UBUHINGA BWO GUTEGURA URURIRIMBO

UBUHINGA BWO GUTEGURA URURIRIMBO

Imbere yuko dutandukira icigwa cerekeye UBUHINGA BWO GUTEGURA URURIRIMBO, ngizi IZINDI MPANURO NGIRAKAMARO ziyongera ku zo twatanze, umuririmvyi wese akwiye kwisunga mu gukora umwuga wiwe:

• Gerageza urondere uburyo bwo gufata ijwi ryawe ku mashini uriko uraririmba (canke mbere no mw’itelefone yawe), uheze wame wiyumviriza, urimenyere, ubeho urizi neza. Ivyo vyogufasha kugira ico uhinduye hamwe vyokenerwa.

• Niwaba naho wumva koko ko wifuza gushishikara gushika aho woba umuririmvyi rurangiranwa, ntutinye kwiyandikisha mw’ishure kanaka ry’umuziki (naho ryoba iryigisha ku mugoroba gusa), kugira wige vyinshi. Urashobora kandi kurondera ama « vidéos » menshi aboneka ku buntu kuri Internet yigisha ubuhinga butandukanye bwo guhingura ijwi ku baririmvyi.

• Urashobora kandi no kwironderera Umwigisha w’ubuhinga bwo kuririmba, yogufasha, akaza aragukosora yongera aguha n’imyimenyerezo myinshi yo guteza imbere ijwi ryawe utaryononye.

• Hariho n’ibitabo vy’ubwoko bwinshi vyigisha ubuhinga butandukanye bwo kuririmba, bikaguha n’imyimenyerezo myinshi myiza, wokwigurira ukabikoresha i muhira.

NTITWIBAGIRE N’IBI NA VYO :

1. Turirimbe ku buryo abantu botwumva neza bitagoranye: Ijwi ryacu rero, rikwiye kuba rirya nyene ndemanwa, ntiturihate ngo rije hejuru cane canke ngo turimanure hasi cane. Ribe irisanzwe kandi ritekanye, kurya dusanzwe tuvuga iyo turiko turayaga n’abandi.

2. Turirimbe ku buryo abatwumviriza botahura neza amajambo turiko turaririmba : Burya, naho benshi batavyitaho, ukuvuga neza amajambo turirimba ni uburyo bwiza cane kandi nyamukuru butuma umuririmvyi akundwa n’abamwumviriza. Ururirimbo rurashobora kuba rufise umuziki mwiza w’igitangaza, ariko rukononekarira kandi rugapfira mu majambo. Twiteho cane rero gutegura neza ukuntu turirimba amajambo yacu, tuyatandukanya neza iyo bikenewe, twongera tuyafatanya ahakenewe. Nk’uko twamaaze kubivuga, twige kandi no guhema neza igihe turirimba. Ntitukigere dutangura iryungane iryo ari ryo ryose ry’ururirimbo rwacu (phrase musicale), tutabanje kwinjiza impwemu zikwiye mu mahaha yacu. Ico ni co gitoro duheza tugakoresha gituma ijwi ryacu ridatakaza umurongo gushika tugiye gutandukira irindi ryungane.

ICIGWA CEREKEYE ITEGURWA RY’URURIRIMBO

Umuntu agitangura vyonyene kwiyumvira ku co yoririmba (Thème) canke kwubaka ijwi (mélodie) kanaka ry’ururirimbo, urwo ruririmbo ruba rutanguye kubaho, ARIKO RUTARAVUKA. Ni nka kurya kw’imbanyi y’umuvyeyi. Umwana ntatangura kubaho urya musi tubona avukiyeko, Oya. Umwana aba yari ariho guhera kuri wa munota nyina yasamirako imbanyi.
Kubw’ivyo rero, nk’uko umuvyeyi yibungenze ategerezwa gukurikiranwa n’umuganga, ni ko n’ururirimbo RUTEGEREZWA KWITONDERWA NO KWUBAKWA NEZA HAKURIKIJWE AMATEGEKO Y’UBUHINGA BW’UMUZIKI, UHEREYE UMUSI RUTANGURIYE KUBAHO. Imbanyi y’umuvyeyi iyo idakurikiranywe neza, ngo aze aravurwa indwara zitandukanye ahura na zo, ishobora kuvukamwo umwana afise ubumuga kanaka, canke akavuka atageze, canke akaza yapfuye.
No mw’ITEGURWA RY’URURIRIMBO ni uko nyene bigenda. Hari indirimbo nyinshi zivuka (zisohorwa), ugasanga haracari ibibuzemwo kuko ziba zitateguwe nk’uko amategeko y’umuziki avyigisha (ubwo ni bwo bwa bumuga). Izindi, ugasanga zisohorwa gihutihuti kubwo gushaka kwirukira kuronka amafaranga gusa (Uko ni kwa kuvuka zitageze). Izindi na zo zigasohorwa ari urwamo gusa, ata n’uwushobora gutahura neza ibiririmbwamwo ivyo ari vyo, canke zuzuyemwo amakosa, haba mu buryo ziririmbwe canke zicuraranzwemwo (Uko ni ukuvuka zipfuye).
• Ubuhinga bwo Kwandika Amajambo y’Indirimbo Turirimba.
Igikorwa co kwandika amajambo y’indirimbo turirimba kirahambaye cane co kimwe n’ico guhingura amajwi yazo. Abaririmvyi benshi bo mu Burundi muri kino gihe baracafata minenerwe ico gikorwa, bigatuma ukuririmba kwabo guta akanovera, kugatako kugatitura n’ururimi rwacu rw’Ikirundi. Ni ngombwa rero ko abaririmvyi bacu bose bokwigishwa neza kandi bagatahura « Ubuhinga nyabwo bwo kwandika amajambo baririmba », bagatangura no kubukoresha.

Ikibazo ca 1 : Mbega umuririmvyi yobanza kwandika amajambo imbere yuko ahingura amajwi y’ururirimbo rwiwe, canke yohera ku Muziki atarandika amajambo ? »
Ikibazo ca 2 : Ni ubuhe Buhinga umuririmvyi yokoresha kugira ngo amajambo yanditse ahure neza n’Umuziki yifuza kuyaririmbamwo ?
• Akamaro Amajambo afise mu Ruririmbo
Abahinga benshi b’ivy’indirimbo baremeza ko « ukwandika amajambo y’ururirimbo ari co gikorwa kigoye cane ku baririmvyi ». Kukaba nkako, amajambo ni co kintu nyamukuru umuziki w’ururirimbo ushingirako kugira ugire insobanuro. Ntitugafate amajambo y’ururirimbo nk’akantu gato gasanzwe, ahubwo guhera ubu, dutahure ko afise ibikorwa bihambaye bikurikira :
– Kwumvisha abumviriza ururirimbo rwacu ubutumwa kanaka burimwo ;
– Kubumvisha ubuhinga bw’amajwi (mélodie) tuba twaruhinguyemwo ;
– Kuba umugozi ufataniriza hamwe ingingo zose zigize ururirimbo.
Nitwaba rero twifuza ko amajambo y’indirimbo zacu yuzuza ivyo bikorwa bitatu duhejeje kubwirwa, dutegerezwa kuyandika twisunze izindi ngingo zigize ururirimbo muri rusangi, ari zo : Amajwi yarwo (mélodie), Uburyo turucuraranga (accompagnement), hamwe n’umurindi warwo (rythmique). Igihe cose wandika amajambo uzokoresha mu ruririmbo rwawe, suzuma neza witonze, urabe ko ibi vyose bikwiye. Tuvavanure n’akageso ko gukora umengo ntitwitwariritse rwose ivyo dukora.
• Ukwitondera kwandika Amajambo meza azoshimwa n’abazoyumva
Reka twongere tubisubiremwo dushimitse, tuti : UKWANDIKA AMAJAMBO AZOKORESHWA MU RURIRIMBO KANAKA, ntibicongere gufatwa nk’igikorwa c’ukwikura. Tubikore dutekanye, twiyumviriye, dufise intumbero kandi twishimikije amategeko y’ubwanditsi, adufasha gutuma ivyo turirimba bitahurika, bikongera bikaboneka ko bifise iyo biva n’iyo bija. Umuntu yumvirije indirimbo nyinshi z’abaririmvyi bacu ba kino gihe ngaha mu Burundi, asanga abanditse amajambo yazo baticaye hasi ngo bitonde, bayiyumvireko, bayanoganze kandi bayahe intumbero irashe. Ariko wumvirije ivyakozwe n’Abaririmvyi b’Abarundi b’aho hambere bari bagize Orchestre Akezamutima yatangujwe na Ndirabika Augustin mu Bwiza mu 1974, hamwe n’abo muri Orchestre National yari yashinzwe n’Ubushikiranganji bw’Urwaruka, Inkino n’Imico Kama mu 1977, hamwe kandi na Orchestre Amabano yashinzwe n’Insamirizi y’Uburundi mu 1978, USANGA VY’UKURI ATA HO BIHURIYE N’IVY’UBU MU BUHINGA BWO KWANDIKA AMAJAMBO BARIRIMVYE. Mbega ivyo biva ku ki ? Tuzovyihweza mu kindi cigwa kizokurikira.

Publicités

Publié par

MUSICOLOGY GITEGA

Ancien professeur de Musique, Justin BARANSANANIKIYE fut l’un des fondateurs de l’Orchestre national du Burundi en 1977. Il a participé à différents programmes inter-africains pour la promotion de la Musique tenus au Niger, au Bénin et au Togo. En 1991, il reçoit son « Doctor of Divinity », et en 1993, son « Doctor of Ministry » de Asia Graduate University and Theological Seminary, ainsi que l’« International Culture Prize in Religion ». Evêque depuis 1999, il est le fondateur de L’INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA en 2013. Il est aussi auteur du livre "THE SWEEPING WAVE", (ISBN : 978-1-4567-8172-9) publié en 2011 aux éditions Authorhouse, Indiana, USA, et aussi "DE L'INANGA A LA GUITARE CLASSIQUE-L'HISTOIRE DE LA NAISSANCE DE LA MUSIQUE BURUNDAISE MODERNE" en 2014.

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s