INDIRIMBO ZITANDUKANYE Z’UBURUNDI ZIRIKO ZIRANDIKWA MU MANOTA Y’UMUZIKI (PARTITIONS) KUGIRA ZIZOSHINGURWE KANDI ZIMENYEKANISHWE BICIYE MU BITABO

Mu bikorwa vyinshi bihambaye vyo guteza imbere Umuziki w’Uburundi biriko birakorwa na INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA, harimwo kandi n’uyu mugambi wo KWANDIKA MU BUHINGA BW’AMANOTA (Partitions) indirimbo zose zahinguwe n’abaririmvyi bacu hamwe n’imvyino AMAJANA N’AMAJANA zigize ubutunzi kama bw’agahogo k’Abarundi.

Birateye igomwe nk’iyo turavye ukuntu abahinga b’umuziki bo mu bihugu vya Bulaya na Amerika n’ahandi bakoze bivuye inyuma kugira bandike mu manota y’umuziki nk’ayo ibihumbi n’ibihumbi vy’indirimbo zabo, izo twahavuye mbere natwe twikorako mu kwiga ubumenyi bugezweho bw’amajwi y’umuziki (accords, harmonie, n’ubundi). Iki gitabo ca mbere twerekanye ku mugaragaro “Manuel de Chants pour Elèves et Ecoliers” canditswe n’umurwi wa mbere w’abanyeshure baramuwe na INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA mu kwezi kwa Nyakanga 2015. Ni igitangaza ntangere kubona imikangara y’Abarundi itanguye gushika ku bumenyi nk’ubwo, AHO ARI BO BONYENE UBWABO BAGIYE KUZOZA BARANDIKA IBITABO NK’IBI BIZOKORESHWA MU MASHURE Y’UBURUNDI N’AHANDI HOSE HIGISHWA UBUHINGA BW’UMUZIKI, TUTARINZE GUSESA AMAHERA YO GUTUMAKO ABAVUYE HANZE!

Twagomba rero kuboneraho guhimiriza no gusunika uwitwa umuririmvyi wese w’Umurundi ngo yemere kwiga no gukoresha ubu buhinga. Mu bihe biri imbere (mbere n’ubu vyaratanguye gushika muri kano karere kacu ka Afrika), ubu bumenyi bugiye kuzohora bufatirwako mu gutanga akazi ko kurongora imirwi yo kuririmba (nk’ama chorales n’imirwi icuraranga), tutibagiye no kwigisha icigwa c’umuziki mu mashure. Bizoshika mbere n’aho abahinyanyuzi b’indirimbo bazohora babanza gusabwa kwerekana impamyabushobozi zemeza ko bavyize, kugira bemererwe kurangura umwuga wabo. Usangwa Urwaruka rw’Uburundi rwokwijukira kuvyiga, rushobora no kuzoronka akazi nk’ako aho ari ho hose muri Afrika canke mu bindi bihugu vyose kw’Isi. Abarundi nitujijuke, tumenye neza ibigize iterambere ry’umuziki vyose ivyo ari vyo. None, muti ni izihe nyungu ziri mu kwandika mu manota indirimbo zitandukanye z’Uburundi?

1. Hari amakosa menshi cane yama akorwa mu ndirimbo azoca ategerezwa gukosorwa, kuko zizoba zanditswe hakurikijwe amategeko mpuzamakungu y’umuziki.

2. Ubu buhinga bwo kwandika indirimbo kuri “Partitions” buzokworohereza abifuza kuzoziga no kuzigisha, kuzoronka aho bazabura h’ukuri kandi hizigiwe. Naho hazoha haciye imyaka amajana n’amajana, ururirimbo ruzoguma ruririmbwa kurya nyene kurwandika azoba yararukoze, ata guhindura no kwonona amajwi kugiyemwo.

3. Aya majwi yanditse (Partitions) y’indirimbo ari mu bisabwa n’amashirahamwe mpuzamakungu akingira ibikorwa bivuye mu bwenge bw’abantu (Droits d’Auteur), igihe cose umuhinga w’indirimbo yifuje gukingira no gushingura ahadata indirimbo ziwe, canke mbere no kuzidandaza kw’isoko mpuzamakungu.

4. Ibitabo bene ibi ni vyo vyerekana kandi bigashira ku mugaragaro UBUTUNZI BW’INDIRIMBO Igihugu kiba gifise, bikongera bikadushoboza kuzihanahana no kuziririmba kumwe mu ntara zose z’Uburundi nk’iragi rimwe dusangiye.

5. Ibi bitabo vy’indirimbo zanditse kuri “Partitions” bizofasha n’abashakashatsi b’Abarundi n’abandi barondera kumenya no kunonosora ivy’akahise k’Uburundi bafatiye ku mvyino n’indirimbo, hamwe no kwiga ku mibano n’imigenzo y’Abarundi hamwe n’ubuhinga kama bwo kuvyina bubaranga mu karere ka Afrika turimwo.

Nk’uru ruririmbo “UMUGABO W’UKURI” rwa Canjo Amissi twerekanye, ruri muri nyinshi abo banyeshure ba INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA bahinguye mu buhinga bwa “Partitions”, baraheza bazishira muri ico gitabo twavuze. Muri ico gitabo nyene harimwo n’izindi nyinshi zakozwe nk’uko nyene, kandi n’ubu babandanya gutororokanya amajana n’amajana yazo mu gihugu cose kugira ntihaze hagire ururirimbo na rumwe rutakara. Abana n’abuzukuru bacu bazozikenera kandi bazonezerwa basanze twarazibateguriye.

Mugabo rero, tumenye twese ko ibi bikorwa bisaba uburyo bwinshi cane. Nk’uko mubibona, iki gitabo gishasha kiracakeneye kurungikwa mw’iyandikiro rifise ibikoresho vyo kwandika muri bene ubwo buhinga, kugira kizosohoke gikozwe neza mu buryo bwiza bwemerwa hose. Abarundi rero, ntitwonanirwa guheraheza iki gikorwa ciza cakozwe n’aba banyeshure. INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA IRATEREREJE UWO WESE YUMVA ASHAKA GUSHIGIKIRA UYU MUGAMBI W’IYANDIKWA RY’INDIRIMBO MU BITABO NK’UKU TUVYEREKANYE, NGO ATERERE. Murashobora kutwandikira canke kudutelefona no gusoma ibindi vyinshi ku rubuga rwacu:

INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA
B.P. 197 Gitega, Burundi
Tel : +257 79 877 097 ou +257 77 758 123
E-mail : baransajust@gmail.com
https://musicologygitega.wordpress.com

Publicités

Publié par

MUSICOLOGY GITEGA

Ancien professeur de Musique, Justin BARANSANANIKIYE fut l’un des fondateurs de l’Orchestre national du Burundi en 1977. Il a participé à différents programmes inter-africains pour la promotion de la Musique tenus au Niger, au Bénin et au Togo. En 1991, il reçoit son « Doctor of Divinity », et en 1993, son « Doctor of Ministry » de Asia Graduate University and Theological Seminary, ainsi que l’« International Culture Prize in Religion ». Evêque depuis 1999, il est le fondateur de L’INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA en 2013. Il est aussi auteur du livre "THE SWEEPING WAVE", (ISBN : 978-1-4567-8172-9) publié en 2011 aux éditions Authorhouse, Indiana, USA, et aussi "DE L'INANGA A LA GUITARE CLASSIQUE-L'HISTOIRE DE LA NAISSANCE DE LA MUSIQUE BURUNDAISE MODERNE" en 2014.

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s