(6) Icigwa ca Gatandatu : ABANDIKA AMAJAMBO Y’INDIRIMBO, BAKAZIHINGURA MU MAJWI KANDI BAKAZIRIRIMBA (Auteurs-Compositeurs et Interprètes)

(6) Icigwa ca Gatandatu : ABANDIKA AMAJAMBO Y’INDIRIMBO, BAKAZIHINGURA MU MAJWI KANDI BAKAZIRIRIMBA
(Auteurs-Compositeurs et Interprètes)

Ibi Vyigwa vyabuwe mu Gitabo gishasha citwa « UGUKORA URURIRIMBO KUVA MW’ITEGURWA RYARWO GUSHIKA RUSOHOTSE »
Canditswe na Mgr. Justin BARANSANANIKIYE.

1. Duhere kw’Ijambo «Musicien» canke Umuririmvyi, ari na ryo ritekeyemwo ayo mazina yose:
Muri rusangi, uwo twita “Musicien” ni uwo muntu wese ahingura umuziki w’indirimbo, akawuririmba canke akawucuraranga. Mugabo rero, dukwiye gutandukanya neza ibi: aha nyene muri uyu murwi w’abitwa aba “Musiciens”, harimwo imice itandukanye, dufatiye ku buryo bakoramwo umwuga w’umuziki.
Hariho rero:
a) Uwo twita «Chanteur» (ni ukuvuga Umuririmvyi), akoresha ijwi ryiwe gusa mu kuririmba indirimbo rwiwe yahinguye canke agasubiramwo iz’abandi. Uyu rero ni umuhinga wo kuririmba mw’ijwi (canke mu majwi atandukanye). Ubuhinga bw’umuziki bumusaba kuba azi neza gusoma Amanota y’Umuziki (ari yo twita Solfège), kuko ari ho hari ubumenyi bw’ubwoko butandukanye bw’amanota abaho yose kw’Isi. Si uwo ari we wese ashobora kwiterera ngo araririmvye, kuko si bose bafise impano y’ijwi ryiza ryo kuririmba, na cane-cane iyo bifuza gukora urudandazwa rw’ umuziki wabo. Basabwa kuririmba mw’ijwi ryiza, rirongorotse, riryohera ugutwi, rigatuma n’ubumviriza yifuza kugura indirimbo zabo. Umuririmvyi wese yiyemeje kwinjira muri uwo mwuga no kuwukora neza (professionnel), ategerezwa kwiga Ubuhinga bwo kuririmba neza ku mategeko. Ariko naho yoba yaravyize, ategerezwa kwama agira imyiimenyerezo n’imiburiburi y’amasaha nk’atatu ku musi, aririmba indirimbo zitandukanye zanditse mu manota (solfège) canke yigana izindi yoba azi, kugira ijwi ryiwe rifate umurongo mwiza, riteko rirongoroke kandi rigire inguvu zikwiye. Kutagira iyo myimenyerezo bituma ijwi rizingama, rigasa n’iryaguye ingese, ryasaraye, mbere n’ubuhinga bwo gukoresha impwemu ziwe mu kuririmba, bugatakara. Umuririmvyi (chanteur) si ngombwa ngo abe ari we yandika canke ahingura Indirimbo aririmba nk’uko abaririmvyi bose dufise aha mu Burundi bama bavyiyumvira. Turaza kubitahura neza mu bice bikurikira.

b) Izina «Instrumentiste» ni we twita « Umucuraranzi » uwo ari we wese. Igikorwa ciwe ni ugucuraranga ibicurarangisho kanaka vy’umuziki aherekeza indirimbo iba iriko iraririmbwa canke akabivuza vyonyene gusa (tuvyita: Musique instrumentale). Ibicurarangisho biri mu mirwi myinshi kandi vyose ntibikoreshwa kumwe mu ndirimbo. Amashure yose y’ubuhinga bw’Umuziki kw’Isi arigisha neza bihagije ivy’ugucuraranga n’ivy’ikoreshwa ry’ibicurarangisho mu ndirimbo. Kutamenya gukoresha neza igicurarangisho aho kiba gikwiye gukoreshwa no mu gihe gikwiye, biratuma ururirimbo rutakaza akanovera karwo canke rukononekara. Rero, bacuraranzi bo mu Burundi, ntitwishimire gusa kuvuga ngo «Ndazi gucuraranga Guitare canke Piano canke Saxophone canke Inanga, Ikembe n’ibindi, ariko tugire tuti: Ndazi gukoresha neza igicurarangisho nzi kuvuza mu kibanza no mu gihe kibereye gukoreshwamwo». Biracaza mu Cigwa kizokurikira.

Abifuza guterera kugira iki Gitabo kigwizwe
kandi gisohorwe ku bwinshi, botwandikira:

INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA
B.P. 197 Gitega, Burundi
Tel : +257 79 877 097 ou +257 77 758 123
E-mail : baransajust@gmail.com
https://musicologygitega.wordpress.com

Publicités

Publié par

MUSICOLOGY GITEGA

Ancien professeur de Musique, Justin BARANSANANIKIYE fut l’un des fondateurs de l’Orchestre national du Burundi en 1977. Il a participé à différents programmes inter-africains pour la promotion de la Musique tenus au Niger, au Bénin et au Togo. En 1991, il reçoit son « Doctor of Divinity », et en 1993, son « Doctor of Ministry » de Asia Graduate University and Theological Seminary, ainsi que l’« International Culture Prize in Religion ». Evêque depuis 1999, il est le fondateur de L’INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA en 2013. Il est aussi auteur du livre "THE SWEEPING WAVE", (ISBN : 978-1-4567-8172-9) publié en 2011 aux éditions Authorhouse, Indiana, USA, et aussi "DE L'INANGA A LA GUITARE CLASSIQUE-L'HISTOIRE DE LA NAISSANCE DE LA MUSIQUE BURUNDAISE MODERNE" en 2014.

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s