira, baze gukina bayigana. Murazokwitegereza n’utundi dukino dutandukanye abana bato bakina. Hari aho usanga bakina bigana amajwi y’inyamaswa n’ibitungwa bumvirije, nk’ukwabira kw’impene n’inka, ugukuga kw’imbwa, canke ka kajwi kiyoroheje k’akayabu n’ibindi n’ibindi. Ivyo vyose ni ibitsindagira ubumenyi bw’amajwi atandukanye y’umuziki mu mwana akiriko arakura, bikamwigisha no kuyaha agaciro.

Burya rero abana bato, tubana kw’Isi ariko tudasangiye ukuntu tuyitahura. Abana bato bigira ubumenyi ku kintu ico ari co cose, bakigana vyose, ivyiza co kimwe n’ibibi. Ni co gituma iyo tubonye bariko barakina, bavyina utuvyino canke baririmba uturirimbo bashimye ubwabo tudakwiye na gato kubahinduza canke kubahata ngo ni bavyine uku n’uku. Abana barafise n’ubuhinga bwo kwikosora ubwabo amakosa kanaka y’amajwi y’uturirimbo baririmba. Mu mirwi yabo muzosanga hama hariho umwe ahinduka kizigenza mu tuntu twinshi. Uyo tumwihweje neza, inguvu ziwe tuzisanga cane-cane mu kuba ashobora gutera uturirimbo canke utuvyino, maze abandi bagakurikira. Bavyeyi, namwe mwese mureze ibibondo, nimuze duhe agaciro birya bintu vyiza vyose umwana agenda arungukira mw’ibanga, haba mu gukina aririmba hamwe n’abandi, mu kwinezereza atamba utwo turirimbo, no mu kwigana abakuze mu mico myiza ababonana.

« Dans le doute, il faut choisir d’être fidèle »
(François Mauriac, écrivain français, 1885-1970)

Nous contacter :
INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA
B.P. 197 Gitega, Burundi
Tel : +257 79 877 097 ou +257 77 758 123
E-mail : baransajust@gmail.com
https://musicologygitega.wordpress.com

Publicités

Publié par

MUSICOLOGY GITEGA

Ancien professeur de Musique, Justin BARANSANANIKIYE fut l’un des fondateurs de l’Orchestre national du Burundi en 1977. Il a participé à différents programmes inter-africains pour la promotion de la Musique tenus au Niger, au Bénin et au Togo. En 1991, il reçoit son « Doctor of Divinity », et en 1993, son « Doctor of Ministry » de Asia Graduate University and Theological Seminary, ainsi que l’« International Culture Prize in Religion ». Evêque depuis 1999, il est le fondateur de L’INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA en 2013. Il est aussi auteur du livre "THE SWEEPING WAVE", (ISBN : 978-1-4567-8172-9) publié en 2011 aux éditions Authorhouse, Indiana, USA, et aussi "DE L'INANGA A LA GUITARE CLASSIQUE-L'HISTOIRE DE LA NAISSANCE DE LA MUSIQUE BURUNDAISE MODERNE" en 2014.

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s