UMUGAMBI WO GUFASHA ABARIRIMVYI MU GIKORWA CO KWANDIKA NEZA AMAJAMBO BARIRIMBA MU RURIMI RW’IKIRUNDI

UMUGAMBI WO GUFASHA ABARIRIMVYI MU GIKORWA CO KWANDIKA NEZA AMAJAMBO BARIRIMBA MU RURIMI RW’IKIRUNDI

Nk’uko twabimenyesheje abaririmvyi n’abacuraranzi mu ruganda twari twagiranye na bo itariki 28 Nzero muri uno mwaka w’2015 muri Palais des arts et de la Culture i Bujumbura, INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA, iriteguye n’ubu gufasha umuririmvyi wese yifuza kwandika neza amajambo mu rurimi rw’Ikirundi ashaka kuririmba mu ndirimbo ziwe. Ico ni imwe muri za « Métiers de la Musique » twigisha abanyeshure bacu, yitwa kuba « PAROLIER ».

Dushobora gukora ibintu bibiri :
1. Umuririmvyi yanditse amajambo y’ururirimbo rwiwe, akaba abona ko atujuje neza iciyumviro yifuza kuririmbako, ashobora kurutuzanira tukamufasha kwongera kwubaka ico ciyumviro ciwe guhera ku ntango, tukamwereka n’ingene yogitomora, akacagura neza, akagiheza ku buryo abazokwumviriza urwo ruririmbo rwiwe bazogira bati, Vy’ukuri yaranditse amajambo atomoye, yumvikana kandi ari mu kirundi ciza.

2. Hari n’abaririmvyi bitorohera kwandika amajambo boririmba naho boba
bashoboye guhingura amajwi (mélodies) y’indirimbo zabo. INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA irafise amajambo ateguye yanditse neza mu Kirundi ciza, umuririmvyi uwo ari we wese ashobora KUGURA agaheza akayakoresha mu ruririmbo rwiwe. Ivyo rero bica mu masezerano yanditse kugira twubahirize ya mategeko ya « DROITS D’AUTEUR ET DROITS VOISINS ».
Hamwe n’ ivyo, INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA irongera kandi igafasha n’abaririmvyi mu kubaha indirimbo zanditswe mu majwi no mu majambo (Paroles et mélodies) baheza bagashobora kuririmba. Izo na zo nyene barazigura kandi hagasinywa amasezerano yo kuzikoresha ahuye na ya mategeko twavuga ya « DROITS D’AUTEURS ET DROITS VOISINS ».
Abafise ibibazo bene ivyo, babona ko bohakura akarusho kubw’igikorwa cabo c’uburirimvyi, barahawe kaze, begere INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA ibafashe. Hari n’izindi mpanuro nyinshi zijanye n’umwuga w’umuziki duheza tukabaha kugira zibafashe. Burya ba Sokuru ntibabeshe : « UBWENGE BURARAHURWA ! »

« Dans le doute, il faut choisir d’être fidèle »
(François Mauriac, écrivain français, 1885-1970)

Nous contacter :
INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA
B.P. 197 Gitega, Burundi
Tel : +257 79 877 097 ou +257 77 758 123
E-mail : baransajust@gmail.com
https://musicologygitega.wordpress.com

Publicités

Publié par

MUSICOLOGY GITEGA

Ancien professeur de Musique, Justin BARANSANANIKIYE fut l’un des fondateurs de l’Orchestre national du Burundi en 1977. Il a participé à différents programmes inter-africains pour la promotion de la Musique tenus au Niger, au Bénin et au Togo. En 1991, il reçoit son « Doctor of Divinity », et en 1993, son « Doctor of Ministry » de Asia Graduate University and Theological Seminary, ainsi que l’« International Culture Prize in Religion ». Evêque depuis 1999, il est le fondateur de L’INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA en 2013. Il est aussi auteur du livre "THE SWEEPING WAVE", (ISBN : 978-1-4567-8172-9) publié en 2011 aux éditions Authorhouse, Indiana, USA, et aussi "DE L'INANGA A LA GUITARE CLASSIQUE-L'HISTOIRE DE LA NAISSANCE DE LA MUSIQUE BURUNDAISE MODERNE" en 2014.

Une réflexion au sujet de « UMUGAMBI WO GUFASHA ABARIRIMVYI MU GIKORWA CO KWANDIKA NEZA AMAJAMBO BARIRIMBA MU RURIMI RW’IKIRUNDI »

  1. Turabakengurukiye kwako kigorm muriko murakorera igihugu ariko ubwo buhinga muriko murazana ubwo ntibuzimvye kodusanzwe dufise n abarimvyi badashobora kubeshwaho n’umuziki? Burya mu Burundi naho tutaririmba ikirundi ciza, turacakenye abaguzi b’umuziki. Duhava twishurana ngo ntibashimisha abaguzi mugabo ivyo nzakwemera .Ibikorwa vyiza murakoze NIHAMAMAZWE UBURUNDI NIVYABWO BIHIMBAYE KWUMVIRIZA.

    J'aime

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s