Photo prise le 1er Juillet 1977 dans les jardins du Palais du 1er Novembre a Bujumbura.

MBEGA ABARUNDI BOKWIZIGIRA KUZOBONA HONGERA KUVUKA IYINDI « ORCHESTRE NATIONAL Y’UBURUNDI » ?

Abakunzi benshi b’umuziki w’Uburundi muri kino gihe baraganira cane kuri ico kibazo, co kimwe mbere n’abaririmvyi atari bake. Twasanze ari ngombwa ko natwe twokivugako kuri runo ruganda rwa INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA rugenewe kumenyekanisha no gushira hejuru umuziki w’Uburundi. Kuba rero Abarundi baganira cane kuri iki kibazo, birerekana ko bashimishijwe n’ibikorwa vyiza vyakozwe na wa murwi witwa “Orchestre national” ya mbere yari yashinzwe mu Bushikiranganji bw’Imico kama mu 1977, aho yari irongowe na Justin BARANSANANIKIYE.

Imwe mu mvo nkuru zituma abakunzi b’umuziki w’Uburundi biha ico kibazo, ni uko tugeze mu bihe vy’aho babona ukuntu imiziki yo mu bindi bihugu yinjiye cane mu Burundi, igashika n’aho itesha abaririmvyi n’abacuraranzi bacu intumbero bategerezwa gukurikirana yo guteza imbere umuziki w’ikirundi bwite. Aho bagaheza bakagira, bati “Mbega kazoza k’umuziki w’Uburundi koba kiyumvirwa gute n’ababijejwe?” Mu mwaka w’1977 aho “Orchestre national” ya mbere yashingwa, Abarundi bose barabishimye, barahimbarwa, kandi bagira ivyizigiro aho bumviye indirimbo za mbere uwo murwi wahinguye ukazishira kw’Iradiyo y’Igihugu, hakaba harimwo nka, Indege irahinda, Imvumero yawe ni yo ngomagoma, Ntacica nk’irungu, Umugabo w’ukuri, Ingo ncuti, ingo ummare ibicuro, n’izindi, n’izahinguwe mu myaka ibiri yakurikiye, nk’izitwa: Nkandira, Agacaca karanteze, Incuti irahumuriza, Mpaye umukenyezi, Ngira mpere Udusiga, n’izindi.

Ivyo bikorwa vyiza vy’akarorero bigishimwa gushika uno musi, vyashobotse kuko “ORCHESTRE NATIONAL” yari igizwe n’abaririmvyi bari bazi neza umwuga wabo, bakaba bari bahuje intumbero, bakunda cane kandi biyumvamwo umuziki w’igihugu cabo. Abo baririmvyi n’abacuraranzi ni: CANJO Amissi (Compositeur, chanteur et guitariste), KIRUNDO Gérard (Compositeur, chanteur et guitariste), Justin BARANSANANIKIYE (Compositeur, chanteur et organiste/pianiste) , Magloire NIBIGIRWE (alias Buddy, bassiste et arrangeur), Adolphe BIGIRIMANA (Compositeur, chanteur, guitariste et arrangeur), Emmanuel SINDAYIGAYA (Compositeur et chanteur), Jean-Pierre MISAGO (2e bassiste), Evariste NIYONKURU (batteur), Aloys NDAHIGEZE (guitariste), Jacques Dutronc (2e batteur) na Bernard NTAHOMBAYE (Chanteur, guitariste). Aha rero, tutibagiye ba bigeme ba mbere baririmba muri uwo murwi, ari bo Rose TWAGIRAYEZU, Chantal NIYIBIZI, Béatrice MANIRAMBONA, Sidonie NZEYIMANA, Pélagie CISHAHAYO, Goreth HABONIMANA. Vyari bihimbaye cane.

Naho abaririmvyi b’Abarundi ba kino gihe boba bifuza kwongera kubona hashingwa umurwi nk’urya wa « ORCHESTRE NATIONAL », ikibazo kiracahari kuko abo bose bo muri uru runganwe ata n’umwe yabonye uwo murwi canke ngo awigireko ubuhinga wakoresha mu guhingura indirimbo zigikundwa cane gushika n’ubu. Muri abo bari bawugize, bane bonyene ni bo bakiriho, ari bo, Justin BARANSANANIKIYE, Rose TWAGIRAYEZU, Magloire NIBIGIRWE (alias Buddy) na Goreth HABONIMANA. Magloire na Goreth bakaba baba mu bihugu vyo hanze.

Bose uko ari bane, barahuriza kuri ibi vyiyumviro ku bijanye n’ishingwa rya Orchestre national nshasha muri kino gihe. Bagira bati : « BIRAKENEWE CANE KO LETA Y’UBURUNDI YOKWONGERA KUGIRA AKIGORO KO GUSHINGA ‘ORCHESTRE NATIONAL NSHASHA’ yofata mu minwe igikorwa gihambaye co kunagura no guteza imbere umuziki w’Uburundi, no kuwusubiza akanovera kawo wamanye. Uwo murwi ni wo kandi wobera akarorero abaririmvyi b’Abarundi ba kino gihe mu kubereka ingene ubushakashatsi bwo kunagura umuziki wacu bukorwa. Ariko rero, ishingwa ryawo ritegerezwa kwisunga intambwe imaze gushikwako mw’iterambere ry’umuziki kw’Isi, kugira abaririmvyi b’Abarundi ntibaboneke ko bakiri inyuma y’abandi. Bati, rero kugira ivyo bishikweko neza, nuko abotorwa kuja muri ‘ORCHESTRE NATIONAL NSHASHA’ bobanza guca mw’ishure ry’umuziki, bagahabwa ubumenyi buhagije muri ico gisata, bakongera bakigishwa neza ivyigwa vya Industrie musicale (ni vyo bijanye n’uguhiganisha no kudandaza umuziki ku masoko mpuzamakungu), kugira babone kure nk’abo mu bindi bihugu, maze babashe guhagararira neza ico gisata. »

Publicités

Publié par

MUSICOLOGY GITEGA

Ancien professeur de Musique, Justin BARANSANANIKIYE fut l’un des fondateurs de l’Orchestre national du Burundi en 1977. Il a participé à différents programmes inter-africains pour la promotion de la Musique tenus au Niger, au Bénin et au Togo. En 1991, il reçoit son « Doctor of Divinity », et en 1993, son « Doctor of Ministry » de Asia Graduate University and Theological Seminary, ainsi que l’« International Culture Prize in Religion ». Evêque depuis 1999, il est le fondateur de L’INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA en 2013. Il est aussi auteur du livre "THE SWEEPING WAVE", (ISBN : 978-1-4567-8172-9) publié en 2011 aux éditions Authorhouse, Indiana, USA, et aussi "DE L'INANGA A LA GUITARE CLASSIQUE-L'HISTOIRE DE LA NAISSANCE DE LA MUSIQUE BURUNDAISE MODERNE" en 2014.

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s