UKUTUBAHIRIZA AMATEGEKO AGENGA UMWUGA W’UMUZIKI NI IMWE MU NGORANE ZIBUJIJE ITERAMBERE RY’UMUZIKI MU BURUNDI

AMATEGEKO AGENGA IBIKORWA VYOSE BIKOMOKA MU BWENGE BW’ABANTU ari yo twita « DROITS D’AUTEUR ET DROITS VOISINS », ntaraba Igihugu c’Uburundi conyene gusa. Ayo ni amategeko mpuzamakungu yubahirizwa mu bihugu vyose. Ariko birababaje kubona kugeza n’uno musi twebwe Abarundi tuyafata minenerwe, tukayahonyanga, tukayagwiza n’ubusa, kandi ari yo yohaye akarusho n’agashirukabute uwo wese akora ibikorwa kanaka bikomotse mu bwenge bwiwe. Mbega ayo mategeko ariho mu Butungane bw’Uburundi ? Arazwi n’abo bose vyega ? Yarigishijwe bihagije ? Yokurikizwa neza gute ?

Mu bitabo vy’amategeko y’Uburundi, ivya « DROITS D’AUTEUR ET DROITS VOISINS » biranditswe neza kandi biratomoye. Nta na kimwe kitavuzwe mu bigenga ico cose umuntu ba yakuye mu bwenge bwiwe, agaheza akagishira ahabona haba mu buryo bwo kwandika ibitabo canke kubishira mu buhinga ubwo ari bwo bwose bwo kumenyekanisha ivyo yakoze, haba no kubicisha mu ndirimbo, mu ma cinéma, mu gucapa, mu kubumba, n’ubindi buhinga bwinshi bukoreshwa kw’Isi yose. Twagire duce ku masonga bimwe-bimwe gusa abaririmvyi basabwa kumenya no kudakinisha.

Mu ruhande rw’ivy’indirimbo, twagomba guha impanuro no gukebura abaririmvyi bacu bo mu Burundi, cane-cane ABA BARIRIMVYI B’URU RUNGANWE RUSHASHA. Ni ngombwa bamenye ko birya bamaze imyaka bariko barakora, biha uburenganzira bwo kwabura indirimbo z’abandi, bakazihindura uko bashaka, bakazidandaza ata camira, IVYO VYOSE NI AMAKOSA AHANWA N’AMATEGEKO. Kandi bitebe bitebuke, bazobihanirwa. None ivyo bifise izihe ngaruka kw’iterambere ry’Umuziki w’Uburundi tugomba guharanira ?

UBWA MBERE : Ako kageso k’abaririmvyi bo mu Burundi, ko kwama barereka kandi baharura ku vyo abandi bakoze, ngo baheze bubakeko ivyabo, ntigaha na mba Umuririmvyi canke Umucuraranzi ukwaguka mu buhinga bwo kurema (créer) ivyiwe bwite. Arazingamika atabizi ubuhinga ndemanwa afise, agacika ingumba mu gukora indirimbo nshasha uko avyifuje, kandi agateba akikura ubwiwe ku rutonde rw’abandi bahinga nka we KUKO ARI WE UBWIWE ABA YIYUGARIYE INZIRA ZOSE ZO GUKURA NO KWAGUKA.

UBWA KABIRI : Igitangaje rero, nuko abo bafise ako kageso ko kwabura indirimbo z’abandi bagahava mbere banaziyitirira, ata na rimwe bigera basaba nyenezo uruhusha rwo kuzikoresha. UBWO RERO BWITWA UBUSUMA KANDI BURAHANWA N’AMATEGEKO. Amategeko ya « DROITS D’AUTEURS ET DROITS VOISINS » aratomora neza ko, iyo dushaka gukoresha ivyo uwundi muntu yahinguye akabishira ahabona abikuye mu bwenge bwiwe, DUTEGEREZWA KUMUSABA URUHUSHA RWO KUBIKORA. Urwo ruhusha rutangwa mu buryo bwo kwandikirana amasezerano. Nyene ururirimbo arashobora gusaba uwo yifuje gukoresha ururirimbo rwiwe kumuha amafranga kanaka, atari ayo kurugura burundu. Muri ayo masezerano baraheza bakanerekana ukuntu inyungu zizogaburwa bisunze amategeko.

UBWA GATATU : Naho umuririmvyi canke umucuraranzi nyene guhingura indirimbo kanaka aba yaritavye Imana, ayo mategeko ya « DROITS D’AUTEURS ET DROITS VOISINS » arakingira ivyiwe kandi agatomora neza ko ivyiwe bica vyegukira umuryango wiwe, harimwo umugore wiwe n’abana biwe canke abandi baryango bafise ico bapfana ca hafi. Nta muntu n’umwe arekuriwe guca asimbira ku ndirimbo z’uyo nyakwigendera ngo ace azikoresha, azihindure rwiwe, aheze azidandaze uko ashaka, adahawe uruhusha rwanditswe n’umuryango wiwe. Amategeko y’Uburundi mu vya « DROITS D’AUTEUR ET DROITS VOISINS » aratomora neza kandi ko, iyo umuririmvyi yitavye Imana, indirimbo ziwe ziguma ari rwiwe n’abaryango biwe kumara imyaka mirongwitanu (50) amaze kwitaba Imana.

UBWA KANE : Barya bose bihaye kudandaza ku ma CD indirimbo z’abaririmvyi kanaka bakiriho co kimwe n’iz’abatakiriho, ATA RUHUSHA BAHAWE NA BENEZO CANKE N’IMIRYANGO YABO, bose barafatwa n’amategeko kandi ibihano birategekanijwe.

Iyo ngeso yaramaze gukura mu baririmvyi b’Abarundi benshi ku buryo basigaye biha n’uburenganzira bwo kwiba amajwi (mélodies) y’indirimbo z’Abatanzaniya canke iz’Abanyarwanda canke iz’Abanijeriya, bagaca bongerako utuntu dukeya two guhuma amaso Abarundi, ngo bakoze ururirimbo rushasha. Baribagira ko aha nyene mu Burundi hariho abahinga karuhariwe mu vy’indirimbo, bavyigiye kandi babizi neza, kandi bakurikirana uko ivy’indirimbo bigenda muri Afrika no kw’Isi yose, baca babimenya ubwo nyene. Ba sokuru ni bo bayamaze ngo : « UWUBUNDABUNDA ABONWA N’UWUHAGAZE ». Baririmvyi n’abacuraranzi bo mu Burundi, ni kuki mukomeza gukorera mu makosa ? Niwaba utazi ubuhinga bwo gukora ururirimbo (kuba compositeur) , ukaba wifuza kubimenya, URAHAWE IKAZE MURI INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA, uvyigishwe neza, mbere ubihererwe n’impamyabushobozi.

Ivyo vyose twavuze rero, birabangamiye cane iterambere twariko turaharanira ry’Umuziki w’Uburundi. Iyo ngeso yo kurya ivyo abantu batabiriye akuya, yaranazibiye benshi kuja mu Mashure yigisha ubuhinga bw’Umuziki, kuko bagira bati « Naho ntoja kuvyiga, nzokorera ku ndirimbo abandi bazosohora, mpeze nironkere amafaranga ». Mwumva turiko tuva hehe, tukaja hehe ? Ico twomenya co, ni uko bitebe bitebuke ivyo bizohera. Ehe raba, Igihugu cacu carinjiye mu Miryango mpuzamakungu ikomakomeye, itazokwemera ko ako kajagari mu muziki kabandanya gukorwa. N’aya mategeko turiko turavuga, azosubirwamwo, yongerezwe inguvu kugira inyungu z’ivyo bihugu dusangiye umuryango zikingirwe. ICOBA CIZA NI UKO ABARIRIMVYI B’ABARUNDI BOKWIKEBUKA HAKIRI KARE AMAZI ATARARENGA INKOMBE.

Vuba tuzokwegera abahinga banonosoye ivy’amategeko batuyagire kandi batwigishe mu buryo bwagutse ibijanye n’aya mategeko ya « DROITS D’AUTEUR ET DROITS VOISINS ». Mu kurindira, twosaba Abamenyeshamakuru bacu mu Burundi, bagire ibiganiro vyinshi ku nsamirizi zabo, basobanurire abaririmvyi ivy’aya mategeko agenga umwuga wabo.

« Dans le doute, il faut choisir d’être fidèle »
(François Mauriac, écrivain français, 1885-1970)

Nous contacter :
INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA
B.P. 197 Gitega, Burundi
Tel : +257 79 877 097 ou +257 77 758 123
E-mail : baransajust@gmail.com
https://musicologygitega.wordpress.com

Publicités

Publié par

MUSICOLOGY GITEGA

Ancien professeur de Musique, Justin BARANSANANIKIYE fut l’un des fondateurs de l’Orchestre national du Burundi en 1977. Il a participé à différents programmes inter-africains pour la promotion de la Musique tenus au Niger, au Bénin et au Togo. En 1991, il reçoit son « Doctor of Divinity », et en 1993, son « Doctor of Ministry » de Asia Graduate University and Theological Seminary, ainsi que l’« International Culture Prize in Religion ». Evêque depuis 1999, il est le fondateur de L’INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA en 2013. Il est aussi auteur du livre "THE SWEEPING WAVE", (ISBN : 978-1-4567-8172-9) publié en 2011 aux éditions Authorhouse, Indiana, USA, et aussi "DE L'INANGA A LA GUITARE CLASSIQUE-L'HISTOIRE DE LA NAISSANCE DE LA MUSIQUE BURUNDAISE MODERNE" en 2014.

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s