UGUSHIGIKIRA ABARIRIMVYI B’ABARUNDIKAZI NI BUMWE MU BURYO TUGIYE GUKORESHA KUGIRA UMUZIKI W’UBURUNDI UNAGURWE.

Mu muziki kama w’Uburundi, abigeme n’abakenyezi barafise igice kinini cane bamye bakorerako KUVA KURI BASOKURU, citwa ‘IMVYINO’ zijana n’ibihe bitandukanye vy’ubuzima bwo mu miryango, nk’ubukwe, ukurima, ugusya, ukuramukanya (akazehe), uguhoza umwana, ugukeza umuvyeyi, ugusohora umwana, ibitito, n’ibindi. Abagabo na bo, umuziki wabo wamye ari cane-cane uwo gucuraranga INANGA, IKEMBE, UMUDULI, INDONONGO (INDINGITI), UMWIRONGE, INZAMBA, KUVUZA INGOMA, naho na bo nyene bafise ubwoko bw’umuziki bamye bakora kuva kera, nk’ibicuba, n’izindi mvyino ziherekeza ibikorwa bakora, nko guhiga, guhakura ubuki, ugucura, ukuroba, n’izubutwari mu gihe c’intambara, n’ibindi. Kugeza uno musi, NI BAKE CANE MU BARIRIMVYI B’ABARUNDI BA KINO GIHE, TUBONA KO BITAYEHO KUNAGURA NO GUHINGURA UMUZIKI UFISE AKARANGA KAMA K’UBURUNDI, Ku buryo wokundwa kandi ukagurwa mu makungu kubw’akanovera n’ubuhinga bwawo wisangije.

Reka tuvuge ku vyo abaririmvyi b’Abarundikazi bagerageje gukora ata gutinya, kugira na bo bihe izina ryiza mu bikorwa vyo kunagura umuziki w’Igihugu cacu:
– Hariho imvyino atari nke zashizwe imbere n’abahinga b’abaririmvyi b’Abarundikazi binjijwe muri Orchestre National guhera mu mwaka w’1977, ziraheza zirahingurwa neza n’abacuraranzi bo muri uyo murwi, ku buryo zakunzwe cane kandi zifatwa nk’iziserukira koko umuziki kama w’Uburundi wari utanguye gukorwa mu buhinga bwa kijambere. Zimwe muri zo ni nka : Bigeni vya Maza, Ingeri we, Agacaca karanteze, Uraba wumva ndaje, Ari mu Bikinga azoza, Nimubahige inka, Wihorere Sha ya Rugamba, Misambi yaraye irahiga, n’izindi. Hariho n’imvyino zakozwe neza cane mu buhinga bwa kijambere n’umuririmvyi w’Umurundikazi ari mu bihugu vyo hanze yitwa Marie-Louise Rushatsi. Izo mvyino zose hamwe zimaze gukorwa zigaherekezwa n’ibicurarangisho mvamahanga, zarerekanye vy’ukuri ko hamwe abaririmvyi b’Abarundikazi boshigikirwa, bagafatwa mu mugongo na bo nyene mu bikorwa vy’ubushakashatsi mu muziki w’Uburundi, bokora ibikora inka mu kuwuteza imbere.
IMVYINO z’abakenyezi ni ubutunzi ntangere bwinshi cane dufise mu buhinga bw’umuziki kavukire wacu. Ntidushobora kuzirengagiza canke ngo tuzibagire, TWOBA DUTAKAJE IGICE KININI CANE C’UMUZIKI W’UBURUNDI. Turazi neza kandi ko abaririmvyi b’Abarundikazi batashigikiwe neza mu nyuma y’aho Orchestre National isambukiye. Iyo biza gukorwa, ntihari kubura abandi Barundikazi bari kubandanya mu nzira yari yerekanywe n’abigeme ba mbere bari muri yo, mbere ubu tuba dufise n’abahinga karuhariwe b’Abarundikazi baba baserukana ku rubuga mpuzamakungu, UMUZIKI KAMA W’UBURUNDI UFISE AKANOVERA KAWURANGA atari ivyo tubona ubu vy’abigeme bigana ukuririmba kw’abazungu biyita ngo bariko barateza imbere umuziki w’Uburundi, kandi atari vyo.
Ni co gituma INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA yateguye umugambi wo gushigikira abaririmvyi b’Abarundikazi guhera uno mwaka w’2016, mu kubaha ubumenyi nyabwo mu muziki no kubafasha kwandika no guhingura neza mu majwi no mu majambo INDIRIMBO NSHASHA ZISHINGIYE KU BUHINGA BW’IMVYINO Z’IKIRUNDI, mbere no kubaronderera hirya no hino abobafata mu mugongo mu kuzisohora ku ma CD mu buryo bwiza bugezweho.
INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA irateye akamo rero Abarundi bose, BABA ABARI HAGATI MU GIHUGU CANKE MU BIHUGU VYO HANZE, boba bifuza gushikigira no gufata mu mugongo abaririmvyi b’Abarundikazi kugira bashike kuri iyo ntumbero, ko botwandikira tukababwira uko integuro zose zitunganijwe, hanyuma babishimye, bakazotanga intererano zabo. Twosaba abashoboye gusoma iyi nkuru kuri runo rubuga ko bobimenyesha abandi, mbere bakabarangira aho na bo bobisoma. Twamaze gushiraho umurwi witwa ‘CLUB DES AMIS DE LA PROMOTION DE LA MUSIQUE BURUNDAISE’ wegamiye iryo shure ry’ubuhinga bw’umuziki.
Tubibutse ko INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA yatanguye gukora muri kigarama 2013, kuva ihawe uburenganzira n’urwandiko nshikiranganji No.226.01/CAB/1405/DGCA/2013.

Mwotwandikira kuri :
INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA
B.P. 197 Gitega, Burundi
Tel : +257 79 877 097 ou +257 77 758 123
E-mail : baransajust@gmail.com
https://musicologygitega.wordpress.com

Publicités

Publié par

MUSICOLOGY GITEGA

Ancien professeur de Musique, Justin BARANSANANIKIYE fut l’un des fondateurs de l’Orchestre national du Burundi en 1977. Il a participé à différents programmes inter-africains pour la promotion de la Musique tenus au Niger, au Bénin et au Togo. En 1991, il reçoit son « Doctor of Divinity », et en 1993, son « Doctor of Ministry » de Asia Graduate University and Theological Seminary, ainsi que l’« International Culture Prize in Religion ». Evêque depuis 1999, il est le fondateur de L’INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA en 2013. Il est aussi auteur du livre "THE SWEEPING WAVE", (ISBN : 978-1-4567-8172-9) publié en 2011 aux éditions Authorhouse, Indiana, USA, et aussi "DE L'INANGA A LA GUITARE CLASSIQUE-L'HISTOIRE DE LA NAISSANCE DE LA MUSIQUE BURUNDAISE MODERNE" en 2014.

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s