URUNANI RW’ABARIRIMVYI B’ABARUNDI BAHARANIRA UKUNAGURA AKANOVERA K’UMUZIKI W’UBURUNDI

Hirya no hino hamaze guserurwa kenshi ivyiyumviro vyemeza ko Umuziki w’Uburundi wa kino gihe wamaze guta akanovera kawo. Birakenewe ko ubu na ho hobaho guserura ivyiyumviro vyiza na vyo, tukerekana noneho ibigiye gukorwa kugira habe ihinduka.

Mu biganiro bibiri bijanye n’ico kibazo twanditse kuri runo rubuga mu rurimi rw’igifaransa kw’igenekerezo rya 5 n’irya 7 Munyonyo, twarerekanye imvo nkuru-nkuru zatumye abaririmvyi b’Abarundi ba kino gihe bakora basambura akaranga k’Umuziki wabo. Mu ncamake izo mvo ni izi :

IMVO YA MBERE : Abaririmvyi bo mu runganwe rwa kino gihe nta bwo bigeze baronka akaryo ko kwicarana n’abaririmvyi b’aho hambere bababoneye izuba, ngo bababwire ico bakurikirana mu bikorwa vyabo vy’umuziki, n’ubuhinga bakoresha. Abo bo hambere tuvuga ni abari bagize ya Mirwi ya kera yo kuririmba mu Burundi, ari yo ORCHESTRE NATIONAL na ORCHESTRE AMABANO zabaye rurangiranwa kuva mu mwaka w’1977. Vyumvikana rero ko urunganwe rw’abaririmvyi b’ubu bakora batazi iyo bava n’iyo baja.

IMVO YA KABIRI : Abaririmvyi b’Abarundi ba kino gihe bashira imbere inyungu z’amafaranga. Ntibitaho na gato ivyo guharanira akanovera keza k’indirimbo zishingiye ku karanga k’Uburundi. « Nkore nunguke, ibindi ntibindaba ! », uko ni ko biyumvira.

IMVO YA GATATU : Abaririmvyi b’Abarundi ba runo runganwe bagwa mu makosa bikwegeyemwo ubwabo. Ayo makosa ni ayahe ?
a) Ntibakunda akaranga k’Igihugu cabo kandi ntibemera kugashira imbere mu vyo bakora. Hari n’abatubwiye ko kuririmba mu rurimi rw’Ikirundi ari ugusubira inyuma. Ivyo birababaje cane mu gihe tuzi ko, ibihangange nka ba Manu Dibango wo muri Cameroun, na Miriam Makeba wo muri Afrika y’epfo, na Youssou N’dour wo muri Sénégal, na ba More Kante canke Salif Keita bo muri Guinée na Mali, bamenyekanye mu makungu bivuye ku ndirimbo bakoze bisunze umuziki kavukire wabo, KANDI BAKAZIRIRIMBA MU NDIMI Z’IBIHUGU VYABO.
b) Ntibagomba gufata umwanya uhagije wo kubanza gukora ubushakashatsi bwisanzuye mw’iragi ry’umuziki kavukire Uburundi bufise.
c) Ntibemera na gato kuja mu mashure yobigisha neza ivy’ubumenyi bw’Umuziki bugezweho hamwe n’amategeko yawo n’ukuntu bokora neza, bakaroranirwa.
d) Bakomeza guhendwa n’abantu biyita « ABAHINYANYUZI » (Producteurs) batanavyigiye, baza bihigira amafaranga gusa, bakabasunikira gusohora gihutihuti indirimbo zidafashe kandi zitazorama.

INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA
IGIYE KUVIRA HASI ICO KIBAZO

INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA igiye gutanguza umugambi wo GUSHINGA URUNANI RW’ABARIRIMVYI B’ABARUNDI BAZOHARANIRA KUNAGURA AKANOVERA K’UMUZIKI W’UBURUNDI.

Muti bizogenda gute?

1. Institut de musicologie de Gitega iriko irarondera abaririmvyi bagizwe n’ IMISORE n’ABIGEME biyemeje kwiyunga no gukorera mu Runani rugiye kuzobandanya kugira ubushakashatsi mu Muziki kavukire w’Uburundi, ruhereye aho abaririmvyi b’aho hambere bari bagejeje ico gikorwa nyene.

2. Intara imwe-imwe yose y’Uburundi izoserukirwa n’abaririmvyi batatu muri urwo Runani. Ntibazopfa gutorwa gurtyo; hari ivyo basabwa kuzoba bujuje.

3. Abo baririmvyi bazoca binjizwa muri INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA aho bazokurikirana ivyigwa vyagutse bijanye n’ubuhinga bw’ubushakashatsi bazokora mu Muziki kavukire w’Uburundi, hamwe kandi n’ubuhinga bwa kijambere bwo kuwunagura neza. IVYO VYIGWA BIZOMARA UMWAKA WOSE KANDI BAZOBIHEREGWA IMPAMYABUSHOBOZI.

4. Bahejeje ivyigwa, urwo Runani rw’abo baririmvyi ruzoca rutangura gusohora indirimbo z’akarorero zizovuzwa ku nsamirizi zitandukanye kugira abandi baririmvyi bumvireho.

5. Buri kwezi, urwo Runani rw’abo baririmvyi ruzokwama ruremesha ibiteramo mu Ntara zitandukanye z’Uburundi, rwongere rutange n’ibiganiro ku Rwaruka rwifuza kuzokurikirana umwuga w’uburirimvyi muri kazoza.

INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA irahamagariye rero abaririmvyi bifuza kuzokwinjira muri urwo RUNANI ngo batangure kwiyandikisha guhera ubu. Hazotegurwa ikibazo n’isuzumwa ryo kwemeza ko bakwije ibikenewe kugira binjire muri urwo Runani. Abavyifuza barashobora mbere no kuzokwiserura, bakimenyekanisha muri rya HIGANWA RYA MBERE RY’UMUZIKI “GOLDEN PIANO DU BURUNDI” riteguwe kuzoba itariki 29 na 30 z’ukwezi kwa mbere (Nzero) 2016. NTIMUTANGWE !

« Dans le doute, il faut choisir d’être fidèle »
(François Mauriac, écrivain français, 1885-1970)

Nous contacter :
INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA
B.P. 197 Gitega, Burundi
Tel : +257 79 877 097 ou +257 77 758 123
E-mail : baransajust@gmail.com
https://musicologygitega.wordpress.com

Publicités

Publié par

MUSICOLOGY GITEGA

Ancien professeur de Musique, Justin BARANSANANIKIYE fut l’un des fondateurs de l’Orchestre national du Burundi en 1977. Il a participé à différents programmes inter-africains pour la promotion de la Musique tenus au Niger, au Bénin et au Togo. En 1991, il reçoit son « Doctor of Divinity », et en 1993, son « Doctor of Ministry » de Asia Graduate University and Theological Seminary, ainsi que l’« International Culture Prize in Religion ». Evêque depuis 1999, il est le fondateur de L’INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA en 2013. Il est aussi auteur du livre "THE SWEEPING WAVE", (ISBN : 978-1-4567-8172-9) publié en 2011 aux éditions Authorhouse, Indiana, USA, et aussi "DE L'INANGA A LA GUITARE CLASSIQUE-L'HISTOIRE DE LA NAISSANCE DE LA MUSIQUE BURUNDAISE MODERNE" en 2014.

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s