(7) Icigwa kigira indwi : ABANDIKA AMAJAMBO Y’INDIRIMBO, BAKAZIHINGURA MU MAJWI, KANDI BAKAZIRIRIMBA (Auteurs-Compositeurs et Interprètes) IBIKURIKIRA.

(7) Icigwa kigira indwi : ABANDIKA AMAJAMBO Y’INDIRIMBO, BAKAZIHINGURA MU MAJWI, KANDI BAKAZIRIRIMBA
(Auteurs-Compositeurs et Interprètes)
IBIKURIKIRA.
Ibi Vyigwa vyabuwe mu Gitabo gishasha citwa « UGUKORA URURIRIMBO KUVA MW’ITEGURWA RYARWO GUSHIKA RUSOHOTSE », Canditswe na Mgr. Justin BARANSANANIKIYE.

c) Hari umuhinga mu muziki twita «Compositeur» (mu Kirundi twomwita «Uwuhingura canke mbere uwurema ururirimbo – Créateur»). Uyu ni we yiyumvira ijwi ry’ururirimbo, akaryandika mu manota (igihe aba yarize ubwo buhinga bwo kwandika amanota) canke akarifata ku vyuma bigezweho bifata amajwi bikayabika, naho yoba atararonka amajambo yarwo.

Rero, tuvyumve neza: Si ngombwa ngo «Compositeur» abe ari we nyene atora canke yandika amajambo y’urwo ruririmbo aba yahinguye (yaremye). Arashobora kuba yahinguye amajwi yarwo, akayagumiza ngaho abitswe, arindiriye uwundi Muhinga mu muziki yoyashirako amajambo. Ingorane dufise hano mu Burundi rero, nuko abitwa aba « Musiciens » bagomba ngo babe abahinguzi b’amajwi y’indirimbo bongere babe n’abanditsi b’amajambo yazo, kandi batazi canke batize ubuhinga bwo kwandika amajambo. Canke, ugasanga uwufise ingabire n’ubuhinga bwo kwandika amajambo y’indirimbo, ariko agashaka no gukora igikorwa co guhingura umuziki mu manota atavyo yize, atabizi ko na kimwe.

Ibi rero biri mu bituma hariho indirimbo nyinshi cane zakozwe n’abaririmvyi bo ngaha mu Burundi, iyo uzumvirije, udashobora gutora neza ivyo baririmba ivyo ari vyo, canke ugasanga amajambo ari ay’amomekerano, yononywe mu
mvugo y’Ikirundi kandi atajanye namba n’umuziki. IVYO DUKWIYE KUBIKOSORA nitwaba twifuza koko Iterambere ry’Umuziki w’Uburundi.

Usangwa umu “Musicien” kanaka yiyumva ko ashoboye guhingura canke kurema amajwi y’indirimbo, N’AKORE IVYO NYENE, aheze arekere abashoboye ivyo kwandika amajambo babikore. Aha rero, tukaba tuvuniye akagohe abize mu Gisata c’ururimi rw’Ikirundi muri Kaminuza (ari bo banonosoye neza ivyo kwandika ururimi rw’Ikirundi), ngo badufashe bafate mu minwe iki gikorwa co kwandika amajambo meza (poésie) mu Kirundi kiryohoye kandi cumvikana, azoshobora KUGURWA n’abaririmvyi badashoboye kuyiyandikira. Vyoba vyiza kandi kurusha, hamwe Ubushikiranganji bw’Imico Kama bwoshinga itegeko rihimiriza abaririmvyi b’Abarundi, kutaririmba amajambo atasuzumwe n’abahinga muvy’ururimi rw’Ikirundi. Iyo ni yo nzira yonyene iriho yo kunagura no guteza imbere ukuririmba neza mu rurimi rw’Ikirundi.

d) Hari uwundi muhinga mu muziki twita «Parolier» (mu Kirundi ni «Uwandika amajambo y’ururirimbo»). Uyu, akazi kiwe, ni ukwandika amajambo gusa, ayasabwe n’abaririmvyi bifuza kuyaririmba mu ndirimbo zabo, canke nk’uko twamaze kubivuga, akayandika ayabika ategereye uwoyakenera. Ico gikorwa turagikora muri Institut de Musicologie de Gitega ; abavyifuza bobidusaba tugaheza tukabandikira mu kirundi coza amajambo ajanye n’ico bifuza kuririmbako, na bo bakayagura.

Ku rundi ruhande na ho, nk’uko twabivuze, uwandika amajambo y’indirimbo, si ngombwa ko uyo « Parolier » aba ari we muririmvyi azoririmba ayo majambo canke ngo abe ari we azoba umucuraranzi. Mu Muziki AKAZI KARAGABUYE, TUVYUMVE NEZA TWESE. Rero uyo mwanditsi w’ amajambo, ntace yiha igikorwa co kurondera amajwi y’ururirimbo yojana n’ayo majambo yanditse KANDI ATABIFITIYE INGABIRE N’UBUMENYI. N’arondere umuhinga wavyo abimufashemwo.

Hamwe aba “Musiciens” bo mu Burundi botahura neza ibi bintu kandi bagatangura kubikorerako, bakongera bakavyubahiriza, hohinduka ikintu kinini cane mu ndirimbo bokora. Mu bisanzwe, amategeko mpuzamakungu agenga ibikorwa nkomokabwenge (droits d’Auteur) birimwo n’ivy’Umuziki, avuga ko mw’igurishwa ry’ururirimbo hariho ibice kanaka kw’ijana bigaburwa hagati y’abagize ico batereramwo bose. Uwahinguye amajwi (umuziki) araronka umugabane wiwe; uwanditse amajambo na we nyene araronkako; abahinyanyuzi n’abarusohoye na bo nyene bararonkako, co kimwe n’abaririmvye mu majwi.

ICITONDERWA :
Abaririmvyi bo mu Burundi, nibavavanure burundu n’ako kageso ko kwiyumvira ko bashoboye vyose mu Muziki, bemere gusabikanya n’ababishoboye ibikorwa vyo gukora indirimbo. Umwuga wabo uzoca ugira intambuko nini cane mw’iterambere.

Abifuza guterera kugira iki Gitabo kigwizwe
kandi gisohorwe ku bwinshi, botwandikira:

INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA
B.P. 197 Gitega, Burundi
Tel : +257 79 877 097 ou +257 77 758 123
E-mail : baransajust@gmail.com
https://musicologygitega.wordpress.com

Publicités

Publié par

MUSICOLOGY GITEGA

Ancien professeur de Musique, Justin BARANSANANIKIYE fut l’un des fondateurs de l’Orchestre national du Burundi en 1977. Il a participé à différents programmes inter-africains pour la promotion de la Musique tenus au Niger, au Bénin et au Togo. En 1991, il reçoit son « Doctor of Divinity », et en 1993, son « Doctor of Ministry » de Asia Graduate University and Theological Seminary, ainsi que l’« International Culture Prize in Religion ». Evêque depuis 1999, il est le fondateur de L’INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA en 2013. Il est aussi auteur du livre "THE SWEEPING WAVE", (ISBN : 978-1-4567-8172-9) publié en 2011 aux éditions Authorhouse, Indiana, USA, et aussi "DE L'INANGA A LA GUITARE CLASSIQUE-L'HISTOIRE DE LA NAISSANCE DE LA MUSIQUE BURUNDAISE MODERNE" en 2014.

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s