Inkebuzo ku Baririmvyi n’Abacuraranzi bacu bo mu Burundi

Ba Sokuru ni bo bayamaze, bati, « Uwambaye ikirezi ntamenya ko cera ». Igihugu cacu c’Uburundi kirafise abaririmvyi n’abacuraranzi beza kandi b’inkerebutsi, bashobora gukora ibikorwa vyiza cane mu guteza imbere umuziki wacu, HAMWE BOKWEMERA GUHABWA UMURONGO W’UKUNTU BOBISHIKAKO KANDI BAKIYEMEZA KUBIKURIKIZA. Ibi vyo kwiterera umwe wese ukwiwe, avuza yigana ivyo yumvise aha canke hariya, nta ho bizodushikana atari ku kuzimangana kw’Umuziki w’Uburundi. Ni kuki tworindira ko bishika iyo hose ?

Twagira twongere dutege amatwi Musenyeri Justin BARANSANANIKIYE, twese dusanzwe tuzi ko yabaye mu bahinga ba mbere b’umuziki mu Burundi bashinze wa murwi nserukiragihugu wa mbere (Orchestre National) wabiciye bigacika kuva mu 1977 no mu myaka yakurikiye. Aherutse kwandika ikindi gitabo kiri mu rurimi rw’Ikirundi, citwa « UGUKORA URURIRIMBO, KUVA MW’ITEGURWA RYARWO GUSHIKA RUSOHOTSE », kikaba kigiye kuzogwizwa kugira gifashe abaririmvyi bacu bo mu Burundi.

Mu ntangamarara y’ico gitabo, agira ati : « Inyuma y’aho mmariye kuba mu mirwi itandukanye yo gutanga amanota ku mahiganwa y’Umuziki yagiye araba mu Burundi uhereye mu mwaka w’ 1977, nasanze ari ngombwa ko nosobanurira neza abaririmvyi n’abacuraranzi bo mu gihugu cacu ba kino gihe, ico ari co « UMUZIKI » vy’ukuri. Kugeza uno musi, hafi bose baracawufata nk’akantu gatoya kagarukira kuri turya turirimbo bavuza mu mirwi yabo mito-mito bita « Orchestre », bakoresheje ibicurarangisho nka « guitare » n’ingoma bita « batterie », na « piano » cane-cane. Mbere nta kindi bazi ko citwa « UMUZIKI » atari ico gusa. Ubwo ni ubutamenya bukwiye gukosorwa, kandi bwatumye hafi abaririmvyi n’abacuraranzi bose dufise mu Burundi (kuri uno munota aka gatabo kanditsweko) batijukira kuwiga ngo bawumenye, babe abahinga bawo.

Uwufashe « guitare » canke « piano » kumara akanya gato gusa, akamenya kwigana tumwe mu turirimbo abacuraranzi rurangiranwa kanaka bo mu bindi bihugu bavugije canke baririmvye, aca asimbira kw’isonga ry’inzu, akiyita ngo abaye umunyamuziki karuhariwe « Musicien professionnel», mbere hakaba n’abandi baca biyita ngo ni aba « Star »(ni ukuvuga ngo inyenyeri). Ubu na ho bakaba bamaze igihe baradukanye irindi ry’ubuhizi biyita ngo ni aba « DJ ». Ayo majambo yose akoreshwa mu buryo bw’amakosa kandi vyongeye, akabiba mu mitwe y’abanyamuziki b’Abarundi ugucurika insobanuro y’ico ari co « UMUZIKI » no kutawubaha.

Kazinduzi zose zo kw’Isi zitanga insobanuro y’ijambo « UMUZIKI », zirahuriza kuri iyi nsobanuro nyamukuru yawo, ngo: « Umuziki ni uguteraniriza hamwe, uyavangavanze, amajwi atandukanye aririmbwa canke acurarangwa, wisunze amategeko kanaka, ku buryo aca aryohera ugutwi kw’abayumviriza». « UMUZIKI » rero urashobora kuririmbwa n’amajwi y’abantu (Ni wo twita Musique Vocale) canke ukavuzwa n’ibicurarangisho kanaka (Ni wo twita Musique Instrumentale). Kugira umuntu amenye neza « UMUZIKI », ategerezwa kwiga amategeko yawo yose, akamenya ibimenyetso vyose bikoreshwamwo, hamwe n’ubuhinga bwo kuwandika no kuwusoma no kuwuririmba.

« UMUZIKI » ufise amashami menshi cane atandukanye kandi adasa. Ayo nayo ikintu nyamukuru ahuriyeko, ni ya mategeko yawo nyene duhejeje kuvuga. Ico twita « UMUZIKI » kandi, ni birya vyose bikorwa bivuye muri uwo mwuga. Hariho rero Umuziki wo mu Masengero (ukoresha cane amanota yanditse), Umuziki wa gisirikare (na wo nyene ni uko), Umuziki bita “Classique” (na wo nyene ukorera ku manota yanditse), Umuziki wa “cinéma” ; hakaba n’Imiziki kama y’ibihugu mbere n’iy’amoko y’abantu atandukanye kw’Isi (musique folklorique), n’iyindi, n’iyindi.

Abipfuza kuba abaririmvyi n’abacuraranzi karuhariwe, bifuza gukora uwo mwuga wabo bawuzi kandi bawumva neza, ni ngombwa baje mu mashure yigisha ubuhinga bw’umuziki, bige amategeko yawo. Turabateye intege rero, ngo binjire muri rya Shure « INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA » ryashinzwe mu mwaka w’2013 hano mu Burundi, rikaba riherutse no kuramura imikangara ya mbere cumi yanonosoye ivy’ubumenyi bw’umuziki.

Iri Higanwa rya mbere ry’umuziki ryitwa “GOLDEN PIANO DU BURUNDI” riteguwe kuzoba mu kwezi kwa mbere (Nzero) 2016, rizokwerekana ku mugaragaro ko Abaririmvyi n’abacuraranzi benshi b’Abarundi, bahora bakora batisunze ubumenyi n’amategeko mpuzamakungu y’Umuziki. Iyo rero ikaba ari imwe mu mvo zakomeje gutuma Umuziki w’Uburundi udatera imbere canke ngo ukomeze kugira akanovera kawo kawutandukanya n’IYINDI MIZIKI dusanga hirya no hino kw’Isi. Ntidushobora kuguma dukora nk’impumyi, mu gihe ibindi bihugu vy’akarere turimwo biriko birahaguruka mu nzego zose bitera bija imbere. Ivy’ukwigana ivyo abandi babiriye akuya, NITUBIREKE, TWIGE UBHINGA BWO GUKORA IVY’IWACU TUZOSHOBORA GUSHORA NO HANZE BIGAKUNDWA N’AMAKUNGU.

Baririmvyi bene wacu, harageze ko dutahura twese ko Uburundi bukeneye incabwenge zize kandi zikanonosora neza ubumenyi bujanye n’igisata c’« UMUZIKI ». Abigeme, abakenyezi, imisore n’abagabo, mwese nimwikangure, mwijukire kuwiga, munonosore ubumenyi bwo mu gisata c’umuziki, turonke n’abazoba abigisha b’ico cigwa mu mashure yo mu gihugu cacu, hamwe n’abazowukora neza bakaduserukira mu mahiganwa mpuzamakungu y’ibihangange bizi “UMUZIKI” koko. Si ivyo gusa, turakeneye n’abahinga b’abashakashatsi muvy’Umuziki, kugira bazokomeze kuba hafi y’abahingura indirimbo nshasha zabuwe mu butunzi bwacu kavukire bwo kuvyina no gucuraranga, maze akaranga kacu k’indirimbo gakingirwe, koye kuguma gatosekara, kagenda akagirire. Iki kiganiro kizobandanya.

« Dans le doute, il faut choisir d’être fidèle »
(François Mauriac, écrivain français, 1885-1970)

Nous contacter :
INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA
B.P. 197 Gitega, Burundi
Tel : +257 79 877 097 ou +257 77 758 123
E-mail : baransajust@gmail.com
https://musicologygitega.wordpress.com

Publicités

Publié par

MUSICOLOGY GITEGA

Ancien professeur de Musique, Justin BARANSANANIKIYE fut l’un des fondateurs de l’Orchestre national du Burundi en 1977. Il a participé à différents programmes inter-africains pour la promotion de la Musique tenus au Niger, au Bénin et au Togo. En 1991, il reçoit son « Doctor of Divinity », et en 1993, son « Doctor of Ministry » de Asia Graduate University and Theological Seminary, ainsi que l’« International Culture Prize in Religion ». Evêque depuis 1999, il est le fondateur de L’INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA en 2013. Il est aussi auteur du livre "THE SWEEPING WAVE", (ISBN : 978-1-4567-8172-9) publié en 2011 aux éditions Authorhouse, Indiana, USA, et aussi "DE L'INANGA A LA GUITARE CLASSIQUE-L'HISTOIRE DE LA NAISSANCE DE LA MUSIQUE BURUNDAISE MODERNE" en 2014.

3 réflexions au sujet de “Inkebuzo ku Baririmvyi n’Abacuraranzi bacu bo mu Burundi”

  1. Ndabakeje bivuye ku mutima!munshikiye kuri vyinshi.ndakunda akaranga n’imico vy’igihugu canje.Ikirundi,ururimi rwa data na mama rukaba agahebuza.ico nsaba ntavuze vyinshi ni ukwo twokwibonanira na nyakubahwa musenyeri Justin Baransananikiye tukayaga imbona nkubone.hari vyinshi tuzoyaga.ndabasavye muzomenyeshe muramutse muza i bujumbura.murakoze.ni uwuserukira vyimfatakibanza urunani rw’urwaruka rwo gusubiza ITEKA N’IKIBANZA IKIRUNDI,IMICO N’AKARANGA BIDASIGAYE INYUMA.Benjamin Havyarimana.

    J'aime

    1. Mugenzi nkundira ndakwipfurize ishaka ‘umwete ku GIKORWA MUGIYE GUKORA ntankeka ko muzohura n’imitego cane ariko izobabere isoko ryishaka mubikorwa mwihaye nanje ka munyeshuri INSTITUT DE MUSICOLOGIE ndakwijeje ko dusangiye icipfuzo co kwambika umuvyey yambuwe umutamana muri vyinshi hama numero wasavye nizirya ziri kuri ico kinyamakuru kand NKANAGUTUMIRA KWISOMERO RYACU « INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA » Nohimbagwa cane uhishkiye maze tukamenyana kuko ndatahura ko dufise ihangro rimwe jewe »UBURUNDI BWARIHO KANDI BWIKWIYE NTANKEKA KO NUBU BWOKWITUNGA BUKARAHURIRA N ABANDI. » Murakoze Ntirampebafrederic@gmail.Com

      Aimé par 1 personne

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s