(Igice ca 2) : ICIGWA CEREKEYE ITEGURWA RY’URURIRIMBO

(Igice ca 2) : ICIGWA CEREKEYE ITEGURWA RY’URURIRIMBO

Usangwa twifuza ko umuziki w’Uburundi wa kino gihe usubira ku kanovera kawo bwite uhabwa n’ubuhinga bwo kuvyina no gucuraranga kwa ba sokuru, ni ngombwa ko abaririmvyi bahingura indirimbo na bo nyene bokwiga uko bokwabura kuri ubwo buhinga nyene twarazwe. Nta ruvyino na rumwe rwa ba sokuru uzosanga rurimwo iciyumviro cubatswe igice, kitujuje ico baba bashaka kuvuga. Ukuntu abaririmvyi b’Abarundi ba kino gihe bakora, aho usanga baguma basubiramwo amajambo atanahuye mbere n’umutwe w’ururirimbo rwabo, bikwiye gukosorwa.

Dufatire ku ruririmbo « NTACICA NK’IRUNGU » rwa Canjo Amissi, ari narwo rwatsinze IHIGANWA RY’INDIRIMBO ryo mu 1977, ryari ryatunganijwe n’Ubushikiranganji bw’Urwaruka, Inkino n’Imico Kama.

« Bana b’iwacu, bana b’iwacu, ntacica nk’irungu ;
Bana b’iwacu, bana b’iwacu, ntacica nk’irungu ;
Ntacica nk’irungu, ntacica nk’irungu.
Ntacica nk’irungu, ntacica nk’irungu.

Umuhungu yakunze umukobwa yemwe,
Umukobwa nawe aramukunda ;
Ngo buno umwansi aratera,
Umusore aja mu rugamba :
Bari baramubariye,
Bari bamugize bati :
Aho uzogarukira,
tuzomuguha mubane !
Aho uzogarukira,
tuzomuguha mubane !

Umusore, ngo aragenda mu rugamba bahungu,
Umutima uri mu nda;
Yafora umuheto bikanka,
Yatera icumu bikanka:
Wa mukobwa aho ari,
Umutima ugasimba,
Amaganya aba menshi,
Atangura kuririmba, ati:

Bana b’iwacu, bana b’iwacu, ntacica nk’irungu;
Bana b’iwacu, bana b’iwacu, ntacica nk’irungu;
Ntacica nk’irungu, ntacica nk’irungu.
Ntacica nk’irungu, ntacica nk’irungu.
Mana y’iwacu, Mana y’iwacu,
Nzokwama ndagusenga!
Mana y’iwacu, Mana y’iwacu,
Nzokwama ndagusenga!
Ngiye kwicwa n’ intuntu,
Intuntu y’uwo nakunze;
Ngiye kwicwa n’intuntu,
Intuntu y’uwo nakunze!

Urugamba rurarema rurarema yemwe,
Umwansi na we aratera:
Ng’iyo imwampi iragurutse,
Amacumu aragoba;
Wa musore ageramiwe,
Yibuka uwo yakunze,
Ati: Mpfuye yemwe, mpfuye yemwe,
Mpfuye nishwe n’irungu!
Ati: Mpfuye yemwe, mpfuye yemwe,
Mpfuye nishwe n’irungu!

Umukobwa, ngo avyumve, ngo avyumve, bahungu,
Umutima uramwanka!
Inkokora ziracika,
Amarira aricunda.
Ati: Woba umpize tutajanye;
Yiha umugozi arahwera,
Urukundo rwabo, urukundo rwabo, ruherera aho!
Urukundo rwabo, urukundo rwabo,ruherera aho!»

Uru ruririmbo, Canjo yarwabuye ku Gitito c’Ikirundi gisanzwe kizwi. Igitito ni umugani uvuga inkuru kanaka z’ivyabaye kera. Rero, kugira ashike aho yubaka uru rukurikirane rw’amajambo meza afise intango n’iherezo bitomoye, yabanje kwandika ca Gitito cose uko yacumvise. Ahejeje ivyo, yaciye yegeranya ivyiyumviro bikuru-bikuru bigize wa mugani, ari vyo vy’ibi :

– Incamake y’ikivugwa muri uyo migani ;
– Wa musore ari ku rubuga rw’intambara;
– Urupfu rw’uyo musore;
– Urupfu rwa nya mukobwa.

Ibi rero ni vyo twita UMUSHINGE W’URURIRIMBO, ari na wo Canjo yaciye yubakako ubuhinga bwo kuririmba ya majambo nyene uwaciye uwo mugani agenda aravuga. Ivyo ni vyo vyamushoboje kuyatondeka neza, akayaha umuziki biberanye wabuwe ku ruvyino rwa ca gitito nyene, kandi uyatomora neza. Twibuke ko Ibitito muri rusangi, bigizwe n’ukuvuga mu majambo uko inkuru yagenze, hanyuma nyene kukivuga akaza aracishamwo agace gatogato, aho aza aravyina amajambo aguma agaruka, ameze nk’iteranirizo ry’iciyumviro kivugwako cose. Ako gace na ko ni karya Canjo aza aragarukana kavuga ngo:
“Bana b’iwacu, bana b’iwacu, ntacica nk’irungu. Ntacica nk’irungu, ntacica nk’irungu!” Vyari ngombwa ko yubahiriza ubuhinga bwa ba sokuru kugira aronke ururirimbo rufise akaranga kama k’Ikirundi. Ni kuki mwebwe baririmvyi b’Abarundi ba kino gihe mutokwabura namwe ku bindi bitito vyinshi Umuziki kama w’Uburundi utunze?

Publicités

Publié par

MUSICOLOGY GITEGA

Ancien professeur de Musique, Justin BARANSANANIKIYE fut l’un des fondateurs de l’Orchestre national du Burundi en 1977. Il a participé à différents programmes inter-africains pour la promotion de la Musique tenus au Niger, au Bénin et au Togo. En 1991, il reçoit son « Doctor of Divinity », et en 1993, son « Doctor of Ministry » de Asia Graduate University and Theological Seminary, ainsi que l’« International Culture Prize in Religion ». Evêque depuis 1999, il est le fondateur de L’INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA en 2013. Il est aussi auteur du livre "THE SWEEPING WAVE", (ISBN : 978-1-4567-8172-9) publié en 2011 aux éditions Authorhouse, Indiana, USA, et aussi "DE L'INANGA A LA GUITARE CLASSIQUE-L'HISTOIRE DE LA NAISSANCE DE LA MUSIQUE BURUNDAISE MODERNE" en 2014.

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s