MBEGA ABARIRIMVYI N’ABACURARANZI BO MU BURUNDI BARASHOBORA KUBESHWAHO N’UWO MWUGA WONYENE ?

Iki ni ikibazo cabajijwe kenshi n’abaririmvyi bo mu Burundi ubwabo, ariko kandi kikabazwa n’abavyeyi bamwe-bamwe babona imiyabaga yabo yijukira umwuga wo kuririmba naho ata bumenyi na mba baba bafise muri wo. Hari mbere n’imisore ikuze yatubwiye ko abavyeyi babo bababuza rwose gukurikirana ivy’umuziki, ngo vyoba ari ivyo kubigisha ubuhumbu n’ukunywa ibiyayuramutwe, no guta ubuntu n’urupfasoni.

Umwuga w’uburirimvyi n’ubucuraranzi ni igikorwa ciza cane c’iteka kandi c’icubahiro gikwiye guhurumbirwa n’urwaruka, mbere n’abakuze babishoboye bakajamwo. Kuba umuririmvyi si uguta ibanga canke guta ubuntu na gato. Ababifashe nk’uko nuko bafise imvo n’ibituma bahagararako, kandi bitabavuyeko, ariko vyavuye ku kuntu abitwa abaririmvyi ubwabo bavyifashemwo nabi. MBEGA NONE VY’UKURI ABARIRIMVYI N’ABACURARANZI BO MU GIHUGU CACU C’UBURUNDI BARASHOBORA KUBESHWAHO N’UWO MWUGA, BAKAWUGIRA IHANGIRO RY’UBUZIMA BWABO BWOSE ?

Inyishu ni « Egome ». Burya igikorwa cose iyo citondewe na nyene kugikora, akacitaho, akagitegura kandi akagitunganya neza, KIRAMUBESHAHO. Ni kuki none abaririmvyi bo mu Burundi basa n’aho batemera rwose ko uwo mwuga wabo wobabeshaho?

UBWA MBERE: Ni bo ubwabo bawutesheje agaciro. Muti gute? Igikorwa c’ukuririmba, abaririmvyi n’abacuraranzi bo mu Burundi ni bo bakigize akantu k’agakinisho, aho umuntu uwo ari we wese ahaguruka akiyita umuririmvyi, akigana ivyo yumva abandi bakora, agaca akomerwa amashi, mbere n’ibinyamakuru bigaca bisasirira bimushira hejuru, kandi mu vy’ukuri ata kintu kiboneka c’ubuhinga aba yakoze. Nk’uko twamaze kubivuga mu kindi kiganiro, ako kageso ko gufata indirimbo atari izabo, bakazihotora uko bashaka, bagashiramwo n’ibidahuye n’amategeko y’umuziki, bakanaririmba nabi ururimi rw’Ikirundi, karatesheje rwose agaciro abaririmvyi bacu hamwe n’ivyo bakora. Ivyo vyahavuye bivyara ukudasoneranira hagati yabo nyene. None, naka asohoye ururirimbo rugakundwa, hanyuma hirya y’ejo uwundi akarusubiramwo nabi-nabi, mwumva ataba amwiciye isoko ryo kurudandaza? Nyene kuruhingura no kurwandika bwite, yoheza akabeshwaho gute n’ivyo yabiriye akuya?

UBWA KABIRI: Ukutiga amashure ahagije kw’abaririmvyi benshi bo mu Burundi, ni iyindi mpamvu ituma bakora nabi umwuga wabo, hanyuma indirimbo zabo ntizikundwe n’Abarundi canke abanyamahanga ngo bazigure. Aha ntituravuga ivyo KWIGA AMASHURE Y’UBUHINGA BW’UMUZIKI bwite; turaza kubishikako. Ubumenyi bwo mw’ishure buratuma umuririmvyi yaguka mu vyiyumviro, akaba umushakashatsi w’i bwina, asesangura ivyo yoririmbako, akiga kandi akamenya n’ubuhinga bwo gutahura uko abantu (auditoire) bakira kandi bagashima indirimbo ziwe, atari ugupfa kubatsindagirako ibintu yakoze gihutihuti, nk’aho umengo ntibagira ubwenge bwo gutandukanya ibiryoshe n’ibitaryoshe. Umuririmvyi yize amashure ahagije, arafata umwanya ukwiye wo kugendagenda mu bantu, akabacaca, akumviriza neza ivyo bavuga ku ndirimbo ziririmbwa, agaheza akamenya ivyo baba biteze ku baririmvyi. Aho ni ho kandi aheza agategura neza ibihuye n’ivyo bashaka, bibaryohera, BIMWE BICA BITUMA BAKORA KU MUFUKO BAKAGURA INDIRIMBO ZIWE. Baririmvyi bo mu Burundi, mukwiye gukora umwuga wanyu mufise koko intumbero yo kudandaza indirimbo zanyu. Ntitwongere kwumva muvuga ngo “Abarundi nta mafaranga bagira, ntibagura indirimbo zacu”. Oya ico ni ikinyoma. Tembera mu ngo hirya ni hino, murabe ama “ALBUMS” baguze y’indirimbo zo mu bihugu vyo hanze, muce mwibaza muti “Ni kuki batadushoreye twebwe bakaja kugura ivyo hanze?”

UBWA GATATU: Abaririmvyi bo mu Burundi, baranse pe ivyo kuja mu mashure yigisha ubuhinga bw’Umuziki nk’iri rya INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA. Barakubwira bivuye inyuma ngo n’uwutize umuziki arawukora kandi akunguka. Ngibi bimwe mu vyo uwize Ishure ry’Umuziki azi kandi asumvya uwutaryize:
– Aba yarize amategeko mpuzamakungu y’Ubuhinga bw’umuziki, akamenya gutegura neza amajwi y’indirimbo, no gutegura neza amajambo aririmba atiseka, hamwe kandi no kwubaka ivyiyumviro aririmba mu buryo bubereye butahurika, agatako akabiririmba bitomoye, agashika ku ntumbero. Fatira akarorero ku ruririmbo “SAGAMBA BURUNDI” rwa Ngabo Léonce, hamwe na “UMUGABO W’UKURI” rwa Canjo amissi, murabe ukuntu umuziki wazo n’amajambo bijana, n’ukuntu baduga kw’ijambo, bagatomora neza ico batumbereye kubwira ababumviriza. Raba ubwenge Ngabo yakoresheje harya yaririmvye ngo “OYA SI AGAHUGU, NI IGIHUGU CIFASHE”, na Canjo agira ati “UMUGABO W’UKURI NTARANGWA N’URUCUMU, ARANGWA N’IBIKORWA, YAMA AVUGA UKURI”.

– Kuba yarize ubuhinga bw’umuziki, bimuha kandi gushobora kwiga no kwimba mu buhinga abandi baririmvyi bo kw’Isi bamusumvya igikenye bakoresheje mu guhingura indirimbo zabo. Arashobora gusoma no kwiyungura ubumenyi mu bindi bitabo bitandukanye vy’umuziki. Aho araheza akahungukira, akamenya uko yohingura iziwe kugira zironke isoko no hanze y’Igihugu.

– Na birya rero twavuze ku ngingo ya kabiri, aba azi kubikoresha neza.
UBWA KANE: Abaririmvyi bo mu Burundi barashobora kubeshwaho neza n’uwo mwuga wabo, hamwe bohagurukira rimwe bagakora indirimbo nziza ziryoheye ugutwi n’umutima, hanyuma bagatangura kwiyegereza abanyamitahe b’Abarundi kugira bemere gushiramwo amafranga, ngo UMUZIKI W’UBURUNDI UBE UWODANDAZWA KU MASOKO MPUZAMAKUNGU KURYA DUSHORA IKAWA. Erega barya ba Miriam Makeba na ba Manu Dibango n’abandi ba rurangiranwa twumva ni ko bakoze. Ariko twibuke ko kugira ikawa y’Uburundi ikundwe mu makungu, ari uko iba yarakorewe neza kuva mu mirima, igatabirwa, igapompwa, ikanikirwa neza, ikabikwa neza, kugira igire karya kanovera yisangije gakundwa ku masoko yo hanze.
N’umuziki ni uko nyene. Mbega abaririmvyi bo mu Burundi baricara hasi bagakora neza indirimbo zabo, bakazitosora, bagashiramwo intabire y’amajwi meza ajanye n’amategeko, n’ururimi rwabo ruririmbwe neza, bakazishira abahinga bazikosora, bakazimenyekanisha mu kuja mu mahiganwa yo hanze? Ni nde mugwizatunga azokwemera gushira umutahe wiwe mu ndirimbo zidakozwe ku buhinga no ku mategeko vyotuma yizigira kwunguka azishoye hanze?

Iki ni co gituma ku rutonde rw’ivyigwa bitangwa muri INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA, hashizwemwo icigwa gikomeye cane citwa « ENTREPRENEURIAT MUSICAL », cigisha ibikorwa bitandukanye biri mu buhinga bw’umuziki (Métiers de la Musique). Ivyo vyigwa biratanga ubumenyi bw’ukuntu UGUKORA UMUZIKI bitoba akantu gato k’ubusabusa, ariko ko ari igikorwa gikoranirwako n’abahinga batandukanye bashika cumi baminuje mu muziki, kugira URURIRIMBO URWO ARI RWO RWOSE RUBONE GUSOHOKA RWUJUJE IBIKENEWE VYOTUMA RUKUNDWA KW’ISIKO Y’UMUZIKI.

« Dans le doute, il faut choisir d’être fidèle »
(François Mauriac, écrivain français, 1885-1970)

Nous contacter :
INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA
B.P. 197 Gitega, Burundi
Tel : +257 79 877 097 ou +257 77 758 123
E-mail : baransajust@gmail.com
https://musicologygitega.wordpress.com

Publicités

Publié par

MUSICOLOGY GITEGA

Ancien professeur de Musique, Justin BARANSANANIKIYE fut l’un des fondateurs de l’Orchestre national du Burundi en 1977. Il a participé à différents programmes inter-africains pour la promotion de la Musique tenus au Niger, au Bénin et au Togo. En 1991, il reçoit son « Doctor of Divinity », et en 1993, son « Doctor of Ministry » de Asia Graduate University and Theological Seminary, ainsi que l’« International Culture Prize in Religion ». Evêque depuis 1999, il est le fondateur de L’INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA en 2013. Il est aussi auteur du livre "THE SWEEPING WAVE", (ISBN : 978-1-4567-8172-9) publié en 2011 aux éditions Authorhouse, Indiana, USA, et aussi "DE L'INANGA A LA GUITARE CLASSIQUE-L'HISTOIRE DE LA NAISSANCE DE LA MUSIQUE BURUNDAISE MODERNE" en 2014.

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s