(8) Icigwa kigira umunani : ABARYOHORA INDIRIMBO IMBERE YUKO ZIJA MURI STUDIO.

(8) Icigwa kigira umunani : ABARYOHORA INDIRIMBO
IMBERE YUKO ZIJA MURI STUDIO.
(Ibi Vyigwa vyabuwe mu gatabo gashasha kitwa
“UGUKORA URURIRIMBO, KUVA MW’ITEGURWA RYARWO
GUSHIKA RUSOHOTSE” kanditswe na Mgr. Justin BARANSANANIKIYE)

Iyo ururirimbo rumaze kuronkerwa ijwi n’amajambo, igikorwa ntikiba gihereye ngaho, kandi n’igihe co kurujana kurusohora muri studio ntikiba kiragera. Ruba rugikeneye gutorerwa neza ivyo mu muziki twita “Mode (majeur canke mineur)” ruzoririmbwamwo hamwe na “Tonalité” (ni ukuvuga urugero rutari hejuru canke hasi cane, ariko rugereranye ku bazoruririmba). Akenshi abaririmvyi batigishijwe ibi usanga baririmbira hejuru cane, bigatuma bavuza urwamo cane, bakamena amatwi abantu. Ivyo mbere bibatera gusarara ubwabo, gushika aho badashobora kumara n’amasaha abiri yonyene ya ‘Concert’.

Si ivyo gusa. Ivyo bikorwa bica bijana n’ico kurwandika mu manota y’umuziki (solfège). Umuhinga akora ico gikorwa yitwa ARRANGEUR MUSICAL. Abikora rero afatanije na “Compositeur” wa nya ruririmbo (uwaremye ijwi ryarwo), kugira agende aramubwira ivyo yifuza ko bijamwo aha na hariya. Abahingura indirimbo benshi bo ngaha mu Burundi, barakunda kwiha gukora ama “ARRANGEMENTS” mu ndirimbo zabo kandi batabishoboye. Ugasanga bisunga gusa ivyo bumvise mu ruririmbo kanaka rw’uwundi muririmvyi, naho biba bitajanye n’urwiwabo canke bidahuje ico twita “Style musical”.

« Arrangeur Musical » ni nde, kandi akora iki ? Ubwa mbere na mbere, twomenya ko « Arrangeur Musical» ari Umuhinga yize cane Umuziki kandi akanonosora ivy’amategeko yawo, akaba azi neza ingene wandikwa mu manota n’ingene uririmbwa kandi uvuzwa ku bicurarangisho bitandukanye. Uyu Muhinga karuhariwe w’Umuziki akora igikorwa twita “Créer des Arrangements” (ni ukuvuga kwongera mu ruririmbo impinyanyuro ziruryohora haba ku ruhande rw’amajwi canke rw’ibicurarangisho). Nk’uko twamaze kubivuga, si ngombwa ngo ARRANGEUR MUSICAL abe ari we « Compositeur » w’indirimbo aryohora. Iyo yongeyemwo canke agapanga amajwi y’ibicurarangisho vyokora mu ruririmbo, aba atandukiriye igikorwa c’uwundi muhinga w’Umuziki twita «ORCHESTRATEUR». Ivyo birakunda gushika cane-cane muri wa muziki duhora twumva uherekeza ama cinema.

Uyu « ARRANGEUR MUSICAL» rero, abaririmvyi bamuzanira ijwi ry’ururirimbo (mélodie) bavumbuye, rufise canke rutagira “Accompagnement”, agaca akora ibisigaye vyose kugira rube ururirimbo rwuzuye. Iyo bikenewe, arashobora mbere guhindura “style” y’ururirimbo akarushira mu yindi yumva ko irubereye. Arashobora no guhinyanyura ukuntu ururirimbo rwari rwanditse mu manota, akarukora kugira uwundi muririmvyi azoruririmbe.« Arrangeur Musical » ni umuhinga w’Umuziki (Technicien de la Musique) karuhariwe vy’ukuri yabunyoye. Twaguye mu yandi majambo ivy’igikorwa ciwe, twovuga kandi ko ari we apanga neza amanota y’ururirimbo mu kibanza akwiye kubamwo, akayatorera n’ibicurarangisho bibereye kujana.

Hejuru y’ivyo tuvuze, « Arrangeur Musical » :
– Ategerezwa kuba ari umuntu yize bihagije Ubuhinga bwo gupanga uko ibicurarangisho bikwiye guherekeza indirimbo izo ari zo zose.

– Ategerezwa kuba kandi azi kwandika neza mu manota (Partitions) umuziki w’indirimbo z’ubwoko ubwo ari bwo bwose.

– Ategerezwa kuba yarize, akanonosora ivyigwa vya “HARMONIE” (ni bwo buhinga bwo kwandika amajwi atandukanye ajana ari menshi mu kuririmba akaryohera ugutwi). Ivyo ni vyo bimushoboza kuba yohingura kandi akaryohora imiziki itandukanye igezweho nk’irya twita Pop-rock na variétés. Ivyo vyose, abaririmvyi bacu bo mu Burundi bakwiye kumenya ko batavyigira mw’ibaraba. Nibaje mu mashure y’ubuhinga bw’umuziki bavyigishwe hanyuma bakore umwuga wabo bawuzi neza, bareke kuguma biyononera ubwabo.

Iyo ururirimbo kanaka rutaciye mu minwe ya « Arrangeur Musical », ntibigoye kuruhinyura, kuko rurumvikana ko hari ibibuzemwo canke ko hashizwemwo ibitari bikenewe kubamwo. Ico tumenyereye kubona aha mu Burundi, nuko aba “Musiciens” bacu bahengera gusa baronse ijwi n’amajambo y’ururirimbo kenshi atanafashe, bagaca biruka marimari no muri studio ku ba “Réalisateurs” na bo nyene bagikeneye kwigishwa vyinshi.

Abo biyita aba “Réalisateurs » na bo, kubwo kuba barakoze uwo mwuga igihe kirekire, barafise ugutwi kwumva ningoga ko ururirimbo rutaciye kwa “Arrangeur” ngo aruryohore. Kubera ko tugikenye cane abitwa aba “Arrangeurs”, abo ba “Réalisateurs” na bo baciye biha ico gikorwa naho ata bumenyi bukwiye babifitiye. Ni ho harya twama twumva indirimbo nyinshi zishaka gusa, umengo nta gishasha kiri mu muziki wazo, izindi na zo tukumva hashizwemwo ibicurarangisho bizonona hamwe n’amajwi aririmbwamwo adahuye na mba n’amategeko y’umuziki. Ahandi na ho, ugasanga ururirimbo baruhinduye, bakaruha “style” bitaberanye na gato. Ivyo biva ku ba “Réalisateurs” baba bihaye gukora igikorwa atari rwabo cari kigeneye umu « Arrangeur Musical ».
« Arrangeur Musical » ni we abwira umuririmvyi ati “Ururirimbo rwawe ruregereje gukwiza ibikenewe kugira rusohoke”. Iyo yabonye ko hari ivyo atashizemwo bikwiye vyo kuryohora neza ururirimbo, ni we aca abwira nyenerwo ati “Rujane kwa ORCHESTRATEUR” aheraheze ibisigaye” bijanye n’ibicurarangisho.

Abifuza gutanga intererano kugira aka gatabo gasohorwe
Ku bwinshi botwandikira.

INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA
B.P. 197 Gitega, Burundi
Tel : +257 79 877 097 ou +257 77 758 123
E-mail : baransajust@gmail.com
https://musicologygitega.wordpress.com

Publicités

Publié par

MUSICOLOGY GITEGA

Ancien professeur de Musique, Justin BARANSANANIKIYE fut l’un des fondateurs de l’Orchestre national du Burundi en 1977. Il a participé à différents programmes inter-africains pour la promotion de la Musique tenus au Niger, au Bénin et au Togo. En 1991, il reçoit son « Doctor of Divinity », et en 1993, son « Doctor of Ministry » de Asia Graduate University and Theological Seminary, ainsi que l’« International Culture Prize in Religion ». Evêque depuis 1999, il est le fondateur de L’INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA en 2013. Il est aussi auteur du livre "THE SWEEPING WAVE", (ISBN : 978-1-4567-8172-9) publié en 2011 aux éditions Authorhouse, Indiana, USA, et aussi "DE L'INANGA A LA GUITARE CLASSIQUE-L'HISTOIRE DE LA NAISSANCE DE LA MUSIQUE BURUNDAISE MODERNE" en 2014.

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s