UMUHINGA W’UMURIRIMVYI W’UMURUNDI : Jean-Christophe MATATA.

(Vyabuwe mu Gitabo, « De l’Inanga à la Guitare Classique- Une Histoire de la Naissance de la Musique Burundaise Moderne »
Canditswe na Musenyeri Justin BARANSANANIKIYE)

Kw’igenekerezo rya 3 Nzero 2011 ni ho Umuririmvyi rurangiranwa, Jean-Christophe MATATA yitaba Imana mu gisagara ca Cap, muri Afrika y’epfo. Musenyeri Justin BARANSANANIKIYE yari arongoye Orchestre national y’Uburundi ico gihe, kandi yari amuzi cane, akaba ari na we yanditse igitabo « De l’Inanga à la Guitare Classique- Une Histoire de la Naissance de la Musique Burundaise Moderne » kidonda ukuntu umuziki w’Uburundi tugezeko watanguye, aratubwira mu ncamake ivy’uwo Muhinga :

« … Mu batanguye gukora umuziki wa kijambere mu Burundi, hariho abaririmvyi bamwe twita ‘Abaririmvyi batari mu mirwi rurangiranwa yariho mu mpera z’imyaka y’1970’. Mu gukora kwabo, abo baririmvyi barigwanako ubwabo, bakiyungunganya mu mirwi iririmba, ata mfashanyo n’imwe bagira. Ariko, intererano yabo mw’iterambere ry’Umuziki w’Uburundi yabaye iy’igitangaza, tukaba tubashimiye bivuye ku mutima.
Muri abo baririmvyi bariko bararuka ico gihe, abari imbere ni umusore yitwa Guillaume, batazira Papa Guy-Guy, yari umuririmvyi mwiza yakundwa cane, wo mu murwi « Ntahangwa River » wari washinzwe mu Kamenge mu 1977, ari na wo Jean-Christophe MATATA na Prosper BURIKUKIYE (batazira Bahaga) baciyemwo akanya gato gusa. Iyo misore ibiri, Matata na bahaga, yari inkerebutsi mu kwandika no guhingura hamwe no kuririmba indirimbo. Muri ico gihe nyene, ni ho Matata yahingura za ndirimbo ziwe rurangiranwa «Amaso akunda ntabona neza » na « Mukobwa ndagowe », naho benshi bagiye kuzimenya batevye amaze gusohora urutonde rwiwe rwa mbere muri studio i Kigali. Izo ndirimbo ni zo zari zatumye mbere aba umukuru w’uwo murwi twavuze wari uhejeje guhindura izina ukitwa “Mihigo des Grands-Lacs”, mu nyuma, aho ugiriye gufatwa mu mugongo n’Ibiro bikuru vy’Umugambwe Uprona mu 1978, uca witwa “Orchestre Imboneza”. Ako kabonetse nk’agateka batewe.
Orchestre ‘Imboneza’ rero yari imaze kujamwo abaririmvyi n’abacuraranzi bakomeye, nka Emmanuel Kidodoye, uwo batazira Papa Sele na Toto (yavukana na Adolphe Bigirimana wo muri Orchestre national), na Abdallah yari bitumwako mu kuvuza ‘guitare basse’ yakoresha ukubamfu, hamwe n’uwavuza ingoma (batterie) Augustin Kavabuha, batazira Ogiga, yahavuye ahingura ururirimbo rwakunzwe na benchi rwitwa « Muvyeyi ndagushemeze, uri inkingi y’umuryango ». Ico gihe, urwaruka rwo mu Bwiza, na Buyenzi, na Nyakabiga, na Kamenge na Kinama, rwaciye rubakunda cane, rurabasasirira, ruva inyuma ya ya mirwi ikomakomeye (Orchestre national na Orchestre AMABANO).

Igihe MATATA yatangura gukorana na Guillaume, bari abaririmvyi batari bazwi na mba i Bujumbura. Ico gihangange MATATA, yari yavukiye mu Kamenge, i Bujumbura, mu mwaka w’1962. Mu 1978, ni ho yahura na David NIKIZA yari avuye muri Kenya azananye n’umurwi yarongora witwa ‘Explorers’ ari na wo wahavuye uba ‘Amabano’. Aho kwa NIKIZA ni ho MATATA yungukiye ubwenge, atahuzwa ko umusore w’umurundi ashobora kuja hanze y’igihugu agakora umuziki, mbere akaba rurangiranwa nk’abo mu bindi bihugu. MATATA yari umuhinguzi w’indirimbo abishoboye cane, kandi n’ijwi ryiwe ryari rimaze guharurwa ko rishoboye guhiganwa n’ay’abaririmvyi bari basanzwe bazwi muri ya mirwi yindi yariho mu Burundi.

Kuva agitangura umwuga w’uburirimvyi rero, Matata yahisemwo gutangurira ku ndirimbo z’imidiho mvamakungu, ahera ku witwa “REGGAE” wari ukunzwe cane ico gihe, aca akora ururirimbo rwitwa “Amaso akunda ntabona neza” rwaciye rumumenyekanisha aba umunyamuziki yemewe mu Burundi. Kukaba nka ko, abakunzi b’umuziki b’i Bujumbura baciye bamufata nka wa muhinga wa ‘Reggae’ yitwa Alpha Blondie wo mu gihugu ca Côte d’Ivoire. Guhera ubwo, ibiteramo yategura mu kigo c’Abafransa (Centre Culturel Français) hamwe n’amakesha yo gutamba (soirées dansantes) i Bujumbura na Orchestre yiwe ‘Mihigo des Grands lacs’ vyahurumbirwa n’ isinzi ry’urwaruka rwasa n’aho rutashimishijwe n’ umuziki mushasha w’Uburundi wari watanguye kunagurwa na ya mirwi rurangiranwa, ‘Orchestre national’ na ‘Orchestre Amabano’.

Naho Matata n’abandi baririmvyi bakorana bari bashigikiwe n’Ibiro bikuru vy’Umugambwe Uprona, ntibagomba na gato guhatirwa gukora indirimbo zivuga ivya politike. Ico mbere ni co kivugwa ko cabaye intandaro y’ukuvana hadaciye n’imyaka ibiri. Uwo murwi waciye ushimwa na Hotel Source du Nil y’i Bujumbura, uca mbere uhindura izina witwa “Orchestre Africa Nil Band”. Ivyo vyose vyariko biracisha Matata ubwenge, bikamusunikira kwiyumvira kuri kazoza k’umwuga wiwe, aho yaguma yifuza kuzoteba akamenyekana no mu makungu nk’uko David NIKIZA yari yarabimubwiye. Hadaheze n’umwaka, Matata n’abo bari kumwe bajabuka gukorera mu gihugu c’Urwanda, aho bakunzwe cane bahejeje gusohora urutonde rwabo rwa mbere bafashijwe na Aaron Nitunga (batazira Tunga), umuhinyanyuzi w’Umurundi yakora i Kigali. Urwo rutonde rwahavuye rukurikirwa n’izindi zashize ahabona indirimbo nshasha za Matata nyene, nka «Umpora iki ? », « N’i Nyagasambu rirarema », «Ihorere ntusarare» n’izindi.

Gurtyo, Matata aba abaye umunyamwuga w’umuririmvyi yemwe (professionnel), araheza abandanya kwama ategura ibiteramo mu Burundi no mu Rwanda. Ntivyatevye, abagwizatunga b’Abanyarwanda baciye bamumenya, baramugomwa, baramukunda, mbere basinyiranira amasezerano yo gukora urudandazwa rw’indirimbo ziwe. Aha biravugwa ko ivyo bihutiye kubikora bibutse ukuntu umuririmvyi wundi rurangiranwa w’Umurundi, David NIKIZA, yari aherutse kuva mu Rwanda akaja gukorera i Nairobi.

Ivyo vyatumye Matata noneho asa n’uwushinze imizi nk’umuririmvyi akomeye yemewe mu gihugu c’Urwanda, aho yashoboye kuronka amafaranga atari make kubw’umwuga wiwe. Ururirimbo rw’ikirundi rwitwa “Iyi manzi we” yakoze mu buhinga bushasha, rwarushirijeho kumuha gukundwa n’Abarundi benshi. Mugabo rero, intambara ya 1993 imaze kwaduka mu Burundi, Matata yaciye ahitamwo kubandanya urugendo gushika kure mu Bubiligi, aho yabaye imyaka atari mike, aza aragendera mbere n’impunzi z’Abarundi mu makambi zarimwo mu gihugu ca Tanzaniya. Matata yarakoze ibikorwa vyo kunywanisha Abarundi abicishije mu ndirimbo, nk’urwitwa “Hutu, Tutsi, nous sommes tous des frères” (Abahutu n’Abatutsi, twese turi abavandimwe).

Publicités

Publié par

MUSICOLOGY GITEGA

Ancien professeur de Musique, Justin BARANSANANIKIYE fut l’un des fondateurs de l’Orchestre national du Burundi en 1977. Il a participé à différents programmes inter-africains pour la promotion de la Musique tenus au Niger, au Bénin et au Togo. En 1991, il reçoit son « Doctor of Divinity », et en 1993, son « Doctor of Ministry » de Asia Graduate University and Theological Seminary, ainsi que l’« International Culture Prize in Religion ». Evêque depuis 1999, il est le fondateur de L’INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA en 2013. Il est aussi auteur du livre "THE SWEEPING WAVE", (ISBN : 978-1-4567-8172-9) publié en 2011 aux éditions Authorhouse, Indiana, USA, et aussi "DE L'INANGA A LA GUITARE CLASSIQUE-L'HISTOIRE DE LA NAISSANCE DE LA MUSIQUE BURUNDAISE MODERNE" en 2014.

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s