IBINTU NYAMUKURU BINE BITEGEREZWA GUKORERA MU RUNANI KUGIRA TWUBAKE UMUZIKI W’UBURUNDI WOSERUKANA AKARANGA KACU MU MAKUNGU.

Ibanga ryo kunagura no guteza imbere Umuziki kama w’Uburundi ni umugambi ukomeye ukwiye gutahurwa kumwe n’abo bose begwa n’ikibazo co kuzigama no guharanira akaranga k’Uburundi. Abantu benshi bamaze igihe kirekire basemerera bongera bidodomba ngo, ‘Umuziki w’Uburundi warataye akanovera kawo’ ; ivyo bakabivuga berekeza agatoke ku baririmvyi n’abacuraranzi, umengo ngo ni bo bonyene vyavuyeko. Ariko rero, biragaragara ko umuzi w’iyo ngorane ari muremure kandi ufise aho ufatiye hatandukanye.

Iki Cigwa cakozwe n’Ishure ry’Ubuhinga bw’Umuziki ry’i Gitega (INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA) kirerekana ko hari IBINTU NYAMUKURU BINE BIKWIYE GUKORERA MU RUNANI KUGIRA TWUBAKE VY’UKURI UMUZIKI W’UBURUNDI WOSERUKANA AKARANGA KACU MU MAKUNGU muri bino bihe.

IGICE CA MBERE : Abaririmvyi n’Abacuraranzi b’Abarundi barakwiye Kubanza gutahura neza no kwiyemeza gukora
UMUZIKI WOKWITIRIRWA UBURUNDI.

Aha ni ho vyose bitangurira. Nta muririmvyi n’umwe w’Umurundi atazi ko Igihugu cacu gifise umuziki kama ukiranga twarazwe na ba sokuru. Ariko none, mugira ngo ni bose bafise icifuzo co kuwushimikirako no kuwaburako ubuhinga bw’indirimbo bakora ? Umuririmvyi ni umushakashatsi aronderera hose. Turabona benshi bitaho cane-cane kuvoma ku buhinga bw’imiziki y’imvamahanga baheza bakigana uko nyene, kandi akaba ari yo bubakako ubuzima bwabo muri uwo mwuga. Gutangurira ngaho, si bibi, kuko vyitwa ko ari nk’ishure umuntu aba ariko arigamwo kugira amenye ivyo atari azi mu bitari bike bijanye no guhingura indirimbo. Kanatsinda, turazi twese ko amategeko mpuzamakungu y’umuziki yaje ava hanze y’igihugu cacu. Mugabo, kubona umuririmvyi canke umucuraranzi w’Umurundi yotwarwa ijana kw’ijana n’ubuhinga bwo kuririmba bwo hanze, agatera ibitugu ubuhinga kama bw’iwabo, birababaje kandi si ivyo kwifuzwa.

Erega icatumye barya baririmvyi twumva bo mu bindi bihugu vya Afrika canke Antilles canke Ubuhindi n’ahandi, batera imbere bishimikije akaranga k’ukuririmba kw’iwabo, nuko babanje gutahura hakiri kare yuko ata kibanza bazoronka kw’isoko mpuzamakungu ry’umuziki, badakoze neza indirimbo kama z’iwabo ata zindi zogereranywa na zo mu bihugu vyo hanze. Nka barya ba KASSAV bazwi kubw’umuziki w’iwabo witwa ZOUK, canke ba YOUSSOU N’DOUR bazwi kubwa M’BALLAX y’iwabo muri Sénégal, n’ibindi bihangange vyinshi tuzi, tutibagiye na KOFFI OLOMIDE atwegereye aha muri Kongo, babanje kwicara hasi bariyumvira icotuma amakungu abamenya, na bo bakaba abaririmvyi bemewe. Bose basanze ko BATEGEREZWA GUHAGURUKANA UBUHINGA BUSHASHA BWO KURIRIMBA BUTAZWI N’IBINDI BIHUGU, ARIKO BUKOZWE NEZA BWISUNZE AMATEGEKO Y’UMUZIKI.

Muri bino bihe na ho, hari Ubushakashatsi mpuzamakungu mu muziki bwitwa WORLD MUSIC, bumaze imyaka hafi mirongwitatu buriko burakorwa kw’Isi yose, aho abahinga b’umuziki n’abaririmvyi batanguye kuvanga indirimbo kama zikomoka mu bihugu vyabo vyahora bikengerwa, hanyuma bakaziteranya n’imiziki izwi cane i Bulaya no muri Amerika, nka Jazz, Rock, Funk, Pop, n’iyindi, kugira izo indirimbo zabo zikundwe kandi zigurwe ku rwego rumwe n’iz’Abazungu. Wumvirije bene izo ndirimbo zakozwe muri urwo ruvange, usanga nk’abaririmvyi b’abanyafrika barakoze ku buryo akaranga k’ubuhinga bwo kuririmba bw’iwabo gaserukamwo, ntikamirwe, mbere kakaba ari ko gatuma ururirimbo rwumvikana ko ari rushasha, ata ho ruhuriye n’izahahora. Ubu, imiziki kama yo muri Cameroun, muri Mali, muri Guinée, muri Sénégal, muri Côte d’Ivoire, muri Kongo na afrika y’epfo n’ahandi, ni yo isigaye ikunzwe kandi igurwa cane mu bihugu vy’Abazungu, kuko basanzemwo AKANOVERA gashasha ivy’iwabo bitagifise.

Ivy’ukuririmba umuntu yikura, umengo nta ntumbero y’ubuhinga kanaka afise, vyaramaze guta igihe. Abaririmvyi b’Abarundi na bo ntibarabitahura ngo bavyinjiremwo burundu. Abo mu bindi bihugu, bo, ubu bakora umuziki batumbereye gushora no guhiganwa ku masoko mpuzamakungu. Mu myaka y’1970, aho ca gihangange MANU DIBANGO yahingura ubwa mbere indirimbo zo mu mudiho w’iwabo witwa MAKOSSA, abaririmvyi bose bo muri Cameroun bariho muri ico gihe, baciye bamuja inyuma, batangura gusohora na bo nyene indirimbo nyinshi zikozwe muri uwo mudiho utari uzwi kw’Isi, kuko babona ko ari ubutunzi ntangere bw’igihugu cabo bategerezwa guhayanisha no kugurisha kw’isi yose. Raba none iyo bageze uno musi ! Twoba tukibahamvya ?

Twagomba rero kuboneraho gukebura abaririmvyi bacu b’Abarundi, kugira na bo BIJUKIRE GUKORERA MU RUNANI RUFISE INTUMBERO IMWE YO KUNAGURA UMUZIKI KAVUKIRE W’UBURUNDI, kuko, bitebe bitebuke, nta co bazoba bagifise baserukana ku masoko mpuzamakungu y’umuziki aguma asaba kuronka bishasha bitari bwamenyekane. None, ni inde yobaja imbere akabereka akarorero, akabakoraniriza hamwe, akabumvisha ico gikorwa ? Mbega ni Ishirahamwe ryabo rya ‘Amicale’ ? Canke hoboneka umuririmvyi mushasha yoba rurangiranwa agaheza akabaja imbere ? Canke ni Ishure ry’ubuhinga bw’Umuziki nk’iri rya Institut de Musicologie de Gitega ? Ni nde yoduhagurukiriza abaririmvyi b’Abarundi, ga yemwe ? … (Biracaza).

Publicités

Publié par

MUSICOLOGY GITEGA

Ancien professeur de Musique, Justin BARANSANANIKIYE fut l’un des fondateurs de l’Orchestre national du Burundi en 1977. Il a participé à différents programmes inter-africains pour la promotion de la Musique tenus au Niger, au Bénin et au Togo. En 1991, il reçoit son « Doctor of Divinity », et en 1993, son « Doctor of Ministry » de Asia Graduate University and Theological Seminary, ainsi que l’« International Culture Prize in Religion ». Evêque depuis 1999, il est le fondateur de L’INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA en 2013. Il est aussi auteur du livre "THE SWEEPING WAVE", (ISBN : 978-1-4567-8172-9) publié en 2011 aux éditions Authorhouse, Indiana, USA, et aussi "DE L'INANGA A LA GUITARE CLASSIQUE-L'HISTOIRE DE LA NAISSANCE DE LA MUSIQUE BURUNDAISE MODERNE" en 2014.

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s