(Igice ca kabiri) : IBINTU BINE BITEGEREZWA GUKORERA MU RUNANI KUGIRA TWUBAKE UMUZIKI W’UBURUNDI WOSERUKANA AKARANGA KACU MU MAKUNGU.

Nk’uko tumaze kubivuga kenshi, umuririmvyi yitwa kandi « UMUHINGA AREMA INDIRIMBO ». Ni we ntango n’urufatiro rw’umugambi wose wo kunagura no guteza imbere umuziki w’igihugu ciwe. Turabandanya rero kwiga ku ngingo dusanga muri iki Cigwa cakozwe n’Ishure ry’Ubuhinga bw’Umuziki ry’i Gitega (INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA) aho ryerekana ko hari IBINTU NYAMUKURU BINE BIKWIYE GUKORERA MU RUNANI KUGIRA TWUBAKE VY’UKURI UMUZIKI W’UBURUNDI WOSERUKANA AKARANGA KACU MU MAKUNGU.

INGINGO YA KABIRI : Uruhara rwa Leta mu gushigikira icese
no guha Inguvu ibikorwa vy’abaririmvyi.

Mu bihugu vyose (si mu Burundi honyene), Leta ni yo ifise mu minwe ububasha bwo guha umurongo ibikorwa vyose bijanye n’akaranga. Ivyo, ibikora ibicishije mu Bushikiranganji bwayo bujejwe akaranga n’imico kama. Leta kandi, ni yo ihamagarirwa ubwa mbere gushigikira no gutera intege abaririmvyi bashasha bakivuka muri uwo mwuga, hamwe n’amashirahamwe yiyemeje guteza imbere igisata c’umuziki.
Tubaye turetse imigambi myiza ngirakamaro yama iza irashikirizwa n’amashirahamwe mpuzamakungu akurikirana ivy’akaranga n’imico kama (nka UNESCO n’ayandi), Leta y’igihugu kimwe cose isabwa kwitunganiriza ubwayo inzego zishoboye kurongora no guhagarikira uko bikwiye ibikorwa vy’igisata c’umuziki. Mu Burundi, iyo ntambuko yari yaratanguye gushikwako igihe hashingwa ubwa mbere ubushikiranganji bw’Urwaruka, Inkino n’Imico kama muri Munyonyo 1976, aho bwari burongowe n’umwigisha wa kaminuza akaba n’umwanditsi n’umushakashatsi mu vy’akahise, Emile Mworoha. Mu migambi yari yihaye yo guteza imbere umuziki w’Uburundi, hariho cane-cane ugukorana n’izindi ncabwenge z’Abarundi zabunyoye muvy’ubushakashatsi mu muziki kama w’Uburundi. Intererano y’izo ncabwenge ni yo yatumye ubutunzi bukomeye bw’umuziki kama w’Uburundi bushirwa imbere, buja ahabona, buraheza mbere buranafatirwako mu bikorwa vyakozwe na ‘Orchestre national’ ya mbere y’Uburundi yari ihejeje gushingwa ico gihe nyene mu 1977.

Musenyeri Justin Baransananikiye, ati « Ndi icabona kandi ndashingira intahe umwete n’ubwira vyakoreshejwe ico gihe n’abategetsi bo hejuru mu Bushikiranganji bw’Imico kama, aho nari njejwe igisata c’umuziki nkaba n’umurongozi wa Orchestre national ya mbere y’Uburundi. Kukaba nkako, ibikorwa vyose twakoze mu kurondera indirimbo, hamwe n’ivyakozwe n’umurwi w’abigeme batamba (ballet national), hamwe kandi n’umurwi NAKARANGA wakoresha ibicurarangisho kavukire, VYOSE, vyari bishingiye ku murongo tweretswe n’abo bakurambere bakaba n’abashakashatsi karuhariwe muvy’akaranga n’imico kama, ari bo, Umwigisha wa kaminuza Jean-Baptiste Ntahokaja, yatwara igisata c’indimi zo muri Afrika(faculté des langues africaines muri kaminuza y’Uburundi, yananditse vyinshi kuvy’umuziki kavukire w’Uburundi afatanije n’Ishirahamwe ry’i Bulaya ryitwa MRAC), hamwe na Patiri Mariko Barengayabo (ari we yanditse umuziki w’ururirimbo ruhayagiza Uburundi, akaba na we ico gihe yatwara igisata cigisha ivy’amategeko, faculté de droit muri Kaminuza y’Uburundi), hamwe kandi na Augustin Ndirabika, yari umunyamabanga ajejwe ivy’akaranga n’imico kama muri Mairie ya Bujumbura, akongera akaba yari umwanditsi akerebutse cane w’ivyivugo mu rurimi rw’ikirundi). Izo ncabwenge muvy’imico kama y’Uburundi ni zo zeretse ‘Orchestre national’ ya mbere uko yobigenza mu gukora ubushakashatsi bujanye no kunagura umuziki kavukire w’Uburundi. Ivyavuyemwo na vyo si agaseseshwarumuri, kuko ‘Orchestre national’ yaciye ishobora gukora indirimbo ziteye igomwe kandi zigishimwa cane kugeza n’uno musi haciye imyaka irenga mirongwitatu».

URUGANDA RWACU: None, ga Musenyeri Justin, vyoba vyagenze gute kugira uwo murongo mwiza mwari mwatanguye gukorerako umuziki w’Uburundi utakare?

Mgr. JUSTIN: Mu kwezi kwa Nyakanga 1978, ni ho Umushingantahe Ntambutso Sylvestre (yari asanzwe ajejwe Ubuyobozi bw’akaranga n’imico kama mu Bushikiranganji, akaba ari na we yabufashije cane mu gushinga urufatiro rw’igisata c’umuziki), yava muri ayo mabanga asubira kwiga muri kaminuza y’Uburundi, hanyuma Umushikiranganji Mworoha na we agenwa mu yandi mabanga y’igihugu. Ico gihe haciye hagenwa uwundi muntu arongora Ubuyobozi b’imico kama, yaboneka vy’ukuri ko ata co azi kandi yitayeho muvy’ukunagura umuziki w’Uburundi. Ntiyahonyora no mu cumba ‘Orchestre national’ yimenyererezamwo. Ico yakora conyene kwari ukwandikira abaririmvyi amakete yo kubabaza igituma batonda ku kazi isaha zibiri zo mu gatondo, kandi aba azi ko bama bakora imyimenyerezo gushika isaha zitatu canke zine z’ijoro. Murumva rero ko umushinge wose wari uhejeje gusambuka. Nta gukorana na za ncabwenge twadondagura kwari kukiriho, maze bituma na ‘Orchestre national’ ya mbere na yo ica isambuka, irasanzara mu mwaka ukurikira.

URUGANDA: Musenyeri Justin, n’ubu ariko Abarundi baracafise iki kibazo ngo: Ni kuki abarongozi bashasha bahavuye bazezwa igisata c’umuziki ico gihe, batashoboye kubandaniriza ku vyari vyaramaze gukorwa n’abo basubiriye ngo igikorwa ciza Orchestre national ya mbere yari yakoze gikomeze kija imbere?

Mgr.JUSTIN: Erega, dukwiye kumenya ko ivy’ubuhinga bw’umuziki ari ibintu bitaratahurwa neza aha mu Burundi. Burya ukunagura no guteza imbere umuziki si igikorwa c’umuntu uwo ari we wese. Bikorwa n’ababifitiye IMPANO N’UBUKEREBUTSI, N’UMUHAMAGARO kandi BABONA IYO BIJA, bakongera kandi bakaba baravyize neza babifitiye n’impamyabushobozi. Ukurongora Ubuyobozi canke Ibiro bijejwe igisata c’umuziki ni igikorwa gitandukanye rwose n’akazi dusanzwe tuzi ko mu biro. No ngaha nyene, kuba umuntu yoba yarakoze (expérience) mu vy’umuziki ntivyemeza ko ategerezwa kuba uwushoboye kurongora ico gisata. Abakwiye kuzezwa ibikorwa vyo kunagura no guteza imbere umuziki, bategerezwa, hamwe n’ivyo twamaze kuvuga, kuba ari abantu berekanye ubukerebutsi budasanzwe muvy’ubushakashatsi mu buhinga kavukire bw’umuziki w’igihugu buzogirira akamaro abo bazoba bajejwe kurongora. Abo barongozi si abo kuguma bicaye mu biro, kuko bahamagariwe ubwa mbere na mbere kwamana n’abaririmvyi mu bikorwa vyabo, babigisha ivy’ubuhinga bw’amajwi no gucuraranga neza, babahanura ku makosa bagenda barakora, bakicarana na bo, bagakorana na bo, bakanabaherekeza mu ma studios gukora indirimbo zabo. ABARIRIMVYI BACU NTIBAZOKWIGERA BARORANIRWA MU BIKORWA VYABO HATABONETSE UMURONGO MWIZA USHINZWE NA LETA HAMWE N’INDONGOZI NYAZO MU BIJANYE N’UGUTEZA IMBERE IGISATA C’UMUZIKI. Mu kiganiro kizokurikira, tuzokwiga ku vyo umuhinga rurangiranwa w’umunya Cameroun, Francis Bebey, yanditse kuri ivyo bibazo.

Publicités

Publié par

MUSICOLOGY GITEGA

Ancien professeur de Musique, Justin BARANSANANIKIYE fut l’un des fondateurs de l’Orchestre national du Burundi en 1977. Il a participé à différents programmes inter-africains pour la promotion de la Musique tenus au Niger, au Bénin et au Togo. En 1991, il reçoit son « Doctor of Divinity », et en 1993, son « Doctor of Ministry » de Asia Graduate University and Theological Seminary, ainsi que l’« International Culture Prize in Religion ». Evêque depuis 1999, il est le fondateur de L’INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA en 2013. Il est aussi auteur du livre "THE SWEEPING WAVE", (ISBN : 978-1-4567-8172-9) publié en 2011 aux éditions Authorhouse, Indiana, USA, et aussi "DE L'INANGA A LA GUITARE CLASSIQUE-L'HISTOIRE DE LA NAISSANCE DE LA MUSIQUE BURUNDAISE MODERNE" en 2014.

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s