(Igice ca 4) : CEREKEYE ITEGURWA RY’URURIRIMBO

(Igice ca 4) : CEREKEYE ITEGURWA RY’URURIRIMBO

Indirimbo zakozwe zitondewe mu buryo nk’ubwo turiko turigira ku baririmvyi b’Abarundi b’aho hambere, zobura gute kuba iza mbere mu mahiganwa, kandi zikaba n‘intibagiranwa mu mitima y’abantu?

DUTAHURE NEZA IBI : Ururirimbo urwo ari rwo rwose rugizwe n’ibintu bine, ari vyo : Amajwi tururirimbamwo (mélodie), Ubuhinga duheza tukarucurarangamwo, (Accompagnement), Umurindi rugenderako (Rythmique) n’Amajambo (Paroles).

Ariko naho imwe-imwe yose muri izo ngingo ifise igikorwa cayo yiharije, ntizishobora gutandukanywa kuko imwe yose yenena ku yindi kandi zikaba zubatse ikintu kimwe c’intamenwa. Ukwandika amajambo meza rero, bisobanurwa ko ari uguha ururirimbo rwacu ico rwari rubuze kugira rube urwuzuye neza.

Baririmvyi, ntimugahirahire ngo mufate minenerwe igikorwa co kwandika amajambo y’indirimbo zanyu. Uretse ko muba musa n’abasambuye ingingo imwe mu zizigize, muba muhaye izo ndirimbo ishusho y’ubumuga. Vyongeye, muba mwatse indirimbo zanyu ububasha bwo kubwira abantu, no kwerekana iciyumviro canyu canke ikiba kiri mu mitima yanyu, canke inkuru kanaka mwashaka gushikiriza.
• Mbega twokwandika amajambo y’ururirimbo rwacu imbere canke tumaze guhingura amajwi y’umuziki warwo?
Kuri ico kibazo, abantu bafise ivyiyumviro bitandukanye; bamwe bakagira uburyo bashima gusumba ubundi. Reka tuvuge kuri kimwe-kimwe ukwaco, hanyuma umuntu wese aze yihitiremwo:

Ubuhinga bwa mbere: Ni ubuhinga bushingiye ku Kwandika amajambo imbere yuko duhingura umuziki w’ururirimbo.

Muri ico gihe umuririmvyi aba ahaye ikibanza gikuru amajambo yifuza kuririmba. Kugira rero ururirimbo rwiwe rube urukwiye, bimusaba ko umuziki aza kuruha wisunga amajambo, akaba ari yo wenenako, ukubahiriza ukuntu asanzwe avugwa (musicalité).

Ubu buhinga bushingiye ku kumenya guhuza neza ijwi n’ijambo. Kugira uyo yanditse ayo majambo abishobore, ategerezwa gusoma kenshi nya majambo kugira agende arumviriza ivyo twokwita utujwi dutoduto dusanzwe (naturelles) ayo majambo agenda aramuha. Iyo rero amaze kwubura utwo tujwi n’urukurikirane rwatwo, aca atwagura, akadushimikirako, akadukoresha mu guhingura ijwi ry’ururirimbo rwiwe (mélodie).

Ubuhinga bwo kwandika amajambo y’indirimbo mu bihugu biteye imbere vya Bulaya na Amerika n’ahandi, buhagaze ku mategeko y’ubwanditsi twita «Poésie». Ubu buhinga ni ubwo kwandika amungane agenda areha mu burebure.

Akarorero: Nda-ku-nda’U-Bu-ru-ndi bwa-nyi-ba-ru-tse (11)
Nzo-bu-bu-nga-bu-nga (6)
Si-nzo-kwi-ge-ra nda-bu-he-mu-ki-ra (11)
Ni i-ra-gi na-ha-we! (6)

N’abaririmvyi bamwe b’Abarundi rurangiranwa tuzi, barashimikiye kuri ubwo buhinga bwo kwandika amungane y’amajambo areha mu burebure. Ivyo bibafasha iki? Hinge tubanze turabire kuri aka karorero ka Canjo Amissi mu ruririmbo rwiwe, Umugabo w’Ukuri, aho agira ati:

Umugabo w’ukuri (7)
ntarangwa n’urucumu (7)
Umugabo w‘ukuri (7)
arangwa n’umutima (7)
Akama avugwa neza (7)
mu bantu bose (5)
Umugabo w‘ukuri (7)
ntarangwa n’urucumu (7)
Umugabo w‘ukuri (7)
arangwa n’umutima (7)

Abakoresha ubu buhinga cane-cane ni abaciye mu mashure bakiga ivyo vyigwa vya Poésie, aho baheza bakamenya uko abanya Bulaya n’ahandi babikora. Intumbero yavyo, ubwa mbere, ni ukuryosha ayo majambo mu gutsimbataza mu gutwi kw’abumviriza urukurikirane rwiza ruguma rugaruka, nka kurya umuntu asanzwe ahema. Iyindi ntumbero, ni uko bama baca barondera amajambo ahezwa kumwe, bakayashira ku mpera y’amungane akurikirana canke bakagenda basimba rimwe-rimwe, bigaheza bigahurirana n’irindi bakoze uko nyene, bikaryohera ugutwi. Ubwo ni ubuhinga bw’abo banyamahanga.
Akarorero:

«Tout près du lac filtre une source,
Entre deux pierres dans un coin;
Allègrement l’eau prend sa course,
Comme pour s’en aller bien loin».
(Kanditswe na Théophile Gautier)

Turamaze kwumva n’abaririmvyi bamwe b’Abarundi , muri kino gihe batanguye na bo nyene kuza barigana ubwo buhinga bw‘abanyamahanga, mu kuririmba amajambo ahezwa kumwe ku mpera y’amungane y’indirimbo zabo. Ivyo twobivugako iki? Ubuhinga bene ubwo, nta bwo dusanga muri “Poésie“ kama y’Ikirundi. Rwacu bumeze ukundi, ariko abaririmvyi ba kino gihe ntibabwitaho.

Rabira akarorero k’uyu yivuga amazina :

« Kuva kera na rindi,
Abarundi bamye bagendera akabanga.
Simbangikanya n’ukujijikiranya
Njijura abatakazi barakabaza,
Abakazi bakakinovora,
Bakibuka intwari zarwaniye akaranga k’Ukuburundi.
Sindindira ndimbanya ivyuzuye
Sinzura akaboze nzibukira ikibi,
Nkiyegereza akaranga kanyibutsa akabanga!
Nkundira ngukundishe akaranga k’aho hambere Aho nabaho utarabaho…».

Ubuwo ni bwo buhinga dusanga mu Mazina y’Ikirundi, mu Bicuba, mu Nanga n’ibindi aba kera babukoreshamwo. Iyo ni yo «Poésie y’Ikirundi kama ». Abaririmvyi bacu ba kino gihe bariko baratuzanira ivyomekerano babuye mu vy’ibindi bihugu, ariko bitebe bitebuke, bazotahura ko bihenze mu kuba barasize inyuma ivy’iwabo kandi ari vyo amakungu abitezeko. Hari Umuziki abakiri bato bakunze cane muri bino bihe witwa RAP, ubakwega cane mu gukoresha ubwo buhinga bwa Poésie y‘imvamahanga:

Raba akarorero k’iyi y’uwitwa BIG ZOE  aririmba, ati:

« Uburundi ni igihugu si ikibuga
Ubutegetsi si akazi ni ibanga
Umurundi, ni nde yoba akunda Uburundi…
Akiyumvira ivyiwe maze akibuka n’abandi »

Turahamagariye rero abaririmvyi b’Abarundi, kugaruka ku Karanga kacu, bakijukire, bakishimikize mu guhingura indirimbo zabo, bateko bagateze imbere. Muri iryo siganwa ryo kurondera kumenyekana, benshi muri bo twasanze baratituye imvugo y’ururimi rwacu rw’Ikirundi. Si ivyo gusa. Hariho n’irindi kosa ribi cane tubagayako, ari ryo ryo kutagira amajambo afashe baririmbako. Ehe tubarangire aho bovoma amajambo meza, bashaka mbere bakanakorera ku yo bahabwa: NIBAJE MU BICUBA, MU BITITO, MU NANGA, MU MVYINO, n’ahandi hose mu buhinga bw’umuziki bw’aba kera, biriyo ku bwinshi, ntibazopfa babimaze! Kandi hamwe bovyijukira, bakabirahurako, vyoca bibabera ishure ribigisha kwandika amajambo muri ubwo buhinga bwiza bwa ba sokuru.

Publicités

Publié par

MUSICOLOGY GITEGA

Ancien professeur de Musique, Justin BARANSANANIKIYE fut l’un des fondateurs de l’Orchestre national du Burundi en 1977. Il a participé à différents programmes inter-africains pour la promotion de la Musique tenus au Niger, au Bénin et au Togo. En 1991, il reçoit son « Doctor of Divinity », et en 1993, son « Doctor of Ministry » de Asia Graduate University and Theological Seminary, ainsi que l’« International Culture Prize in Religion ». Evêque depuis 1999, il est le fondateur de L’INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA en 2013. Il est aussi auteur du livre "THE SWEEPING WAVE", (ISBN : 978-1-4567-8172-9) publié en 2011 aux éditions Authorhouse, Indiana, USA, et aussi "DE L'INANGA A LA GUITARE CLASSIQUE-L'HISTOIRE DE LA NAISSANCE DE LA MUSIQUE BURUNDAISE MODERNE" en 2014.

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s