IBIRANGA UMURIRIMVYI NYAWE : Ijwi ry’uwuririmba ni ryo shingiro ry’ururirimbo

IBIRANGA UMURIRIMVYI NYAWE : Ijwi ry’uwuririmba ni ryo shingiro ry’ururirimbo

Kubera ko IJWI ry’umuririmvyi ari ryo shingiro ry’icitwa ururirimbo cose, ni ngombwa dutahure kandi tumenye neza ukuntu rikwiye gukoreshwa twisunze amategeko agenga umuziki uririmbwa. Muri rusangi, IJWI ni ryo gicurarangisho gikuru ndemanwa umuntu afise. Abantu atari bake baravukana ingabire yo kugira ijwi ryiza ariko abandi ntibabironke. Naho bimeze gurtyo, na barya twita abaririmvyi rurangiranwa barazi neza ko bategerezwa gukora no kugira imyimenyerezo kenshi kugira ntibatakaze iyo ngabire y’ijwi ryiza. Ijwi rirangwa n’ibi bikurikira:

1. Ico twita «timbre»: Ni ukuvuga akarangankomoko k’ijwi iryo ari ryo ryose twumva. Ako ni ko gatuma dushobora gutandukanya ijwi rya Nikiza David n’irya Canjo Amissi, canke irya Africanova n’irya Ngabo Léonce, canke irya Justin Baransananikiye n’irya Christophe Matata. Hariho amajwi dusanga arongorotse n’ayandi dusanga asa n’ayiyugaye, ayandi ahwahutse n’ayandi umengo n’ayayingira.

2. Ico twita «volume» : Ni ubukomezi ijwi riririmbanwa. Ariko rero, tumenye ko ijwi riririmbwe n’inguvu nyinshi riruhisha abaryumviriza. Ijwi na ryo ritumvikana, rituma abaryumviriza barinda kwigora kugira baryumve. Ivyo rero birashobora gutuma kandi abumviriza batabiha agaciro.

Ntivyoroshe guhindura « TIMBRE » na « VOLUME » ndemanwa ijwi ry’umuntu rifise. Ariko ico umuntu ashobora gukora ni ukumenya ubuhinga bwo gukoresha neza ivyo bintu bibiri, ari bwo twita «Maîtrise des Effets de la Voix». Ubwo buhinga bugizwe cane-cane n’ibintu bitatu twita : Intonation, articulation, débit, n’ibindi.

a) Intonation : Ni ubuhinga bwo kuduza canke kumanura ijwi igihe uriko uraririmba, kugira werekane ukuntu urwiyumvamwo (traduire les sentiments). Mu Muziki kandi hariho ubuhinga twita « NUANCES », buduha kumenya guhindura ijwi ryacu mu kuriha inguvu canke kuryorosha kugira riryohere abatwumviriza canke ribashike ku mutima canke ritume barushirizaho kunyurwa n’ivyo turiko turaririmba.

b) Articulation : Ni ubuhinga bwo kuvuga dutomora neza amajambo turiko turaririmba, atari birya duharaye kwumva mu ndirimbo nyinshi vyo kuvugira mu ntamatama no mu mazuru, canke guhindura imvugo kama y’ijambo gushika aho ritaba rigitahurika. Abaririmvyi benshi ntibatahura ko igihe baririmba baba bariko barumvirizwa kandi bakurikirwa n’isinzi ry’abantu ryifuza gutahura neza ivyo baririmba.

c) Débit : Ni umurindi umuntu akoresha mu kuvuga amajambo. Umuririmvyi na we nyene burya aba ariko aravuga ijambo. Abahinga bavuga ko umurindi ugenda bukebuke ushira mu mitima y’abatwumviriza ikintu gituma baha uburemere ivyo tuba turiko turaririmba. Baravuga kandi ko kuririmbana umurindi unyaruka akenshi bibiba mu bantu ikintu co kubakangura no kubashwangamura, ariko ahandi na ho, bikababibamwo ukudatekana mu mutima. Twebwe abaririmvyi, dukwiye rero kumenya neza ukuntu twogenda turahindagura umudiho (rythme) turirimbamwo, kugira ururirimbo rwacu ntirugume umengo ni ikintu gifise ibara rimwe gusa (monotonie) gihava kikanarambira abatwumviriza.

d) Pause na silences: Ubu ni ubuhinga bwigishwa mu mategeko y’umuziki, buha abaririmvyi kumenya kuruhuka ahakenewe ko baruhuka, canke kunuma aho bikenewe. Birakenewe cane ko bavyiga.

Publicités

Publié par

MUSICOLOGY GITEGA

Ancien professeur de Musique, Justin BARANSANANIKIYE fut l’un des fondateurs de l’Orchestre national du Burundi en 1977. Il a participé à différents programmes inter-africains pour la promotion de la Musique tenus au Niger, au Bénin et au Togo. En 1991, il reçoit son « Doctor of Divinity », et en 1993, son « Doctor of Ministry » de Asia Graduate University and Theological Seminary, ainsi que l’« International Culture Prize in Religion ». Evêque depuis 1999, il est le fondateur de L’INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA en 2013. Il est aussi auteur du livre "THE SWEEPING WAVE", (ISBN : 978-1-4567-8172-9) publié en 2011 aux éditions Authorhouse, Indiana, USA, et aussi "DE L'INANGA A LA GUITARE CLASSIQUE-L'HISTOIRE DE LA NAISSANCE DE LA MUSIQUE BURUNDAISE MODERNE" en 2014.

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s