IGITERAMO C’AKARORUHORE CO GUSHIRA KU MUGARAGARO URUKURIKIRANE RUSHASHA RW’INDIRIMBO ZA YVES KAMI

Umuririmvyi Rurangiranwa w’Umudiho Ndundi,
YVES KAMI, Afashwe mu mugongo na
Institut de Musicologie de Gitega
Yabateguriye:

IGITERAMO C’AKARORUHORE CO GUSHIRA
KU MUGARAGARO URUKURIKIRANE RUSHASHA
RW’INDIRIMBO ZIWE YISE “UMWANYA”!
(Ngibi ivyo yaganiriye n’uruganda rw’Ishure Kaminuza
Y’Umuziki, INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA)

URUGANDA : Amahoro cane Yves KAMI. Turanezerewe cane kwumva aka gakuru keza kerekeye urukurikirane rwawe rushasha ugiye gushira ahabona mu giteramo wateguye. Mbega wobwira neza na neza abakunzi bawe hamwe n’abandi bakunda umuziki aho ivyo bizobera ?

KAMI : Amahoro cane. Nanje ndanezerewe kuba Ishure Kaminuza y’Umuziki, INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA yaremeye kumfata mu mugongo muri kino gikorwa. Iki giteramo kizoba ku musi wa gatandatu itariki 19 za kuno kwezi kw’umunani, kuva isaha cumi z’umuhingamo, harya mu Kigo Ndangakaranga citwa “American Corner”, mu gisagara ca Gitega. Nta giciro kizosabwa ku bazoza kubiraba. Ariko abifuza guterera ku bushake bwabo, bobikora.

URUGANDA: Ariko rero hano hari akabazo abavyumvise bariko barabazanya, bati, Mbega ni kuki KAMI yise urwo rukurikirane rushasha “UMWANYA”/ Yashatse kuvuga iki?

KAMI: Iyi album nayise “UMWANYA” ntumbereye kwerekana cane-cane ko “UMWANYA” ari ikintu gitinyitse.

URUGANDA: UMWANYA uratinyitse? Wobisobanura gute?

KAMI: Egome, vyumvirize nawe uheze umpinyuze. Hari igihe twifuza ko ibihe turimwo vyoramba, tugaca dusaba UMWANYA ngo ube ubuziraherezo. Hakaba n’igihe twifuza ko ivyo turimwo vyohera ningoga, ariko UMWANYA ugaca wiyankira. UMWANYA rero uza werekana Alufa na Omega y’ikintu ico ari co cose.

URUGANDA: Ni ukuvuga “Intango n’iherezo” y’ikintu ico ari co cose.

KAMI: Ni vyo! Vyongeye, UMWANYA utwereka ko ata woja hejuru y’abandi canke ngo ahemuke hanyuma aheze ashire akaguru mw’ikoma, yiraramire. Ni nk’uko ata wobabara abonye ivyiwe bimeze nabi, ata kigenda.

URUGANDA: Ariko, mu bisanzwe, ivyo vyose vyama bishikira abantu bose mu kubaho kwabo, ugasanga bategerezwa guca mu bibababaza, si ko none?

KAMI: Ni ko biri, ariko si ko vyari bikwiye kumera. Burya “UMWANYA urashira ibintu ku rutonde. Mbega wari uzi ko « Umwanya wamanye n’Imana kuva aho hambere ? ». Ni co gituma kubwanje ndawutinya, nkawubaha. Usumba ivyitwa ko bitinyitse vyose, nka ya ma bombe bita « atomique », canke itabagurika ry’igisenge gikinga imishwarara, canke za virusi ziteye ubwoba za Ebola na Sida.

URUGANDA : bwa bundi ibintu birakomeye vy’ukuri ! None, mwocira ku mayange abakunzi b’umuziki mukora, bakamenya indirimbo zizoba zigize urwo rukurikirane rushasha ?

KAMI : Ego cane.
– Ururirimbo rwa 1 rwitwa BURUNDI, aho mpayagiza igihugu canje c’amavukiro.
– Urwa 2 rwitwa UMUGENZI, rukerekana umugenzi w’ukuri uko amera.
– Urwa 3 rwitwa NI UVE MU MAHANGA. Kukaba nka ko, ntawutamira ngo amire umukunzi wiwe ari hanze. Nifuza nanje ko umukunzi wanje ari hanze yogaruka, kugira nongere ndamutembereze mu bibanza vyiza vy’iratiro dufise mu gihugu cacu.
– Urwa 4 rwitwa MBEGA NZOHINDUKA ? Ico ni ikibazo niha ubwanje, aho nibaza ko nzohinduka ninamara gushika iyo nifuza gushika, kuko nama mbona umuntu yahawe n’Imana, agaca yigira umuhinga, ugasanga mbere yarahindutse umutima akaba igikoko.
– Urwa 5 rwitwa INGO DUTAMBE, aho nsaba ko twofatanya mu gutamba umudiho wacu.
– Urwa 6 rwitwa UMUDIHO W’I WACU, aho nerekana icarico umudiho wacu aha Burundi, nkerekana uwo ari wo, nkavuga n’abaririmvyi bawukoze guhera kuri wa mucuraranzi rurangiranwa w’umuduri, NKESHIMANA Emmanuel, gushika ubu. Nkaca mvuga ko mfise indoto yo kuzowukwiragiza kw’isi yose mu migabane y’isi yose.
– Urwa 7 rwitwa UMWANYA. Aha mvuga ko ikintu ca mbere co gutinya kuri iyi si ari Umwanya…Ni wo werekana intango n’iherezo y’ikintu cose kandi ni wo werekana n’ibihishijwe. Ni wo uhinyuza amahinyu ahinyitse…
– Urwa 8 rwitwa URWARUKA TURASHOBOYE, aho mvuga ko inguvu zacu twebwe Urwaruka zikomeye cane, kandi ko tuzikoresheje neza zotuma Igihugu cacu gihinduka kigatera imbere cane dushize hamwe inguvu n’ubumenyi twahawe.

URUGANDA : Eka ni igitangaza, KAMI, ingabirano ikomeye nk’iyo ntiyahawe bose. Turizeye ko urundi rwaruka ruzokwigirako vyinshi. Abakunzi mwese b’umuziki ndundi ukorwa n’umuririmvyi Yves KAMI, mwibuke ko isango ari ku mus iwa gatandatu, itariki 19, guhera isaha icumi z’umuhingamo, harya mu Kigo Ndangakaranga « American corner’ i Gitega.

Twandikire canke utwakure :
INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA
B.P. 197 Gitega
Tel : 79 877 097
Email-1 : musicologygitega@gmail.com
Email-2 : baransajust@gmail.com
Website : http://www.musicologygitega.wordpress.com

Publicités

Publié par

MUSICOLOGY GITEGA

Ancien professeur de Musique, Justin BARANSANANIKIYE fut l’un des fondateurs de l’Orchestre national du Burundi en 1977. Il a participé à différents programmes inter-africains pour la promotion de la Musique tenus au Niger, au Bénin et au Togo. En 1991, il reçoit son « Doctor of Divinity », et en 1993, son « Doctor of Ministry » de Asia Graduate University and Theological Seminary, ainsi que l’« International Culture Prize in Religion ». Evêque depuis 1999, il est le fondateur de L’INSTITUT DE MUSICOLOGIE DE GITEGA en 2013. Il est aussi auteur du livre "THE SWEEPING WAVE", (ISBN : 978-1-4567-8172-9) publié en 2011 aux éditions Authorhouse, Indiana, USA, et aussi "DE L'INANGA A LA GUITARE CLASSIQUE-L'HISTOIRE DE LA NAISSANCE DE LA MUSIQUE BURUNDAISE MODERNE" en 2014.

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s