INTAMBUKO NKURU-NKURU TWOKWISUNGA KUGIRA IJWI RYACU RIRONGOROKE.

INTAMBUKO NKURU-NKURU TWOKWISUNGA KUGIRA IJWI RYACU RIRONGOROKE.

1. Kumenya ubuhinga bwo guhema neza iyo turiko turaririmba. Ukumenya ubuhinga bwo guhema neza ni ikintu nyamukuru mu gikorwa co kuririmba. Imbere yuko umuririmvyi atangura kuririmba, akwiye kubanza guhema neza agashikana, kugira aronke impwemu zihagije zo gushobora guheza iryungane aba agiye kuririmba (Phrase musicale). Rero, wewe muririmvyi, ukwiye kugira imyimenyerezo ku musi ku musi, uza urahema ku buryo n’inda yawe ijamwo. Urabe ko igihe winjije impwemu mu mazuru yawe, inda yawe na yo ikurikira ikuzura. Kugira usuzume ko ivyo biriko biragenda neza, urashobora gushira ikiganza cawe ku nda igihe uhema. Fata iminota nka cumi ku musi ku musi ugire uwo mwimenyerezo, uhagaze canke wicaye. Mwari muzi ko uwuririmvye adahema neza ngo ashikane, aheza agakora amakosa yo kuririmba adashika neza ku manota?

2. Gufata igihagararo ciza kibereye umuntu agira aririmbe. Nk’uko abahinga benshi mu vy’Umuziki bavyigisha, vyoba vyiza ko mu kuririmba, twohagarara tugororotse. Ivyo bituma kwa guhema kwacu kwiyagura kandi kwidegemvya. Izi ngingo na zo nyene tuzitondere :
– Twugurure neza akanwa kacu, ururimi na rwo turureke rwidegemvye
– Tworoshe ibitugu bise n’ibikoroka
– Twugurure akanwa kurya kw’umuntu agira yayure, kugira impwemu zirengane ari nyinshi

3. Kubanza kumenyereza IJWI imbere yuko dutangura kuririmba.  Si vyiza namba gupfa kugwa ku ruririmbo utabanje gutegura IJWI ryawe ngo rize kworoherwa. Banza umenyereze ijwi uririmba buhoro-buhoro uturirimbo dutandukanye uzi, ata nguvu nyinshi ushiramwo, ariko ugenda urahindagura, unaduga bukebuke. Uhere kw’ijwi ryo hasi uduga uja ku majwi yo hejuru.

4. Guha Ijwi ryacu ikiriranga kitazohinduka rizokwamana. Menyereza ijwi ryawe kuririmba amajwi yose (turaza kuyavugako mu buryo bwagutse mu gice ca kabiri), bishobotse wifashishe igicurarangisho kanaka. Urashobora guhera kw’inota Do ryo hasi ukaduga gushika aho wumva ko utagishobora kwongera kuduga. Wongere kandi umanuke gushika kw’inota ryo hasi rishoboka. Umenyereze ijwi ryawe kuririmba amanota yose n’ama dièses yayo. Wame ubikora uko nyene udahengeshanya imisi yose.

UKO TWOBUNGABUNGA IJWI RYACU

1. Kwama tunywa amazi akwiye. Nta ho uzokwigera ushika ku ntambuko yo kuririmba neza mu gihe unywagutse mu mubiri. Naho woba wavukanye ijwi ryiza, nta kizovamwo utamenyereye kunywa amazi menshi, n’imiburiburi ibirahure nka munani (8) ku musi. Ntukanywe inzoga canke ikawa igihe ugiye kuririmba kuko ivyo birushirizaho gutuma umubiri wuma.

2. Irinde kunywa amata n’ibindi birimwo amata n’isukari igihe ugiye kuririmba. Birya twita « yaourt », na « fromage » canke ya mabalafu anunuzwa, bituma mu mihogo yacu huzura ibintu bitandukanye, bidaheza ngo bitworohereze na mba mu kuririmba, tutibagiye imibe myinshi biheza bikadutera.

3. Irinde kunywa itabi. Uretse ko itabi ryonona amahaha yacu n’ibindi bihimba vyumubiri, ukurinywa kuratubuza guhema neza igihe tuba turiko turaririmba. Ukunywa itabi kurumutsa imihogo, ivyo na vyo ntivyobura kugira ingaruka mbi kw’ijwi ryacu.

4. Gira imyimenyerezo myinshi yo kuririmba. Naho vyoshika ukabura umwanya wo kwama ushusha ijwi ryawe canke uririmba ku musi ku musi, gerageza wame ukora imyimenyerezo yo guhema kumwe twabivuga haruguru. Uwo mwimenyerezo wawe uzotuma ijwi ryawe rirushirizaho kugenda riraba ryiza.

5. Twirinde kuririmba duhata ijwi ryacu, turirinde gusarara. Uguhata kenshi ijwi ryacu tugerageza kuririmba amanota ari hejuru cane canke ayari hasi cane, bironona ya mirya ndemanwa (cordes vocales) umuntu wese asanzwe afise mu muhogo. Iyo uriko uraririmba, ugaheza ukumva utanguye kubabara mu mihogo, canke utanguye gusarara canke kuza urakorora, ca uhagarika.

Publicités

Publié par

MUSICOLOGY GITEGA

Ancien professeur de Musique, Justin BARANSANANIKIYE fut l’un des fondateurs de l’Orchestre national du Burundi en 1977. Il a participé à différents programmes inter-africains pour la promotion de la Musique tenus au Niger, au Bénin et au Togo. En 1991, il reçoit son « Doctor of Divinity », et en 1993, son « Doctor of Ministry » de Asia Graduate University and Theological Seminary, ainsi que l’« International Culture Prize in Religion ». Evêque depuis 1999, il est le fondateur de L’INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA en 2013. Il est aussi auteur du livre "THE SWEEPING WAVE", (ISBN : 978-1-4567-8172-9) publié en 2011 aux éditions Authorhouse, Indiana, USA, et aussi "DE L'INANGA A LA GUITARE CLASSIQUE-L'HISTOIRE DE LA NAISSANCE DE LA MUSIQUE BURUNDAISE MODERNE" en 2014.

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s