UMWAMI MWEZI GISABO ARAGA ABARUNDI «UMURYA W’INANGA »

UMWAMI MWEZI GISABO ARAGA ABARUNDI UMURYA W’INANGA

(Iyi ni yo ntangamarara y’Igitabo
« De l’Inanga à la guitare Classique… »
Canditswe na Musenyeri Justin BARANSANANIKIYE)

Mu mwaka w’1981, igihe nakora muri Paruwasi ya Ngagara mw’Ishengero rya Methodiste Libre, hari umutama w’impunzi w’Umunyarwanda w’imyaka irenga mirongumunani yakunda kungendera ku mugoroba, akanyagira udukuru twinshi twa kera. Aho yaba ariko arabaza udukoni dutoduto tw’udusederi, mbere akaba yaranampaye kamwe ko kuzohora ndamwibukirako.

Umusi umwe ni ho yanyagira aka gakuru k’igitangaza, avuga ko na we yakabwiwe na sekuru yabayeho ku ngoma y’Umwami Mwezi Gisabo w’Uburundi.
Ati :
« Nkubwire ga kana kanje, sokuru yambwiye ko umusi umwe umwami w’i Rwanda yatumye abantu b’abatasi batatu ngo baje mu Burundi kugenzura no gutohoza neza akarere umwami Mwezi n’ingabo ziwe barimwo, igihe bariko bitegurira gutera igihugu c’Urwanda, kuko barakebana kandi bama mu ntambara zidahera. Abo batasi bagenda imisi itandatu gushika batoye aho hantu mu misozi iri hafi y’i Buhiga. Aho rero, ngo bahashitse mu gicugu, kuko banka kwiyerekana batinya guhava bafatwa.

Baca baranyengetera bukebuke mu bisaka, bagenda berekeza umuco w’umuriro wari ucanywe n’ingabo za Mwezi ahantu hatandukanye ku musozi zariko. Bakiriko baregereza, bumva umurya w’inanga yariko iracurarangwa n’umuhinga, ingabo zose na zo ziri mu gacerere, zumviriza, ziriko ziranywa ku nzoga y’impeke yari isigaye mu mibindi. Benshi mbere muri bo bari batanguye gusinzira kuko ata gitero bikeka ko cohava kizanana mu Rwanda. »

Wa mutama arabandanya, ati : « Urazi ivyabaye ga kana kanje ? Hakabaye kera, ba batasi batatu bahitamwo kwinyegeza muri vya bisaka barimwo, babandanya kwumviriza ya nanga icurarangwa, baca bafatwa n’agatiro, barasinzira bose. Harya inkoko zitanguye kubika mu mutwenzi, abungere b’Umwami Mwezi bagemuye amakamano, babaserukako bariko baragona, urume rwabatonzeko. Ni ko guca banyaruka kumenyesha intwazangabo za Mwezi, ko babonye abantu batamenye.

Za ntwazangabo zihashitse, zirabakangura, zibabaza abo ari bo. Na bo bishura mu rurimi rw’iwabo rw’ikinyarwanda ruvanze n’ikirundi. Ni ko guca bababoha, babajana imbere y’Umwami Mwezi Gisabo harya akazuba gaserutse. Umwami ategeka ko bababohora, aca arababaza, ati :
– Muje muva hehe, ga bane banje ?
Na bo bati :
– Turi ababanyi banyu bo mu gihugu cy’Urwanda.
– Aho rero mukaba mugenzwa n’amaki?
Ba batasi bati:
– Tuzanywe n’amahoro by’ukuri, Mwami w’i Burundi, amahoro yonyine! Twaje nijoro, maze twanga kubakangura, duhita tuba twicaye aha ngaha hafi mu bisaka, twumviriza inanga umuntu wanyu yacurarangaga, ni ko guhita dutwarwa n’ibitotsi, uriya muziki udukozeho rwose!
Umwami Mwezi Gisabo atari agikekeranya ko ari abatasi, arababwira, ati:
– None, hamwe nobarekura mukitahira, mwoshika mubwira iki umwami w’i Rwanda?
Bose bishurira rimwe, ngo:
– Twamubwira rwose-rwose, ko mufite abacuranzi b’inanga b’imena, bashyobora no gutera ibitotsi abanzi babo.
Umwami Mwezi Gisabo aca arabarekura, barigira. Ni ko guca ahindukirira ingabo ziwe, azibwira, ati:
– Umusi Abarundi n’abana babo bazoheba gucuraranga INANGA, Uburundi ntibuzoba bugikingiwe, kandi n’inka zacu ntizizoba zigikamwa. Muraryumeko!
TUGIRE UMWAKA MWIZA TWESE WO KWONGERWA ISHAKA N’UBWENGE BWO KUNAGURA UMUZIKI KAVUKIRE TWARAZWE NA BA SOKURU.

Publicités

Publié par

MUSICOLOGY GITEGA

Ancien professeur de Musique, Justin BARANSANANIKIYE fut l’un des fondateurs de l’Orchestre national du Burundi en 1977. Il a participé à différents programmes inter-africains pour la promotion de la Musique tenus au Niger, au Bénin et au Togo. En 1991, il reçoit son « Doctor of Divinity », et en 1993, son « Doctor of Ministry » de Asia Graduate University and Theological Seminary, ainsi que l’« International Culture Prize in Religion ». Evêque depuis 1999, il est le fondateur de L’INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA en 2013. Il est aussi auteur du livre "THE SWEEPING WAVE", (ISBN : 978-1-4567-8172-9) publié en 2011 aux éditions Authorhouse, Indiana, USA, et aussi "DE L'INANGA A LA GUITARE CLASSIQUE-L'HISTOIRE DE LA NAISSANCE DE LA MUSIQUE BURUNDAISE MODERNE" en 2014.

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s