ITERAMBERE RY’UMUZIKI MU VYO KWANDIKA IBITABO VY’INDIRIMBO Z’ABARIRIMVYI BACU

Iterambere ry’umuziki mu vyo kwandika ibitabo vy’indirimbo zahinguwe n’abaririmvyi b’Abarundi ni ikintu gisa na gishasha ku Barundi benshi kuko batakizi canke bacirengagiza, ariko gisanzwe gifise uruhara rukomeye cane. Uhereye mu binjana vya kera, usanga ibihugu vyinshi kw’Isi vyaramaze gutera intambwe muri urwo ruhande, kuko bifise abahinga karuhariwe bize ivyo kwandika no kuririmba amanota y’umuziki. Tudakoze ngo natwe tubishikeko vy’ukuri, umuziki w’Uburundi uzoguma ari uwo KWIGANA GUSA IVYARIRIMBWE N’ABO MU BINDI BIHUGU. Ni co gituma Ishure ry’ubuhinga bw’umuziki (Institut de Musicologie de Gitega) ririko rirakora ryita ku giti mu guha ubumenyi urwaruka rw’Uburundi kugira bashikire ubuhinga bwo ku rwego rwo hejuru mu vyo kwandika umuziki.

Nk’uko twavyerekanye mu kindi kiganiro, iyo tuvuze ijambo umuziki aha mu Burundi, ubwo nyene abantu baca batahura ngo ni barya baririmvyi baririmba mu mirwi itandukanye icuraranga za ‘guitares na piano’ ikavuza na za ngoma zigezweho bita ‘batterie’. AKO NI AGACE GATO CANE GUSA K’ICITWA UMUZIKI. Ivyo twarabisobanuye neza. Ubu rero, turiko turakora kugira Abarundi bajijuke kandi batahure ico ari co umuziki mu bwaguke bwawo, bareke kuguma muri utwo tuntu tw’ubusabusa n’ubutamenya birirwa basekaniramwo.

Mu bitabo bidonda ivy’akahise k’umuziki mu bihugu vya Bulaya na za Amerika n’ahandi, dusanga hose havugwa amazina y’abahinga bakomakomeye bagiye barandika mu manota y’umuziki indirimbo z’igitangaza dushobora no gusubiramwo uno musi dusomye ayo manota gusa. Bene abo bahinga NI BO NKINGI Y’ITERAMBERE NYAKURI RY’UMUZIKI. Mu gitabo ciwe yanditse citwa “De l’Inanga a la guitare classique”, Musenyeri Justin Baransananikiye yarerekanye ukuntu mu myaka y’1950-1960, incabwenge za mbere z’Abarundi zari zize mu Maseminari atandukanye yashinzwe na Ekleziya Katolika, no mu yandi mashure rurangiranwa nka ‘College du Saint-Esprit’, ‘Groupe scolaire d’Astrida’, n’ayandi yashinzwe n’amashengero y’Abaprotestanti, zaje zifise ubwo bumenyi bwo kwandika umuziki mu manota. Ivyo bikaba mbere vyaranatumye haboneka ibitabo vya mbere vy’indirimbo z’ikirundi zanditse mu manota y’umuziki.

Ukumenya ubwo buhinga bw’ukwandika indirimbo mu manota BIRAKENEWE CANE KU BARIRIMVYI B’ABARUNDI BA KINO GIHE. Uretse ko ivyo bikenerwa cane bikongera bigasabwa muri wa mugambi mpuzamakungu wo gukingira ibikorwa bikomoka mu bwenge bw’abantu (droits d’auteurs), ubwo bumenyi buraha abaririmvyi gushobora kwandika no kubika indirimbo zabo nk’uko bazihinguye, zidahinduwe. Nitwaba uno musi dushobora kuririmba indirimbo z’abahinga rurangiranwa b’abanyabulaya bo mu binjana vya 16 na 17 na 18, nka George Frederick Handel, canke Beethoven canke Haydn canke Mozart na Schubert n’abandi, nuko mu guhingura izo ndirimbo zabo babanza kuzandika mu manota y’umuziki akabikwa mu bitabo. Turakeneye natwe kuzokwandika ibitabo bidonda amazina n’ubuzima bw’abahinga b’Abarundi banditse ibitabo vy’indirimbo mu manota.

Ukumenya kwandika no kuririmba amanota y’umuziki, biravyura ingabire yo guhingura indirimbo (composition). Umuririmvyi ariyicarira ngaho akaza yumva amajwi y’ururirimbo amuvugiramwo, agaca afata urupapuro akayandika vuba na vuba kugira ntayatakaze. Ukumenya kwandika no kuririmba amanota y’umuziki birimwo n’inyungu yukwigisha umuririmvyi uwo ari we wese ubuhinga bwo gutora no gutondeka amajwi atandukanye ashobora kuririmbirwa hamwe (Harmonie) ata kwirirwa aratomboza akora amakosa nk’ayo twama twumva ku baririmvyi benshi. Ukumenya kwandika no kuririmba amanota y’umuziki, biraha kandi umuririmvyi yufuza kuguma atera imbere, ubuhinga bwo gushobora gusoma no kuririmba indirimbo z’abandi bahinga bakomakomeye, agaheza akazirahurako ubumenyi kanaka buheza bukamwungura na we.

Abaririmvyi b’Abarundi nibareke kwishira hejuru bihayagiza ngo barazi umuziki, ngo barashitse ku rwego rwo hejuru, ngo baratsinze amahiganwa manaka. Hamwe twobahuza n’abo mu bindi bihugu, botangara bakamaramara babonye ukuntu bari inyuma, badashobora no kwabura uruvyino rwo mu Burundi iwabo ngo barwandike mu manota bakurikije amategeko mpuzamakungu y’umuziki. Nibareke kwirata ngo barazi kuririmba izo za Funk, na Zouk, na R&B na Hip-hop n’izindi baharaye, ariko batahure ko abo bo mu bindi bihugu baguma bigana, bashitse kuri urwo rwego kuko bafise abahinga bize kwandika no kuririmba umuziki, bakiga n’amategeko yawo yose.

Ubu rero dushaka kubona urwaruka rwinshi rw’Abarundi bijukira kwiga kwandika no kuririmba amanota y’umuziki, KANDI BATEKO BATANGURE KUZA BARABIKORESHA MU KWANDIKA INDIRIMBO ZABO. Amahiganwa asaba bene ubwo buhinga ariko araza mu misi iri imbere.

Publicités

Publié par

MUSICOLOGY GITEGA

Ancien professeur de Musique, Justin BARANSANANIKIYE fut l’un des fondateurs de l’Orchestre national du Burundi en 1977. Il a participé à différents programmes inter-africains pour la promotion de la Musique tenus au Niger, au Bénin et au Togo. En 1991, il reçoit son « Doctor of Divinity », et en 1993, son « Doctor of Ministry » de Asia Graduate University and Theological Seminary, ainsi que l’« International Culture Prize in Religion ». Evêque depuis 1999, il est le fondateur de L’INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA en 2013. Il est aussi auteur du livre "THE SWEEPING WAVE", (ISBN : 978-1-4567-8172-9) publié en 2011 aux éditions Authorhouse, Indiana, USA, et aussi "DE L'INANGA A LA GUITARE CLASSIQUE-L'HISTOIRE DE LA NAISSANCE DE LA MUSIQUE BURUNDAISE MODERNE" en 2014.

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s